CICR yahagaritse imfashanyo ku mpunzi z'i Kanyabayonga kubera imigwano

Umuryango utabara imbabare kw'isi, CICR, kuva mu mpera z'indwi iheze warahagaritse igikorwa co gutanga imfashanyo y'ibifungurwa ku bantu bateshejwe izabo baba i Kanyabayonga, Burangiza na Bulindi, mu buraruko bw'intara ya Kivu ya Ruguru.

Ico gikorwa cari catanguye itariki 30 z'ukwezi guheze, cari gitegekanijwe ko kirangira inyuma y'imisi cumi, cahagaze.

Itangazo rya CICR ryo kuri uyu wa kabiri itariki zine z'ukwezi kwa Ruheshi(6) rivuga ko intambara iri hagati y'ingabo za reta FARDC n'umugwi wa M23 zigenda zibera mu micungararo ya Kanyabayonga zatumye benshi mu bari bateshejwe izabo basubira guta bakomoka.

Myriam Favier arongoye CICR i Goma agira ati:"Ku bantu 58.000 bari bagenewe iyo mfashanyo, twashoboye gufasha gusa 29.046.

"Dufashijwe n'abakorerabushake ba Croix-Rouge bo muri Republika ya Demokrasi ya Congo, twarashoboye gutanga imfungurwa zigizwe n'ifu y'ibigori, ibiharage, amavuta hamwe n'umunyu.

"Intumbero yari iyo kubafasha mu bintu bakeneye vyihuta bigizwe n'ibifungurwa."

Abari bagenewe iyo mfashanyo n'abari bahunze hagati y'ukwezi kwa mbere n'ukwa kabiri mu 2024, bava mu turere twa Rutshuru na Walikale, intambara yariko irahabera.

Yari yo mfashanyo ya mbere, benshi muri iyo miryango yari ironse kuva muri Nzero(1) uyu mwaka.

Benshi muri bo bari bamaze guhunga incuro nyinshi, bakaba ata buryo na buke bwo kubaho bagifise.

Myriam Favier agira ati: "Turatewe umutima uhagaze n'abo banyagihugu. Uko bahunga, ni ko bamererwa nabi gusumba. Turatewe umutima uhagaze kandi n'uko intambara ziriko zirabera mu micungararo y'uturere tubamwo abantu benshi, haba mu micungararo ya Kanyabayonga, ariko kandi n'i Sake muri Masisi hamwe no mu micungararo ya Goma.

"CICR iributsa ko impande zose ziri mu ntambara zitegerezwa gufata ingingo zose zishoboka mu kudatuma haba ingaruka zikomeye ku basivire."

Kugira CICR ishikane imfashanyo i Kanyabayonga ivuye i Goma, yokoresheje amakamyo ane, aca mw'ibarabara rya Rutshuru - Kiwanja - Mabenga na Rwindi.

Ayo makamyo kandi yaraciye ahariko harabera imigwano habanje kuba ibiganiro n'impande zose ziriko ziratana mu mitwe, kugira umutekano wayo wubahirizwe.

CICR ivuga ko abateshejwe izabo bari mu ngorane zitagira uko zingana.

Myriam Favier ati: "Baba abari mu miryango yabakiriye canke mu makambi y'abateshejwe izabo, baba mu bukene burenze urugero, aho bakeneye ibintu vya nkenerwa vy'ibanze n'ibifungurwa, amazi meza canke kuvurwa.

"Turiko turakurikirana uko ibintu bitera bigenda tunihweza uburyo twoheza gutanga ivyo bifungurwa ku banyagihugu babikeneye cane i Kanyabayonga."

Imisozi ikikije Sake iriko ibirindiro bimwe bimwe vya M23, mu gihe muri 'centre' ya Sake ugenda uja mu buseruko i Mubambiro na Goma hakigenzurwa n'ingabo za reta, ingabo za SADC hamwe n'imigwi yitwaje ibigwanisho yiyita 'Wazalendo' ishigikiye reta.