Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ni ‘iteka’ kuri Kylian Mbappé yagendeye Kameruni, amamuko yiwe
- Umwanditsi, Cecilia Macaulay
- Igikorwa, BBC News
Wa musatirizi karuhariwe w’Ubufaransa mu mupira w’amaguru Kylian Mbappé avuga ko ari “iteka” kuri we kubona yagendeye Kameruni/Cameroun/Cameroon, igihugu ciwe “c’amamuko”.
"Ndanezerewe cane kubona ndi hano", niko avuga, akongerako y’uko abantu bamweretse “urukundo” rwinshi cane.
Imbere y’aha, abafana b’umupira w’amaguru babwiye BBC ingene baryohewe n’uru rugendo.
Umugabo umwe yabwiye ikiganiro ca BBC, Newsday, ati: "Twese twari turindiranye igishika uwu musi, none ng’uwu urashitse”.
Yongerako ati: "Ni ikintu gitera intege kuri Kameruni, si kuri Kameruni gusa ahubwo ni ku mugabane wose”.
"Kubona ari hano vyerekana ko muhira ari muhira – ni ngombwa ko ugaruka muhira”.
Uno kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa akaba n’umusatirizi wa PSG, ubu afise imyaka 24 – akaba yavukiye i Paris mu Bufaransa kuri se wiwe w’Umunyakameruni – yarabonanye n’umushikiranganji wa mbere wa Kameruni Joseph Ngute ejo ku wa gatanu, hamwe n’abandi bategetsi.
Ni rwo rugendo rwiwe rwa mbere muri Kameruni kuva akiri umuyabanga.
Uyu mukinyi karuhariwe kandi yabonanye n’ibindi bihangange mu vyo kwinonora imitsi, nk’umukinyi karuhariwe mu vyo kurwana (Mixed Martial Arts, MMA), Francis Ngannou, yerekanywe ari kumwe na we yifotoza amwenyura.
Yakinanye kandi umupira w’amaboko n’uwahoze akinira umurwi Chicago Bulls wo muri Amerika Joakim Noah ku kibuga Noah's court, akaba yanahifotoreje n’abari baje kurorera urwo rukino. Mu nyuma yarakinye umupira w’amaguru aho yahuye n’umurwi wo muri Kameruni Vent d'Etoudi FC, nk’uko vyandikwa na Reuters.
Mbappé kandi ariko arakora ibikorwa vy’ubutabazi mu rugendo rwiwe kw’izina ry’ikigo ciwe kirondera gufasha urwaruka gushika ku ndoto zabo.
Umunyamakuru wo muri Kameruni Henry Tataw Ekambi yabwiye BBC Newsday ko kimwe mu bintu nyamukuru vya mbere Mbappé yakoze acururuka indege kwabaye ukugendera ishure “ry’abana bafise ingorane zo kwumva no kuvuga risanzwe rifashwa n’ikigo ciwe”.
Reuters ryamusubiyemwo avuga ati: "Turiko turakora uko dushoboye kwose mu guharanira kazoza keza muri Kameruni”.
Kazoza k’uno mukinyi mu murwi wiwe wa PSG ntigatomoye neza inyuma y’aho avugiye ko ata yandi masezerano azogiriranira n’uno murwi inyuma ya 2024.
Kuva yinjiye muri PSG mu 2017, ubwa mbere nk’intizo avuye muri Monaco imbere yo gutera igikumu ku masezerano aho yaguzwe imiriyoni 180 z’ama-euro, Mbappé amaze kwinjiriza uno murwi ibitsindo 212 mu nkino 260.
Yarakiniye kandi n’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa igihe utahukana igikombe c’isi yose mu 2018.