Ukraine – Russia: Ni gute Trump yoshobora guhindura ino ntambara?

    • Umwanditsi, Na Anthony Zurcher
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC muri Amerika y'uburaruko

Mu gihe gito yamaze ku butegetsi ariko cabayemwo ibintu vyinshi muri poritike, Donald Trump yabandanije yerekana ko afitiye impuhwe Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya.

Mu nama hagati ya Amerika n’Uburusiya mu 2018 muri Finland, nk’akarorero, yaranse kwakira amakuru yahabwa n’igendereza ahitamwo ahubwo kwemera ivyavugwa na Putin aho yahakana ko ativanze mu matora ya 2016.

Mu gihe Trump yogaruka muri Maison Blanche/White House, ingendo yiwe yo gushishitira Uburusiya – ari nayo iri mu barongoye umugambwe w’Abarepubulika hamwe na bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka b’uyu mugambwe – iboneka ko yoca isubira gusasirwa indava kandi ikaba ishingiro rya poritike ya Amerika.

Amajambo aherutse gushikiriza mu kiganiro caremeshejwe na CNN mu ndwi iheze, yabaye ikindi cemezo ku bamwagiriza ko yiyorosha imbere ya Putin.

Uyu yahoze arongoye Amerika yavuze ko yorangiza intambara mu masaha 24 ariko ntiyavuze ingene yobigenza. Yaranse no kuvuga nimba ashigikiye ko Ukraine yoba ari yo itsinda intambara mbere yidogera n’igiciro c’imfashanyo ya gisirikare.

"Nta masasu yacu bwite dufise. Dutanga vyinshi cane”, niko yavuze, mu kwagiriza ibihugu vya Bulaya ko bidatanga imfashanyo ikwiye.

Mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka zimaze kwemeza amamiriyaridi atari make y’amadorari yo gufashisha Ukraine ku kiringo kanaka, Tump nk’umukuru w’igihugu ashobora gukoresha ububasha ahabwa n’ubutegetsi akadindiza canke mbere akanahagarika iyi mfashanyo.

Igihe yari umukuru w’igihugu, yarabikoze ku ngingo zimwe zimwe zerekeye imfashanyo za gisirikare zari zemejwe n’inama nshingamatkea na nkenguzamateka.

Bamwe mu ba Repubulika bagenzi we baciye bihutira kwiyamiriza amajambo yiwe, ariko birashoboka ko ari nka hamwe Trump yoramuka atowe muri Munyonyo (11) 2024, imfashanyo ya Amerika ishobora guhagarara rwose.

N’aho bitogenda uko, imfashanyo ubutegetsi bw’iki gihe bwemeye guha Ukraine butitangiriye itama kuva kera, hamwe n’inguvu zidasanzwe bukoresha mu gushira hamwe incuti zayo z’i Bulaya ku bihano vyafatiwe Uburusiya, biraboneka ko ibi vyose vyogabanuka.

Mu Bwongereza, igihugu kiriko kirongereza imfashanyo giha Ukraine, ubu ikaba irimwo ibisasu vya misire biraswa kure, hari impungenge z’ingene ibintu bishobora kugenda ku butegetsi bwa Trump.

Ari nka hamwe Trump yohagarika guha ibirwanisho Ukraine, intambara yoca irangira uko Uburusiya bubishaka, ibi navyo bikaba vyoba akaga ku burengero, nk’uko bivugwa n’uwahoze arongoye igisata c’Ubwongereza kijejwe igendereza, Sir Alex Younger.

"Putin nta yandi mayeri yari afise igihe atera Ukraine ariko rero ubu aya niyo mayeri yiwe - kwihangana akarindira igihe ciza".

Igitigiri c’Abanyamerika bashigikiye ko Amerika ifasha Ukraine caragabanutse kuva intambara itanguye, mbere n’icigwa c’ikigo Pew Research mu ndwi iheze cerekana igitigiri ciyongera c’Abanyamerika babona ko igihugu cabo gikwiye kwitaho gusumba ingorane zaco.

Jeffrey Treistman, umwigisha kuri kaminuza ya New Haven mu ntara ya Connecticut, avuga ko bitagaragara neza nimba ari nka hamwe Amerika yohagarika imfashanyo yayo intambara yoca irangira ubwo nyene – ishobora kubandanya imyaka itari mike mbere iharurwa muri mirongo.

Ati: "Abanya-Ukraine ubwabo barerekanye ko batarota batezura mu kurwanya Abarusiya no gusubiza inyuma iki gitero bakoresheje imfashanyo ntoya bahawe mu ntango.

"Rero, n’aho Amerika yohagarika imfashanyo, intambara irashobora kubandanya igihe kanaka".

Nimba Kyiv ifise ubwoba, ntishaka kwerekana ku mugaragaro ko ifise impungenge na nkeya.

Umusi Trump avuga aya majambo, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yabwiye BBC ko ata bwoba afise ku matora ya 2024.

Mu kwerekana ko ata bwoba afise ko imigenderanire hagati ya Amerika na Ukraine ishobora kugabanuka, yavuze ati: "Nibaza ko hasigaye umwaka umwe kugira ngo amatora muri Amerika abe. Ni nde azi aho tuzoba turi? Azoba mu mwaka umwe. Ndabona ko gushika ico gihe tuzoba twatsinze. Reka tuzobirabe".