Abasirikare b'Uburusiya banka kuja kurwana muri Ukraine

Bamwe mu ngabo z’Uburusiya bariko baranka gusubira ku rugamba muri Ukraine kubera ivyo babonye intambara igitangura, nk’uko bivugwa n’abaharanira agateka ka zina muntu b’Abarusiya.

BBC yavuganye n’umwe muri basirikare nk’aba.

Sergey – izina ryiwe ryahinduwe – yamaze amayinga atanu arwana muri Ukraine mu ntango z’uno mwaka, agira ati: “Sinshaka gusubira [muri Ukraine] kwica no kwicwa”.

Ubu ari muhira, inyuma y’ubufasha yahawe n’abanyamategeko kugira ntasubire kurungikwa ku rugamba.

Sergey ni umwe gusa mu bandi basirikare b’Uburusiya baharurwa mu majana bazwi ko barondeye ubu bufasha. Sergey avuga ko yahahamuwe n’ivyo yabonye muri Ukraine.

N’ishavu, uyu musore avuga ati: “Nahora nibaza ko turi igisirikare c’Uburusiya, igisirikare ca mbere gikomeye kw’isi”. Avuga ahubwo ko bategerezwa kuja kurwana ata n’ibikoresho vya ngombwa bafise, nk’ibifasha kubona mw’ijoro, nk’uko abivuga.

“Twari nk’abana b’inyabu z’impumyi. Ndababazwa n’igisirikare cacu. Nta bintu vyinshi bisabwa kugira ngo turonswe ivya nkenerwa. None ni kubera iki batabikoze?”

Sergey yinjiye igisirikare ku gahato – Abarusiya bose b’abagabo bari hagati y’imyaka 18-27 bategerezwa kuja mu nyigisho za gisirikare z’umwaka umwe.

Ariko inyuma y’amezi make, yafashe ingingo yo gutera igikumu ku masezerano yo kubandanya igisirikare mu kiringo c’imyaka ibiri, ivyari kumutuma aronka umushahara.

Mu kwa mbere, Sergey yarungitswe hafi y’urubibe rwa Ukraine mu vyo yabwiwe ko yari imyimenyerezo ya gisirikare. Haciye ukwezi – ku wa 24 Ruhuhuma (2), umusi Uburusiya butangura igitero – yategetswe kujabuka urubibe. Ubwo nyene ata n’akanya kahaciye, umurwi yarimwo waciye wakirizwa umuriro.

Mu gihe bari baruhutse ku kagoroba mu mirima yahebwe, umukuru wabo yavuze ati: “Aha rero nk’uko mwamaze kubibona, nta gufyina”.

Sergey avuga ko yumvise ababaye cane.

“Iciyumviro caciye kinzamwo ubwo nyene cari ‘Ubwo none ibi biriko biba kuri jewe’?”

Avuga ko babandanije baterwa amabombe, haba igihe baba bari ku rugendo canke baruhutse mw’ijoro. Mu murwi wiwe wari ugizwe n’abantu 50, cumi barishwe abandi cumi barakomereka. Hafi bagenziwe bose bari bafise imyaka iri musi ya 25.

Yarumva bamwe mu basirikare b’Abarusiya badafise uburambe bavuga ko batari bazi ingene barasa kandi badashobora kumenya aho igisasu ca muzinga giterewe n’aho kigarukira.

Avuga ko umurwi yarimwo – igihe bariko bazunguruka mu buraruko bwa Ukraine – watatanye haciye imisi ine gusa igihe ikiraro bagomba bajabuke gisenyukiye, kigahitana bagenziwe bari imbere.

Ahandi naho, Sergey avuga ko yaciye ku basirikare bagenziwe bariko bahira mu modoka yari imbere yiwe.

“Yaturitse itewe ikibombe giterwa n’inkoho (RPG) canke ikindi kintu. Yaciye isha kandi harimwo abasirikare [b’Uburusiya]. Twaciye ku ruhande turabandanya, tugenda turasa. Sinasubije amaso inyuma".

Avuga ko umurwi yarimwo babandanije bazunguruka mu mitumba ya Ukraine, ariko ko ata buhinga bwarimwo. Nta bufasha bwadushikiriye kandi abasirikare nta bikoresho bikwiye bari bafise vyo gufata igisagara kinini.

“Twagenda ata kajugujugu dufise – ku murongo, wamengo twari tugiye kw’idefire”.

Afata ko intwazangabo zabo bari bateguye kwigarurira badatevye ibirindiro n’ibisagara bikuru bikuru - kandi bibaza ko abanya-Ukraine bari guca bamanika amaboko.

“Twihuse kubandanya imbere, tuja turaryama gato mw’ijoro, ata binogo vyo kwinyegezamwo, tutabanje gutata. Nta n’umwe twasize inyuma, urumva iyo hagira nk’uwushaka kuduturuka inyuma yari kuduhwikira ata gitabara”.

“Nibaza ko [benshi cane] muri bagenzacu bapfuye ahanini kubera iki kintu. Iyo tukagenda bukebuke, tugenda turaba ko ata mine [imitego y'ibisasu] baduteze mu mabarabara, hari benshi batari gupfa”.

Ibi bivugwa na Sergey vyo kubura ibikoresho biravugwa kandi no mu biyago vyo ku materefone bivugwa ko ivyo hagati y’abasirikare b’Uburusiya n’imiryango yabo, vyafashwe bigashirwa ahabona n’inzego z’umutekano za Ukraine.

Mu ntango z’ukwa kane, Sergey yarasubiye kurungikwa mw’ikambi iri ku rubibe ku ruhande rw’Uburusiya.

Ingabo zari zakuwe mu buraruko bwa Ukraine zikaba zasa n’iziriko ziritegurira igitero mu buseruko. Mu mpera z’uko kwezi nyene yahawe itegeko ryo gusubira muri Ukraine – ariko akaba yabwiye uwumutwara ko atari yiteguriye gusubirayo.

Sergey yabwiye BBC ati: “Yambwiye ko ari jewe nyene mpitamwo ikinkwiye. Ntibarondeye mbere no [kugerageza] kubitwumvisha , kuko ntitwari tubaye aba mbere”. Ariko yaratekewe n’ubwoba bwinshi abonye ingene bagenziwe bifashe amaze kwanka iri tegeko ku buryo vyabaye ngombwa ko arondera umushingwamanza.

Umushingwamanza yahanuye Sergey n’abandi babiri nka we ko bosubiza ibirwanisho hanyuma bagasubira ku birindiro vyabo – ari ho botangira amakete asigura ingene barushe “mu mutima no mu mutwe”, kandi ko badashobora kubandanya barwana muri Ukraine.

Sergey yabwiwe ko gusubira ku kirindiro ciwe vyari nkenerwa kuko kugenda gutyo nyene vyashobora gufatwa nko gutoroka, ibi navyo bigashobora kuvamwo umunyororo w’imyaka ibiri muri batayo ijejwe indero.

Umushingwamanza Alexei Tabalov wo mu kigo c’Uburusiya kijejwe agateka ka muntu avuga ko intwazangabo za gisirikare zigerageza gutera ubwoba abasirikare bafise amasezerano ko bategerezwa kuguma mu mirwi yabo. Ariko ashimangira ko itegeko rya gisirikare mu Burusiya ririmwo igice giha akaryo abasirikare kwanka kurwana iyo batavyiyumvisemwo.

Sergei Krivenko ari mu baharanira agateka ka zina muntu avuga ko atazi nimba hari abamaze gukurikiranwa kubera banse gusubira ku rugamba.

Ariko ibi ntibisigura ko ata bagerageza gukurikirana abanse kuja ku rugamba.

Intwazangabo imwe mu buraruko bw’Uburusiya yarasavye ko umwe mu bo atwara yokwanka gusubira muri Ukraine yokurikiranwa, ariko umushikirizamanza wa gisirikare yaranse kubikora, nk’uko biri mu nyandiko BBC yabonye.

Uyo mushikirizamanza yavuze ko ingingo nk’iyo kwoba ari “ukwihuta” mu gihe hatobanza kwihwezwa ingaruka zishobora kuba mu rwego rwa gisirikare yarimwo.

Hanyuma kandi ibi si ukuvuga ko hadashobora kuba abandi bakurikiranwa mu butungane muri kazoza.

Abasirikare nka Sergey – batinya gusubira ku rugamba – ntibakunze kuboneka, nk’uko bivugwa na Ruslan Leviev, umwanditsi mukuru w’umurwi Conflict Intelligence Team, umurwi w’abanyamakuru bakora amatohoza ku vyashikiye igisirikare c’Uburusiya muri Ukraine babicishije mu biganiro vy’ibanga n’inzadiko ziri ahagaragara.

Leviev avuga ko umurwi wiwe uzi ko hari abatari bake mu basirikare b’Uburusiya bateye igikumu ku masezerano yo gukorera igisirikare bari barungitswe muri Ukraine ubwa mbere ariko banse gusubirayo.

Ibinyamakuru vy’Uburusiya vyigenga navyo nyene biravuga abasirikare amajana n’amajana banse gusubira muri Ukraine kuva mu ntango z’ukwa kane.

Abashingwamanza n’abaharanira uburenganzira bwa muntu batari bake bavuganye na BBC bavuga ko babandanije bafasha abagabo bagerageza kwanka gusubira muri Ukraine. Umwe umwe muri aba bagirishijwe ibiganiro yaronse abatari bake bamwitura kandi ko aba basirikare babwira bagenzi babo impanuro bahabwa.

N’aho Sergey adashaka gusubira ku rugamba, arashaka guheraheza ikiringo ciwe asigaje mu gisirikare kugira ngo ntihagire ingaruka umuntu atazi bizohava bimuzanira. Ariko ibi bisigura ko – n’aho ikete ryiwe ryo kwanka gusubira kurwana baryemeye – ntawuzi ko adashobora gusubira kurungikwa muri Ukraine mu gihe azoba akiri mu gisirikare.

Abwira BBC ati: “Ndabona intambara ikibandanya, ntaho iraja.

“Muri ano mezi [duhatirwa igisirikare] nari nsigaje, ikintu ico ari co cose – harimwo n’icombabaza – kirashobora gushika”.