Umuyabaga w'imyaka 17, aregwa ubwicanyi i Southport yatangajwe izina

    • Umwanditsi, Daniel Sandford, Gemma Sherlock & Tom Mullen
    • Igikorwa, BBC News, Liverpool

Umuhungu w'imyaka 17 yagirizwa kwica abakobwa batatu batewe imbugita mw'ishure ry'intambo zifatiye ku muririmvyi Taylor Swift i Southport mu Bwongereza, yatangajwe izina.

Axel Muganwa Rudakubana, avuka ku bavyeyi b'Abanyarwanda, yagirizwa kandi ibirego cumi bijanye no kugerageza kwica nyuma y'aho abandi bana umunani hamwe n'abantu bakuze babiri bakomerekeye bikomeye muri ico gitero cabaye kuwa mbere.

Uwo yagirizwa, asanzwe aba mu karere ka Lancashire mu kigwati ca Banks, yarengutse kuri sentare y'intango ya Liverpool, akaba kandi yagirizwa kwitwaza imbugita ihese yo mu gikoni.

Yashizwe mu nyubakwa ipfungirwamwo abagirizwa ivyaha batarakwiza imyaka y'ubukuru.

Uwo muyabaga yavukiye mu muji wa Cardiff mu bisanzwe ntiyategerezwa gutangazwa izina kubera imyaka yiwe, ariko uwujejwe urubanza i Liverpool, Umucamanza Andrew Menary KC, yafashe ingingo y'uko izina ryiwe rishirwa ahabona bimaze gusabwa n'itangazamakuru.

Uwo aregwa azokwiza imyaka 18 mu ndwi iza.

Umucamanza yavuze ko yitwararitse ikibazo co "gukwiragiza amakuru atari yo" cari gitanguye guteza ingorane mu bijanye n'ibiranga uwo aregwa.

Southport yaranzwe n'ijoro ry'uruhagarara kuwa kabiri nyuma y'aho umuhango wo kwunamira abishwe, wadukiyemwo akaguma katejwe n'abahuriye impande y'umusigiti muri uwo muji wo mu karere ka Meseyside.

Abagabo batanu barafashwe - umwe muri bo aza kwagirizwa kwitwaza imbugita - nyuma y'aho umuduga w'abapolisi utuririwe hakanaterwa amatafari, abapolisi 53 bagakomereka.

Umucamanza Menary yagize ati: "Kubandanya gukumira ko hatangazwa amakuru yose kuri iyi ntambwe bifise ingaruka zo gutuma hari abavyitwaza mu gukora ikibi batanga amakuru mu kuzibira icuho."

Yemeye ko icemezo ciwe "kidasanzwe" ariko avuga ko "ubishize ku munzane haza imbere inyungu za rubanda mu kwemera ko amakuru yose y'uru rubanza atangazwa."

Mu gushigikira ingingo yo kudatangaza amazina y'uyu muyabaga aregwa, abashinjacaha bavuze ko afise uburwayi bwo mu mutwe buzwi nka "autism spectrum disorder [...]", mu congereza, kandi ko "yari amaze igihe yaranse kuvugana n'umuryango wiwe canke kuva muhira".

Kare yabanje kurenguka kuri sentare y'abana isaha 09:00 ku masaha yo mu Bwongereza, ashika ari mu muduga utwara impfungwa aherekejwe n'abapolisi benshi.

Yashitse imbere y'amanyamakuru benshi, abanza kubaraba mu maso hanyuma asabwa kwicara imbere y'umucamanza w'akarere Judge James Hatton.

Yambaye umupira yahawe n'abapolisi, uwo yagirizwa yadugije uwo mupira gushika ku mazuru aca yubika umutwe mu kwumvirizwa kwamaze iminota itanu, akaba ataco yigeze avuga.

Nta n'umwe mu bagize imiryango y'ababuze canke uwuregwa bari muri sentare.

Axel Muganwa Rudakubana yavutse ku bavyeyi b'abanyarwanda mu muji wa Cardiff mu bumanuko bushire uburengero bw'Ubwongereza.

Mu nyuma baje kwimukira mu buraruko bushira uburengero mu karere la Lancashire, mu kigwati ca Banks.