'Mfitaniye ubucuti bunini n’uyu muryango' w’umwamikazi – umurinzi w’ikibira muri kenya

Amabuji (bougies/candles) ariko araka mu kwibuka umwamikazi kw’ihoteri Treetops Lodge mu karere ka Nyeri muri Kenya.

Aha niho yari mu rugendo rwo mu 1952 igihe bamutangariza ko se wiwe, umwami George VI, yari apfuye.

Uyu muzamu wo kuri ino hoteri y’ikibira mu kiringo kirenga imyaka 30, Amos Ndiangui, avuga ati “turagandaye”.

Ati: 'Mfitaniye ubucuti bunini n’uyu muryango”.

Ivyibutso vy’Umwamikazi birashinguwe neza muri ino hoteri Treetops Lodge.

Urwandiko ruriko umukono wiwe, hamwe n’uwa Samuragwa wa Edinburgh (Duke of Edinburgh), rwerekana ibikoko yashoboye kubona kuri ico kigo mu 1952.

Muri vyo harimwo amasho y’inzovu, ibikoko bizwi nka Rhinoceros hamwe n’inguge – nk’uko bivugwa n’uyu muzamu – vyashatse kumwiba impamba yari afise.