Kenya: Menya uno mugabo yagenywe kuba icegera c'umukuru w'igihugu inyuma y'ibogozwa rya Gachagua

Kithure Kindiki

Ahavuye isanamu, AFP

    • Umwanditsi, Ashley Lime
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Uno mugabo yabaye isura ya reta ya Kenya inyuma y'aho igipolisi gitujirije imyiyerekano yiyamiriza igiturire, ni we yagenywe ngo asubirire Rigathi Gachagua mu kibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu.

Ejo ku wa gatanu, inama nshingamateka yaremeje igenwa rya Kithure Kindiki kugira ngo asubirire uno munyaporitike yabogojwe ku wa kane.

Uno mugabo w'imyaka 52 yigeze kuba umwigisha wa kaminuza mu bijanye n'amategeko akaba yahora ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri reta ya Perezida William Ruto mu myaka ibiri iheze.

Nk'uwari ajejwe inzego z'umutekano z'igihugu, azwi ko ari we yahagarariye igipolisi mu gutuza imyiyerekano yari yadutse mu kwa gatandatu uno mwaka.

Abantu barenga 40 barishwe mu mishamirano n'igipolisi abandi barenga 300 nabo barakomereka, ariko Kindiki yarakeje abapolisi, avuga ko "bigumije" mu bikorwa vyabo vyo kugarukana umutekano. Yarahakanye kandi ivyavugwa ko bahawe amategeko yo kurasa.

Amajambo yiwe yarateje uburakari mu banyagihugu, mu gihe amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yasaba ubutungane ku bakorewe amabi hamwe n'abantu babuzwe irengero mu buryo budasobanutse.

Mu gutuza iyi migumuko, Kindiki yariyekeranye nk'umuntu ashigikiye cane umukuru w'igihugu, mbere n'igihe asubiramwo reta wewe ntiyamukuye.

Ibi ntawe vyatangaje kubera yamye ari incuti magara y'umukuru w'igihugu, mbere akaba yaranamubereye umushingwamanza, haraheze imyaka irenga cumi, igihe yarengutswa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI/ICC.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ico gihe, Ruto, yari yagirijwe ivyaha bikorerwa kiremwamuntu mu mishamirano yadutse inyuma y'amatora ya 2007 igahitana abantu barenga 1200.

Urwo rubanza rwahavuye ruhebwa kubera kubura ivyemezo bikwiye, ariko abashikirizamanza bavuze ko ivyabona vyatewe ubwoba.

Kindiki ava hamwe na Gachagua, mu karere kazwi nka Mount Kenya, akarere kazwi ko gafise ikibanza kidasanzwe mu matora, aho uwugatsinzemwo aba ari afise amahirwe menshi yo gutsinda amatora, aha akaba yizeye ko azogarukana icizere ku mukuru w'igihugu inyuma y'ibogozwa rya Gacagua.

Uno munyaporitike yaminuje mu bijanye n'amategeko ku rugero rwa PhD/Doctorat kuri kaminuza ya Pretoria muri Afrika y'Epfo, akaba amaze kwandika ibitabo birenga 30.

Afise uburambe mu bijanye n'intwaro, amategeko n'ibijanye n'ibwirizwashingiro mbere akaba yarahagarariye abatari bake mu bijanye n'amategeko.

Yatanguye poritike muri Ntwarante (3) igihe yatorwa kuba umukenguzamateka aserukira akarere ka Tharaka-Nithi akaba yarabaye n'umukuru wa nyarwinshi mu nama nkenguzamateka mu kiringo c'imyaka itanu.

Igihe yasubira gutorwa mu 2017, yabaye icegera c'umukuru w'inama nkenguzamateka gushika mu 2020 igihe abogozwa mu rugamba rwo kwirukana incuti za Ruto.

Igihe Ruto yatsinda amatora y'umukuru w'igihugu mu 2022, yaciye agena Kindiki muri reta yiwe ya mbere.

Kuva ico gihe, ni we yama aserukira abategetsi mu bihe vyari bigoye.

Mu mwaka uheze, haratowe ibiziga biharurwa mu majana vy'abantu bisonzesheje gushika barapfa mw'ishama riri mu mitumba ya kure. Uwitwa Paul Mackenzie yagirizwa ko yabahamagariye guhagarika gufungura. Mu gihe gushika ubu akiri imbere y'ubutungane, arahakana ivyo yagirizwa.

Inyuma y'aho ibi biziga bitorewe, Kindiki ni we yaserutse aho yavuze ko ivyabaye ari "ubwicanyi".

Mu kwezi guheze, yaragendeye ishure ryari ryapfishije abanyeshure 17 bahitanywe n'umuriro wadutse mu nzu y'uburaro. Uno mushikiranganji yariyemeje "gukurikirana abo bose bagize uruhara muri iri sanganya".

Mu 2022, hari ababona ko Kindiki ari we yari kugenwa nk'icegera ca Ruto, ariko Gachagua ni we yahavuye agenwa kubera ijambo rikomeye yari afise hamwe kandi n'amafaranga.

Ruto mu nyuma yavuze ko "yabuze akantu gato cane kugira ngo abe icegera".

Ubu, sentare nkuru ya Nairobi yabaye irahagarika irahira rya Kindiki gushika yihweje ibirego vyashikirijwe na Gachagua kw'ibogozwa ryiwe.

Ibogozwa rya Gachagua riramutse ryemejwe, Kindiki ashobora kwiyerekana nk'icegera c'umukuru w'igihugu adahemuka kandi azokwama agendera kw'ishaka ry'umukuru w'igihugu.