Ukraine: Biden abona 'ingorane nyazo' ku Burusiya aho bufatiye ingingo yo kuva muri Kherson

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ingingo y’Uburusiya yo kuva mu gisagara ca Kherson muri Ukraine yerekana ko igisirikare cabwo gifise “ibibazo bimwe na bimwe”.

Perezida Biden avuga ko yari yiteze iyi ngingo “mu gihe kanaka” kandi ko ibi bizotuma impande zompi “zihindura intumbero zazo” mu gihe c’imbeho nyinshi.

Kherson ni wo mugwa mukuru umwe rudende w'akarere wo muri Ukraine wigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya.

Ariko ejo ku wa gatatu, intwazangabo irongoye urugamba muri Ukraine yavuze ko bitari bigishobora kubandanya bakorera muri iki gisagara.

Jenerali Sergei Surovikin, amaze amayinga make ahawe kurongora uru rugamba, yatangaje iyi ngingo ari kumwe n’intwazangabo nkurunkuru za gisirikare ku mboneshakure y’Uburusiya.

Yemeje ko ingabo z’Uburusiya zigiye kuva mu karere kose k’uburengero bw’uruzi Dnipro.

Ni uruhombo runini ku migambi y’igisirikare c’Uburusiya mu gihe gihanganye n’igitero co kwivuna c’ingabo za Ukraine.

Biden yavuze ibi mw’ijambo yashikirije ari muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika), inyuma y’amatora yo hagati muri mandat, amatora umugambwe wiwe w’aba-Democrat uboneka ko ugiye gutakarizamwo uburongozi bw’inama nshingamateka bugafatwa n’umugambwe w’aba-Repubulika batavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe.

Abakeba biwe muri poritike baherutse kwiyemeza ko bazokwihweza gushasha ibijanye n’imfashanyo ya gisirikare n’iy’ubutabazi Amerika isanzwe iha Ukraine.

Biden avuga ko “biryoshe” kubona Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya) “yararindiriye gushika inyuma y’amatora” kugira itangaze ko ivuye muri ico gisagara.

Ariko avuga ko yizeye ko “ingendo yo gukorana n’imigambwe yompi mu guhangana n’igitero c’Uburusiya kuri Ukraine” izobandanya.

Ukraine yakiranye amakenga ingingo yo gukura ingabo hakurya ya Dnipro.

Perezida Vladimir Putin ntiyitabiriye iki gikorwa co gutangaza ingingo yo kuvana ingabo mu gisagara ca Kherson.

Ariko babiri mu ncuti ziwe zikomeye - mbere bahoze banegura ingene Uburusiya buriko buvyifatamwo muri ino ntambara – barashima iyi ngingo.

Yevgeny Prigozhin yashinze umurwi w’abacangero, Wagner, akaba n’incuti ya Putin kuva kera, avuga ko n’aho iyi ngingo atari “intambwe yerekana intsinzi”, ni nkenerwa “kutibabaza, kutaguma mu bwoba, ahubwo gufata imyanzuro no kwihweza amakosa”.

Umukuru wa Tchétchénie/Chechnya, Chechen Ramzan Kadyrov, avuga ko Jenerali Surovikin yafashe ingingo "nk’umujenerali nyawe wa gisirikare, adatinya kunegurwa".