Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Liberia: Inyuma y'imyiyerekano y'abagore b'abasirikare, hagenywe umugore nk'umushikiranganji wo kwivuna abansi
Umukuru w’igihugu ca Liberia Joseph Boakai yagenye Général de brigade Géraldine George, umukukuruke mu gisirikare, mu kibanza c’umushikiranganji wo kwivuna abansi vy’imfatakibanza, inyuma y’imyiyerekano y’abagore b’abasirikare yatumye uwo asubiriye atanga imihoho.
Ni bwo bwa mbere umugore agenywe muri iki kibanza, nubwo bidatomoye igituma umupfasoni George agenywe vy’imfatakibanza gusa.
Yinjiye igisirikare mu 2006 mu gihe cariko kirasubirwamwo inyuma y’intambara yo hagati mu gihugu, akaba yarateye imbere gushika aho aba mu ngabo zidasanzwe. Mu myaka itandatu iheze, yari icegera c’umukuru w’ingabo.
Mu vyigwa vya gisirikare yagiye akurikirana irya n’ino mu bihugu bitandukanye, harimwo n’ivyo kurongora ingabo (Commandant Compagnie/Company Commander) yaronkeye mw’ishure rya gisirikare ry’i Gako mu buseruko bw’Urwanda.
Inyuma y’iyimikwa rya Boakai nk’umukuru w’igihugu ku wa 22 Nzero (1) uno mwaka, yagenye uno mupfasoni nk’icegera ajejwe uburongozi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Igenwa ryiwe nk’umushikiranganji vy’imfatakibanza ribaye inyuma y’aho umushikiranganji Prince Charles Johnson III atangiye imihoho kubera imyiyerekano y’abagore b’abasirikare ku wa mbere.
Mu ndwi iheze, niho Prince Charles Johnson III inama nkenguzamateka ya Liberia yamwemeza, ariko ino myiyerekano yatumye atanga imihoho.
Aba bagore bari muri ino myiyerekano bavuga ko igihe yari umukuru w’igisirikare ari we yatumye abasirikare baronka agashahara gato kandi atuma haba n’ubuzima bugoye mu makambi ya gisirikare.
Aba bagore bazibiye amabarabara hafi y’umugwa mukuru, Monrovia, no mu bindi bice vy’igihugu, ivyatumye Perezida Boakai ahagarika ibirori vyo guhimbaza umusi wahariwe igisirikare ku wa mbere .
Boakai yashitse ku butegetsi arushije gato uwari umukuru w’igihugu, George Weah, mu matora yo kubabanguranya yabaye muri Munyonyo (11) 2023, inyuma y’aho hagati yabo habuze uwugira ubwiganze ku ncuro ya mbere y’amatora.