'Nagerageje kwigumya uko nshoboye kugira ndabe ikiziga c'umukazana wanje' - Impunzi y'i Mugunga

Ibisasu byarashwe ku nkambi ya Mugunga abo byahitanye biganjemo abana n'abagore

Ahavuye isanamu, SADC

Insiguro y'isanamu, Ibisasu byarashwe ku nkambi ya Mugunga abo byahitanye biganjemo abana n'abagore

Igitero ca bombe co kuri uyu wa gatanu cahitanye abantu mw'ikambi ya Mugunga, mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo casize abantu mu bwoba no mu maganya.

Fikiri Nvano, impunzi yo muri iyo kambi, yabwiye BBC ko yagerageje kwifata uko ashoboye kose kugira ashobore kuraba ikiziga c'umukazana wiwe yapfuye azize ico gitero.

Nvano avuga ko umuryango wiwe uri mu gahinda kandi atanabona uko bomushingura, anongerako ko umukazana wiwe yasize umwana muto.

Placide Hakizimana, iyindi mpunzi yo muri iyo kambi agira ati:"Dufise ubwoba bwinshi. Ico dushaka gusa n'uko reta igwanya umwansi kugira dusubire gutaha iwacu."

Abantu 15 ni bo biciwe muri ico gitero harimwo igitigiri kinini c'abana.

Amafoto ateye ubwoba yakwiragijwe ku mbuga hwaniro, yerekana ibiziga vy'abantu biri hasi muri iyo kambi.

Igisirikare ca Congo n'abagwanyi ba M23 baguma bagirizanya ubwo bwicanyi.

Itangazo ryo mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Amerika n'amakungu ryagiriza Urwanda kuba ari rwo rwakoze ico gitero, rinemeza ko ayo mabombe yavuye mu birindiro vy'abasirikare bico gihugu na M23.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Urwanda ruguma rwagirizwa gufata mu mugongo abagwanyi ba M23, rwavuze ko ivyo Amerika ibagiriza "ari ibiterasoni".

Amabarabara makuru makuru aja i Goma ntagihita inyuma y'amezi hariko harabera intambara hagati ya M23 n'abitwaje ibigwanisho bashigikiye reta ya Congo.

Ubuzima i Goma bumeze nabi cane mu gihe hari ikibazo c'imfashanyo ibifungurwa na vyo bikaguma biduga igiciro.

Itangazo ry'ingabo za SADC (the Southern African Development Community) ziri mu butumwa muri Congo, rivuga ko zigiye gutanguza ibitero vyo gutuza M23.

Ryongerako ko ivyo bitero bizoba bitumbereye kugarukana umutekano no gukingira abasivire hamwe n'ivyabo, mu kubarinda ibitero.

Onesphore Sematumba, umusesenguzi akora mu kigo cishinze gukinga no gutorera umuti amatati, Crisis Group, avuga ko ata nyishu ya gisirikare ishoboka.

Sematumba yongeyeko ko, uko ako karere kagenda kaberamwo ibikorwa vya gisirikare, ni na ko abasivire benshi bazoharwa.

Mu mpera z'umwaka uheze, Congo yaciye umuhigo mu gushikana igitigiri c'abateshejwe izabo bashika ku miriyoni 6.9 bari hagati mu gihugu kubera intambara, nk'uko bivurwa na OIM (Internation Organization for Migration).