Umwana yarongojwe hanyuma agatsindira kwahukana – ubu abaTaliban bafuse uru rubanza

Nazdana yahunze Afghanistan atwaye n'impapuro ziwe z'urubanza rwo kwahukana
Insiguro y'isanamu, Nazdana yahunze Afghanistan atwaye n'impapuro ziwe z'urubanza rwo kwahukana
    • Umwanditsi, Mamoon Durrani
    • Igikorwa, Igisata ca BBC mu rurirmi w'Iki-Afghan
    • Umwanditsi, Kawoon Khamoosh
    • Igikorwa, BBC World Service
    • Yakoze inkuru ari, Kabul

Hari umukobwa aba musi y’igiti mu kabanza gatoya hagati y'amabarabara abiri y'uruja n'uruza rwinshi abumbatiye umurundo w’impapuro mu gikiriza.

Izi mpapuro kuri Bibi Nazdana ziruta ikintu ico ari co cose kw’isi: ni zo zimuha uburenganzira bwo kwahukana mu rubanza rwamaze imyaka ibiri kugira ngo yigobotore ubuzima bwo kurongorwa akiri umwana.

Ni zo mpapuro nyene aba-Talibani batesheje agaciro – kuri uno mukobwa aguye mu mporero y’amategeko agendera ku murongo ukaze wa sharia (itegeko rya Kisilamu) rinumya rwose abagore imbere y’amategeko muri Afghanistan.

Urubanza rwa Nazdana rumuha uburenganzira bwo kwahukana ni rumwe mu manza ziharurwa mu bihumbi mirongo zateshejwe agaciro kuva Aba-Talibani bigaruriye ubutegetsi, haraciye imyaka itatu.

Inyuma y’imisi cumi gusa bashitse ku mugwa mukuru Kabul, umugabo yari yahawe uno mukobwa agifise imyaka indwi yaciye asaba sentare gufuta ingingo yamumwaka, ingingo yafashwe inyuma y’urugamba rudasanzwe rwa Nazdana.

Hekmatullah yari yatanguye gusaba ko asubizwa umugore wiwe igihe Nazdana yashikana imyaka 15. Hari haheze imyaka umunani kuva se wiwe yemeye iki kintu kizwi nk’ ‘ubukwe bubi’ burondera guhindura “umwansi” w’umuryango kugira bumugire “umugenzi” wawo.

Ubwo nyene yaciye yitura sentare – ico gihe hari muri reta ya Afghanistani yari ishigikiwe na Amerika – ayisaba uburenganzira bwo gutandukana n’uwo mugabo, aho yagumye ayereka ko adashobora kurongorwa n’uyo murimyi, ubu ari mu myaka 20 n’iyindi.

Urubanza rwafashe imyaka ibiri, mu nyuma sentare iramutunganiriza. Ati: "Sentare yarankeje hanyuma ivuga iti, 'Ubu uratandukanye nawe kandi ufise uburenganzira bwo kurongorwa n’uwo ari we wese wipfuza'".

Ariko igihe Hekmatullah yunguruza urubanza mu 2021, Nazdana yabwiwe ko ata burenganzira bwo kwiregura ubwiwe yari afise.

Ati: "Muri sentare, Aba-Talibani bambwiye ko ntashobora gusubira muri sentare kubera vyari biteye kubiri na Sharia. Bambwiye ko musazanje ari we yategerezwa kunserukira".

Shams, musaza wa Nazdana mukuru, ubu afise imyaka 28, avuga ati: "Bambwiye ko ni tutavyemera bazorongoza mushikanje kuri Hekmatullah ku gahato".

Uno yahoze ari umugabo wiwe, ubu akaba ari umukozi w’Aba-Talibani, yaratsinze urubanza. Utwigoro twa Shams two gusigurira sentare yo mu ntara yabo y’amavuko ya Uruzgan ko ubuzima bwiwe bwari kuja mu kaga twabaye utw’ubusa.

Aba bavukanyi baciye babona ko ata kundi bari bugire atari uguhunga.

Nazdana na musazawe Shams bavuga ko vyabaye ngombwa ko bahunga ku mutekano wabo
Insiguro y'isanamu, Nazdana na musazawe Shams bavuga ko vyabaye ngombwa ko bahunga ku mutekano wabo
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igihe Aba-Talibani bagarukiye ku butegetsi, haraciye imyaka itatu, biyemeje gutuza igiturire caranze kahise no “gutunganiriza abanyagihugu” hisunzwe Sharia, itegeko rya Kisilamu.

Kuva ico gihe, Aba-Talibani bavuga ko bamaze kwihweza imanza zababa 355.000.

Nyinshi muri zo ni iz’ivyaha – izababa 40% ni iz’amatongo, izindi nazo 30% zikaba zijanye n’ibibazo vy’imiryango, harimwo n’iz’ukwahukana nk’uru rwa Nazdana.

Ingingo ya sentare yaha Nazdana uburenganzira bwo kwahukana yagiye kuja ahabona inyuma y’aho BBC iherewe uburenganzira bwihariye bwo gushika mu biro vya Sentare nkuru y’igihugu ku mugwa mukuru, Kabul.

Abdulwahid Haqani – ajejwe kumenyesha amakuru muri Sentare nkuru y’igihugu ya Afghanistani – aremeza iyi ngingo irenganura Hekmatullah, akavuga ko iya mbere ata shingiro yari ifise kuko “atariho yari ari”.

Asigura ati: "Icemezo c’ubutegetsi bwarangwa n’igiturire co gufuta ubukwe bwa Hekmatullah na Nazdana cari giteye kubiri na Sharia n’amategeko ajanye n’ubukwe”.

Ariko ivyo biyemeje vyo kunagura igisata c’ubutungane vyageze kure gusumba ugusubiramwo imanza zaciwe.

Aba-Talibani kandi bagenda bakuraho abacamanza bose – abagabo n’abagore – bakabasubiriza n’abantu bashigikiye ivyiyumviro vyabo bigendera ku murongo ukaze.

Bafashe kandi ingingo ko abagore ata ruhara bashobora kugira mu bucamanza.

Abdulrahim Rashid ajejwe imigenderanire no kumenyesha amakuru muri Sentare nkuru y’Aba-Talibani, agira ati: "Abagore nta bumenyi canke ubushobozi bafise bwo guca imanza kuko mu mategeko remezo yacu ya Sharia, igikorwa c’ubucamanza gisaba ubwenge buhanitse".

Abdulrahim Rashid, ajejwe imigenderanire n'ukumenyesha amakuru muri sentare ntahinyuzwa y'aba-Taliban
Insiguro y'isanamu, Abdulrahim Rashid, ajejwe imigenderanire n'ukumenyesha amakuru muri sentare ntahinyuzwa y'aba-Taliban

Ku bagore bahoze bakora mu rwego rw’ubutungane, iyi ni ingingo ibabaje cane, kandi si kuri bo gusa.

Fawzia Amini yahoze ari umucamanza muri sentare nkuru y’igihugu – yahunze igihe Aba-Talibani basubira ku butegetsi – avuga ko ata cizere kinini kihari c’uko uburenganzira bw’abagore bushobora gukingirwa n’amategeko mu gihe abagore badaserukiwe muri mu masentare.

Ati: "Twagize uruhara rudasanzwe. Nk’akarorero itegeko ryo mu 2009 ryarwanya itotezwa ryakorerwa abagore ni kimwe mu vyo twashitseko. Tuvuze bimwe muri vyo, twarakoze kandi ku mategeko ajanye n’amacumbi y’abagore, kurera impfuvyi no kw’itegeko rirwanya icuruzwa rya kiremwamuntu".

Ariyamiriza kandi ingingo y’Aba-Talibani yo gutesha agaciro ivyemezo vyafashwe imbere yabo, nk’ica Nazdana.

Amini agira ati: ''Umugore atandukanye n'umugabo wiwe kandi impapuro zikaba zihari nk'icemeza, aho biba vyaheze. Ingingo za sentare ntizishobora guhinduka kubera intwaro ihindutse'.

''Igitabo cacu c'amategeko agenga imibano kimaze imyaka irenga 50. Cakoreshejwe n'imbere y'uko aba-Taliban babaho.

''Ibitabo vyose vy'amategeko mpanavyaha, harimwo n'ayo kwahukana, yanditswe afatiye kuri Korowani''.

Akabati k'impapuro z'imanza zari zaraciwe kuri reta yahahora none zagarukanywe muri sentare ntahinyuzwa y'aba-Taliban
Insiguro y'isanamu, Akabati k'impapuro z'imanza zari zaraciwe kuri reta yahahora none zagarukanywe muri sentare ntahinyuzwa y'aba-Taliban

Ariko ubu Abatalibani bavuga ko abahoze batwara Afghanistan batari aba-Islam bakwiye.

Aba-Taliban bagendera cane kuri Hanafi Fiqh, ingene imanza zacibwa hisunzwe idini mu kinjana ca 8 – nubwo ryanaguwe kugira ngo rigendere ku gihe, nk’uko bivugwa na Abdulrahim Rashid.

"Amasentare yahahora yafashe imyanzuro afatiye ku mategeko mpanavyaha n’ayagenga imibano. Ariko ubu imyanzuro yose ishingiye kuri Sharia”, niko avuga, yishimye mu kwerekana umurundo w’imanza bamaze guca.

Amini ntiyishimiye integuro zijanye na kazoza k’igisata c’ubutungane ca Afghanistani.

Ati: "Mfise ikibazo ku Batalibani. Abavyeyi babo barongoranye hisunzwe aya mategeko canke hisunzwe amategeko abahungu babo bagiye kwandika?"

Nazdana avuga ko atigeze yumvirizwa n'inzego z'ubutungane z'Abatalibani bamwankiye kwitura sentare kubera ari umugore
Insiguro y'isanamu, Nazdana avuga ko atigeze yumvirizwa n'inzego z'ubutungane z'Aba-Talibani bamwankiye kwitura sentare kubera ari umugore

Aho ari musi y’igiti hagati y’amabarabara abiri mu gihugu kibanyi kitavugwa izina, nta kintu na kimwe muri ibi gihumuriza Nazdana.

Ku myaka 20 ubu, ahamaze umwaka urenga apfumbatiye izi mpapuro zimuha uburenganzira bwo kwahukana, mu mwizero w’uko hazogira umuntu azomugarukirako. Ariko gushika ubu nta n’umwe arumva akamo kiwe.

BBC ntirashobora kuronka Hekmatullah kugira ngo agire ico abivugako.