Ubuyabu bufise umwidegemvyo kurusha abagore bo muri Afghanistan - Meryl Streep

Meryl Streep yashikirije ijambo mu gihe hariko haraba ikoraniro ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku cicaco caryo gikuru i New York

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Akayabu gashobora "kwota akazuba" muri parc [ikibanza co gusamiramwo akayaga] ariko abakobwa bo muri Afghanistani nta mwidegemvyo nk'uwo bafise ku ntwaro y'aba Taliban, nk'uko bivugwa na Streep.
    • Umwanditsi, Kelly Ng
    • Igikorwa, BBC News

Ubuyabu bufise ubwigenge bwinshi gusumba abagore bo muri Afghanistan, nk'uko vyashikirijwe n'umukinyi wa sinema Meryl Streep mu kamo yateye amakungu ngo ahagarike amabi akorwa n'aba Taliban.

Ashikiriza ijambo igihe hariko haraba ikoraniro ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU/UN, uwo mukinyi wa sinema yavuze ko ubu n'ibikoko bifise umwidegemvyo mwinshi muri Afghanistan gusumba abagore kubera ibindi biherutse kwongerwa ku rutonde rw'ibintu batarekuriwe.

Mu kwishura, umuvugizi w'aba Taliban yavuze ati "turubaha bikomeye cane" abagore ku buryo "tudashobora kubagereranya n'ubuyabu".

Ivyo Streep abivuze inyuma y'aho mu kwezi guheze reta y'aba Taliban ishingiye umutekero mushasha "w'amategeko agenga inyifato".

Mu bindi vyinshi, ayo mategeko avuga ko amajwi y'abagore bibujijwe ko yumvikana iyo bari hanze kandi ko batarekuriwe kuraba abagabo mu maso imbonankubone mu gihe ataco bapfana mu muryango canke biciye ku kwubakana.

Izo ngingo ziyongera ku zindi nyinshi z'ivyo abagore batemerewe reta y'aba Taliban yashiriyeho abagore n'abakobwa kuva igarutse ku butegetsi haraheze imyaka itatu.

Abagore bategerezwa kwifuka mu maso hose n'umubiri wose iyo bavuye i muhira. Abagore n'abakobwa kandi ntibemerewe kuja kw'ishure, ibibanza vyo gusamiramwo akayaga (parc), amazu yo kwinonoreramwo imitsi n'imigwi y'inkino. Hari kandi imirimo batemerewe gukora.

''Uyu munsi i Kabul, akayabu k'ingore gafise umwidegemvyo mwinshi kurusha umugore. Akayabu gashobora kugenda kakicara ku kazuba, gashobora guhiga imende muri parc,'' niko Streep yavuze ku wa mbere mu rubanza rwo gukangurira abantu ku burenganzira bw'abagore bo muri Afghanistan ku cicaro ca ONU i New York.

''Imende ifise uburenganzira bwinshi kurusha umukobwa muri Afgnistan uyu munsi kuko aba-Taliban bugaye ibibanza vyo gusamiramwo akayaga ku bagore n'abakobwa.

''Inyoni irashobora kuririmba i Kabul, ariko umukobwa ntabirekuriwe mu bantu ahabona. Ibi ni agatangaza. Uku ni ukuniga amategeko kama.

''Ingene uwo muco, ingene n'iki gihugu vyacuritswe, bikwiye kugabisha abandi kw'isi,'' niko Streep yavuze asaba abategetsi b'amakungu ''guhagarika iryo nigwa buke buke'' ry'abagore n'abakobwa muri Afghanistan.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yari yitavye urwo rubanza, yavuze ko ''Afghanistan itazokwigera ironka ikibanza kibereye mu makungu'' itagira abagore bize kandi bakora akazi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kugira ico avuze ku vyashikirijwe na Streep, umuvugizi w'aba Taliban yavuze ko ''ata n'umwe ashobora kwima abagore uburenganzira bahawe na Islam''.

''Turabubaha cane mu ruhara rwabo nk'abavyeyi, bashiki bacu, abagore bacu. Bafise ikibanza kinini mu muryango no mu gihugu ariko ntitwigera tubagereranya n'ubuyabu,'' niko Suhail Shaheen, umukuru w'ibiro vya poritike vy'aba Taliban, yabwiye BBC.

Yongeyeko ko ubu abagore ibihumbi n'ibihumbi bakora mu bisata bitandukanye vy'ubushikiranganji bwa reta, abandi bakaba ari abagwizatunga.

Ibihugu vy'i burengero, bigiwe imbere na Amerika n'ishirahamwe rya Buraya, vyariyamirije ayo mategeko mashasha, ariko aba Taliban bisiguye bavuga ko ahuye n'itegeko rya Islam ari ryo Sharia.

Aba Taliban bavuga kandi ko bariko baragerageza gushira ibijanye n'amashure ku murongo wegeranye cane n'ingingo ngenderwako za Islam, kandi bamaze kuvuga kenshi ko abagore bazosubira kwemererwa kwiga niyo ivyo bibazo vyarangira. Ariko gushika uyu munsi, nta na kimwe kirahinduka.