Igituma aba-Taliban bahatira abagore bamwe bamwe muri Afghanistan gusubira kurongorwa n'abagabo bari baratandukanye

Nazdan
Insiguro y'isanamu, Nazdana avuga ko atumvirijwe n'abategetsi b'ubucamanza b'aba-Taliban , bamusavye kutaza muri sentare kubera ari ''umugore''
    • Umwanditsi, Mamoon Durrani
    • Igikorwa, Igisata ca BBC mu rurirmi w'Iki-Afghan

Inyuma y'iminsi cumi aba-Taliban bagarutse ku butegetsi, Bibi Nazdana yariko arafasha nyina mu gikoni igihe yabona se yinjiye mu nzu.

Biboneka ko bimuteye umutima uhagaze, yaciye yegera kugira yumvirize ivyo se yariko arabwira musazawe mukuru.

''Aho numviye izina ryanje rivuzwe umutima wanje waciye utangura kudidagizwa cane hanyuma nca ndaduka ndarira,'' niko Nazdana avuga.

Sentare y'aba Taliban mu ntara yiwe y'amavukiro ya Uruzgan yari yasubiye kwugurura urubanza rwiwe, imusaba gusubira kuburana ukwahukana n'umugabo atari yarigeze yifuza ko amurongora.

Nazdana agifise imyaka itarenga indwi, se wiwe yemeye kumurongoza kuri Hekmatullah amaze kuba umuyabaga kugira arangize amatati yo mu muryango.

Nazdana na musazawe Shams
Insiguro y'isanamu, Nazdana na musazawe Shams bavuga ko vyabaye ngombwa ko bahunga ku mutekano wabo

Ariko haheze umwaka, aba-Taliban baciye bafata ubutegetsi bidatevye baca bashinga gukurikiza mu buryo bukaze Sharia (amategeko ya Islam) mu gihugu cose.

Uwahora ari umugabo wiwe, yaheruka kwinjira mu ba-Taliban, yaciye asaba sentere gusesa ingingo yari yafashwe na reta yahahora. Ico gihe, Nazdana ntiyemerewe kwitaba urwo rubanza hisunzwe itegeko rya Islam.

''Muri sentare, aba-Taliban bambariye ko ntosubira kuja muri sentare kuko vyari biteye kubiri na Sharia (amategeko ya Islam). Bavuze ngo musazanje ahubwo ni we yategerezwa kunserukira,'' niko Nazda yavuze.

Musazawe Shams w'imyaka 28 yavuze ati: ''Batubwiye ko tutavyubahirije mushikanje bazomumuha [Hekmatullah] ku nguvu.''

N'ubwo Shams yagerageje gutakambira umucamanza amubwira ko ingingo nshasha yotuma ubuzima bwa mushikiwe bugeramirwa, sentare yarasheshe urubanza rwa mbere ica itegeka Nazdana gusubira ku wahoze ari umugabo wiwe ubwo nyene.

Nazdana yaciye yunguruza urubanza kugira aronke umwanya wo guhunga. Be na musazawe, yaciye ava mu gisagara ciwe c'amavukiro ahungira mu gihugu kibanyi.

Rumwe muri nyinshi

Umucamanza wo muri Uruzgan ntiyemeye kuvugisha ibinyamakuru, ariko twarashoboye kugendera sentare ntahinyuzwa y'aba-Taliban ku murwa mukuru Kabul kugira turondere inyishu.

''Abacamanza bacu barize urwo rubanza mu mpande zose baca baha ukuri Hekmatullah,'' vyavuzwe na Abdulwahid Haqani, uwujejwe kuvugana n'ibinyamakuru muri sentare ntahinyuzwa.

''Ingingo y'intwaro yahahora yo gufuta ukwubakana kwa Hekmatullah na Nazdana yari iteye kubiri na Sharia n'amategeko yo kwubakana, kuko igihe urwo rubanza rwumvirizwa muri sentare, Hekmatullah si ho yari ari.''

Twaragegeje kwumva Hekmatullah nawe ingene abivuga, ariko ntitwashoboye kuronka ingene tumuvugisha.

Urubanza rwa Nazdana ni rumwe mu zishika 355.000 aba-Taliban bavuga ko baciye kuva bashitse ku butegetsi muri Myandagaro mu 2021, aho bashitse basubiramwo amategeko ajanye n'ubutungane ubu ariko aragira ingaruka zikomeye ku buzima bw'abantu.

Abdulrahim Rashid wo muri sentare ntahinyuzwa y'aba-Taliban
Insiguro y'isanamu, Abdulrahim Rashid, umuyobozi w'imigenderanire yo hanze n'ukumenyesha amakuru muri sentare ntahinyuzwa y'aba-Taliban

Aba-Taliban bavuga ko abacamanza babo batubahiriza amategeko y'ubu gusa ahubwo bakora bakarenza n'umwanya w'akazi kugira bashike no muri kahise basese imanza zari zaraciwe.

Muri iyo ngendo, baremerera abantu kwunguruza imanza ata mafafaranga basabwe.

Ku bwa reta y'aba-Taliban, nyinshi muri izo manza zijanye n'ivyaha, izigereranywa ku 40% zerekeye amatongo nazo izirenga 30% ni imanza z'ibibazo vyo mu miryango, harimwo no kwahukana.

BBC ntiyashoboye guhinyuza ibiharuro vyatanzwe n'aba Taliban.

Abagore mu bucamanza

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igihe aba-Taliban bagaruka ku butegetsi bemeye kurangiza ukurya ibiturire kwabaye muri kahise hanyuma bace imanza ''z'ubutungane'' [koko]. Baciye bakura abacamanza bari bahasanzwe ata n'umwe basize baca batangaza ko abagore batabereye kuja mu bucamanza.

''Abagore ntavyo bazi kandi ntibashobora guca imanza kuko, ku bw'ingingo ngendegrwako za Sharia yacu, igikorwa c'ubucamanza gikenera urugero runini cane rw'ubwenge,'' bivugwa na Abdulrahim Rashid, umuyobozi w'imigenderanire yo hanze n'ukumenyesha amakuru muri sentare ntahinyuzwa y'aba-Taliban.

Fawzia Amini yahoze ari umucamanza muri sentare yakuwe n'aba-Taliban. Avuga ko umugore nka Bibi Nazdana yari akwiye gukingirwa m'amategeko.

''Umugore atandukanye n'umugabo wiwe kandi impapuro zikaba zihari nk'icemeza, aho biba vyaheze. Ingingo za sentare ntizishobora guhinduka kubera intwaro ihindutse,'' niko Amini avuga.

Amini avuga kandi ko gukura abacamanza b'abagore bisubiza inyuma ukwishimikiza amategeko mu gukingira abagore.

''Twaragize uruhara rukomeye. Nk'akarorero, itegeko ryo guca amabi akorerwa abagore ryo mu 2009 cari kimwe mu vyo twashitseko. Twari twarakoze kandi ku bijanye no gutunganya uburaro bw'abagore, uwushobora kurera abana b'impfuvyi n'itegeko rijanye n'urudandazwa rw'abantu, aho mvuze bike.''

Ingingo za sentare ntahinyuzwa
Insiguro y'isanamu, Akabati k'impapuro z'imanza zari zaraciwe kuri reta yahahora none zagarukanywe muri sentare ntahinyuzwa y'aba-Taliban

Inyuma y'imyaka irenga cumi akora mu rwego rwo hekuru rw'ubucamanza, umucamanza Amini vyahatiwe guhunga igihugu. Igihe aba-Taliban bafata ubutegetsi, avuga ko yaciye atangura kugirwako iterabwoba ryo gupfa n'umugabo wese yari yaraciriye urubanza muri kahise.

''Igitabo cacu c'mategeko y'imanza zisanzwe kimaze imyaka irejga 50. Cakoreshejwe n'imbere y'uko aba-Taliban babaho,'' bivugwa na Amini. ''Ibitabo vyose vy'amategeko asanzwe n'ay'ivyaha, harimwo n'ayo kwahukana, yanditswe afatiye kuri Koran.''

None ubu aba-Taliban bavuga ko abahoze batwara Afghanistan batari aba-Islam bakwiye.

Sharia

Kuri sentare tweretswe icumba cari cuzuye impapuro z'imanza zari zaraciwe- cari icumba gito aho abakozi, bo muri reta yahahora n'abaheruka kugenwa n'aba-taliban, bakora basangiye imeza y'akazi.

Twabwiwe ko sentare zari zaciye imanza zikoresheje ibitabo vy'amategeko y'imanza zisanzwe n'ay'ivyaha. Ariko ubu ingingo zose zishingira kuri Sharia (amategeko ya Islam)'' niko Abdulrahim Rashid avuga.

Aba-Taliban bagendera cane kuri Hanafi Fiqh, ingene imanza zacibwa hisunzwe idini mu kinjana ca 18 ari navyo vyakoreshwa cane ahiganje aba-Islam nko mu bwami bw'aba Ottoman, n'ubu akaba ari vyo bigikoreshwa mu bihugu bitari bike bigendera ku mategeko ya Islam.

Nazdana
Insiguro y'isanamu, Nazdana yahunze Afghanistan atwaye n'impapuro ziwe z'urubanza rwo kwahukana

Kuva ahungiye mu gihugu kibanyi, Nazdana amaze umwaka arara munsi y'igiti mu kabanza gatoya hagati y'amabarabara abiri y'uruja n'uruza rwinshi.

Aho yicaye aba afise umuganda w'impapuro zitekeye neza, ico afise kimuranga conyene nk'umugore ari wenyene kandi yidegemvya.

''Maze kudodora henshi nsaba gufashwa, harimwo no muri ONU, ariko nta n'umwe yumvise akamo kanje. Gushigikira vyagiye he? None nk'umugore sinkwiye kuronka umwidegemvyo?''