Ukraine Vs Russia: Agahengwe ka Noel karangiye katabaye

Na James Waterhouse

Umunyamakuru wa BBC muri Ukraine ari i Bakhmut

Uva ahitwa Kostyantynivka utera uja Bakhmut ni nk’uko woba ukorokeye mu muriro.

Urwamo rw’ibisasu biraswa na vya bimodoka birakubwira ko uriko wegereza mu turere turangwamwo intambara itoroshe mu karere ka Donbas kari mu buseruko bwa Ukraine.

Rwerekana kandi ko agahengwe k’amasaha 36 kari katangajwe n’Uburusiya kari kw’izina gusa.

Oleksandr , umusirikare wa Ukraine, avuga ati: "Bari batwemereye ko hazoba agahengwe, ariko ntako tubona canke twumva”.

Ibi bishimangirwa n’urwamo rudahera rwa vya muzinga. Ubwo nyene, igisasu caguye ku metero 50 y’aho twariko tuvuganira.

Ndasimvye. Ariko Oleksandr wewe ntakanguka. "None ibi vyose bigamije iki?" niko abaza. Ikibazo cumvikana cane mu gihe uhagaze mu kibanza c’ihuriro gisa n’icasambutse cose.

"Vyose biriko birasamburwa. Abasivire baricwa, abasirikare baricwa, abantu bacu bariko barapfa".

Ingabo z’Uburusiya ziri ku nkengera yo ku ruhande rw’ubuseruko bw’iki gisagara, ku kirometero n’igice kirenga.

Ntako batagira kugira ngo bigarurire Bakhmut kuva mu ci maze bashobore gusatira batera baja mu burengero, ariko igisagara baracakirabisha amaso.

Ku wa kane, Vladimir Putin yatangaje agahengwe, aho yavuze ko ingabo ziwe zategerezwa kwubahiriza ku mpande zose z’urwasiro.

Kategerezwa gutangura ku wa gatanu isaha zitandatu z’ijoro kakabandanya gushika isaha zitandatu z’ijoro ku wa gatandatu (z’iri joro ryakeye). Yavuga ko kari guha akaryo abakristu b’aba-Orthodox guhimbaza Noweli.

Ubwo nyene Ukraine yaciye ikiyamiriza. Jewe nabona ko ku bagisigaye i Bakhmut, uwo musi mukuru usa n’uko ataco wari uvuze, ariko Sergiy, umusivire ariko akuburira amababi mu gikapo c’imicafu arambeshuza.

Ati: "N’umwansi ntiwomwipfuriza ibintu nk’ibi, ariko twarahimbaje Noweli nk’uko bisanzwe”.

"Twarasharije amazu yacu n’ibisharizo vya Noweli, ariko gusa hari mu nzu yo mu kuzimu”.

Ntiwibaza ko wohava uhura n’umuntu atari umusirikare hagati muri ico gisagara. Haracasigayeyo abantu imparurwa muri ico gisagara carimwo abantu 50.000 imbere y’intambara.

Imodoka za gisirikare nizo ziguma zicanacanako mu mabarabara yuzuye ibarafu. Ntidushobora kumara ahantu hamwe iminota irenga itanu. Kuko tugumye tuzerera ng’aho twokwisanga twatewe tutabizi.

Biragoye kwiyumvira ingene vya muzinga biguma vyasirana ukuraho, ariko Sergiy wewe abona ko ubu bisa n’ivyacureshe.

Agahengwe katangajwe na Vladimir Putin cari ikintu gikomeye cane. Ni bwo bwa mbere aya majambo yakoreshejwe n’impande zompi kuva intambara yaduka. Gusa kari mu majambo gusa.

Hagati aho, ubuseruko bwa Ukraine busanzwe bumenyereye intambara. Kuva mu 2014 igihe inyeshamba zishaka kwiyonkora zishigikiwe n’Uburusiya zitangura intambara, ni akarere kamye gashashawe cane na Moscou.

Harabayeho ukugerageza guhagarika intambara incuro zitari nke mu myaka iheze. Ariko kenshi vyaranse, rero gushika ubu ni abantu bake cane i Bakhmut bari biteze ko boharonkera akoyoko muri kino gihe.