Ukraine: Uburusiya buvuga ko igitero co kuri Bonane cavuye kw’ikoreshwa rya terefone

Na Elsa Maishman

BBC News

Uburusiya buvuga ko igitero co ku musi w’umwaka mushasha cishe abasirikare babwo nibura 89 cabaye kubera izo ngabo zariko zikoresha amaterefone ngendanwa yazo.

Ukraine yateye ikigo c’abarikiri i Makiivka mu ntara ya Donetsk yigaruriwe, inyuma gato y’isaha zitandatu z’ijoro ku wa 01 Nzero (1).

Igisirikare c’Uburusiya kivuga ko ikoreshwa ry’amaterefone abujijwe ryatumye umwansi amenya aho bari.

Mu gihe igitigiri c’abapfiriye muri kino gitero kitarahinyuzwa, nico gitigiri kinini cemewe n’Uburusiya muri ino ntambara.

Ukraine ivuga ko igitigiri kirenze ico kure cane, ikavuga ko abasirikare 400 b’Uburusiya ari bo bishwe abandi 300 nabo barakomereka.

Uburusiya buvuga ko kw’isaha 00:01 (ni ukuvuga isaha zitandatu z’ijoro) ku musi w’umwaka mushasha, ibisasu vya rokete bitandatu vyarashwe n’inkoho ya Amerika yo mu bwoko bwa Himars kw’ishure ry’imyuga, bibiri muri vyo bikaba vyarakorowe.

Icegera c’intwazangabo nkuru y’uwo murwi, Liyetena-Koroneri Bachurin, ni umwe muri abo bishwe, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mw’itangazo bwacishije kuri Telegram mu gaturuturu ko kuri uno wa gatatu.

Hashinzwe umurwi wo gutohoza ku kungene ico gitero cagenze, nk’uko biri muri rino tangazo.

Ariko “bimaze kugaragara” ko imvo nyamukuru y’ico gitero ari “ikoreshwa mu rudavagi” ry’amaterefone ngendanwa n’izo ngabo mu maso y’ibitero vya Ukraine, n’aho ayo materefone yari abujijwe, nk’uko abivuga.

"Iki catumye umwansi abona yongera amenya aho abasirikare batumbereye neza kugira ashobore kurekura igitero ca misire”.

Abategetsi bazokwagirwa n’icaha bazorengutswa mu bucamanza, nk’uko iri tangazo ribivuga, kandi ingingo ziriko zirafatwa kugira ngo igitero nk’iki ntikize gisubire.

Uburusiya kandi bwadugije igitigiri c’abasirikare babwo biciwe muri ico gitero gushika ku 89 – imbere y’aha bukaba bwavuga ko ari 63 – n’aho ata buryo na bumwe bwo guhinyuza igitigiri c’abasirikare bahapfiriye. Ntibikunze gushika aho Moscou yemeza ko bwatakarije ku rugamba.

Ico kigo cari cuzuye abarikiri ico gihe – aba bakaba bari muri 300.000 baherutse kwinjizwa mu gisirikare ku kamo ka Perezida Vladimir Putin mu kw’icenda. Ibirwanisho kandi vyari bibitswe hafi y’ico kigo cabaye umunyota.

Bamwe mu banyamakuru n’abanyaporitike b’Uburusiya bagiriza igisirikare ko cagize ugwangara, bakavuga ko izo ngabo zitari kuba zakambikiwe ahantu nk’aho hatari hakingiwe.

Pavel Gubarev yahoze ari umutegetsi wo hejuru mu butegetsi bwegamiye Uburusiya muri Donetsk, avuga ko ingingo yo gucumbikira igitigiri kinini c’abasirikare mu nzu imwe ari “urwangara rukwiye guhanwa”.

Agabisha ati: "Ari nka hamwe ata n’umwe yohanwa, ibintu bizobandanya vyunyuka”.

Icegera c’umukuru w’inama nshingamateka ya Moscou, Andrei Medvedev avuga ko vyaboneka ko izo ngabo ari zo zizokwegekwako icaha hakucegeka ku ntwazangabo yafashe ingingo yo gushira ico gitigiri kinini c’izo ngabo ahantu hamwe.

Perezida Putin yateye igikumu kw’itegeko-bwirizwa ritegeka ko imiryango y’abasirikare b’igihugu biciwe ku rugamba ihabwa imiriyoni zitanu z’ama-rouble (amafaranga y’Uburusiya, ni ukuvuga amadorari y’abanyamerika 69.000).