Ibibera mu marushanwa y'ubwiza muri hamwe mu hantu habi kw'isi umugore atoba

Aisha Ikow yipfuza guteza imbere indero y'abakobwa

Ahavuye isanamu, SHUKRI MOHAMED ABDI

Insiguro y'isanamu, Uwatsinze mu marushanwa Aisha Ikow aripfuza guteza imbere indero y'abakobwa
    • Umwanditsi, Kiin Hassan Fakat & Mary Harper
    • Igikorwa, Akusanya amakuru, Mogadishu

Mu gihe abantu benshi bo muri Somalia barundanye mu mazu adandarizwamwo ikawa no mu mihana yabo ku munsi w'Imana barorera ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru wa Euro, abasirimu baharurwa mu majana bari bateraniye kw'ihoteri Elite iri ku mweya mu rindi higanwa: Miss Somalia.

Kuba imodoka yari yatezwemwo ikibombe yari yaturikiye hafi yaho nko ku kirometero kimwe imbere y'inzu y'uburiro ya Top Coffee, inzu yari yuzuyemwo abakunzi b'umupira, vyerekana ubudasa bunini bw'ubuzima bwo muri Somalia.

Mu gihe abari mw'ihiganwa ry'ubwiza bariko bariyerekana mw'ihoteli, abantu n'imiburiburi 5 barishwe n'abandi bagera kuri 20 barakomerekera mu gitero cabereye hafi y'aho.

Abarwanyi bw'umurwi wishimikiza idini rya isilamu -al-Shabab, umaze imyaka irenga 15 ugenzura ibice vyinshi vya Somalia, wemanze ko ariwo wagavye ico gitero.

Hani Abdi Gas yashinze ihiganwa ry'ubwiza rya Miss Somalia mu 2021, ikintu gikomeye cane cakozwe mu gihugu gitsimbataye cane ku mico-kama, gifise n'ingorane n'abarwanyi bishimikiza idini rya isilamu. Igihugu ca Somalia camye kiza imbere mu bihugu vya mbere bibi umugore atobamwo.

Uyu mugore Gas yakuriye mw'ikambi y'impunzi ya Dadaab iri muri Kenya, ari kumwe n'abandi Banyasomalia ibihumbi amajana bahunze ingwano n'uruzuba.

Yasubiye mu gihugu c'amavukiro yiwe mu 2020.

Naho ihiganwa ari iry'ubwiza, Gas yavuze ko icatumye aritanguza kwari ugushira imbere ijwi ry'abagore no kubakura mu bwigunge.

Yavuze ati: “Birateza imbere ubumwe n'ubwigenge”.

Gas arizera ko hageze ko Somalia yoja mu mahiganwa y'ubwiza co kimwe n'ibindi bihugu vyo kw'isi. Ati “Ndashaka guhimbaza ivyipfuzo vy'abagore bava mu mihingo myinshi, kwubaka icizere kiri muri bo no kubaha akaryo ko kwerekana akaranga ka Somalia kw'isi yose.”

Ihiganwa ry'uyu mwaka ryahagarariwe n'abagore bava mu bisata bitandukanye. Umwe mu bahiganywe yari umupolisikazi.

Baja mu mahiganwa y'ubwiza bambaye imyitwikiro

Ahavuye isanamu, SHUKRI MOHAMED ABDI

Insiguro y'isanamu, Abaja muri iryo higanwa baramaganwa mu kibano
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abantu benshi bo muri Somalia bafata iciyumviro c'amahiganwa y'ubwiza nko kwubahuka.

Bamwe bakibona nko gusomborotsa idini rya Isilamu no ku karanga ka Somalia. Abandi bakavuga ko ari ubundi buryo bw'ihohoterwa rifatiye ku gitsina, rifata abagore nk'ibikoresho.

Umukuru w'umuryango Ahmed Abdi Halane yavuze ati: “Ndamaramajwe n'iciyumviro c'abana bacu b'abakobwa bitabira ihiganwa riteye icuka kibi.

“Ibintu nk'ivyo biteye kubiri n'akaranga kacu n'idini ryacu. Umukobwa yambaye impunzu zimufata cane akaja kwiyerekana, bizotera ibimaramare ku muryango wiwe n'aho ava. Abagore bategerezwa kuguma mu ngo zabo no kwambara impuzu ziyubashe.”

Abagore bamwe bamwe nabo nyene ntibashigikiye amahiganwa y'ubwiza.

Umunyeshuri Sabrina atashatse ko irindi zina ryiwe rimenyekana yavuze ati: “Ni vyiza gushigikira urwaruka rw'Abanyasomalia ariko atari mu nzira zihushanye n'idini ryacu.

"Si vyiza ko umugore aseruka mu bantu adapfutse izosi ryiwe kandi ivyo nivyo abitabira Miss Somalia bagira.”

Abitabiriye amarushanwa ya Miss Somalia bari bambaye impuzu z'amabara akeye, kandi zibegereye, ibitandukanye n'amakanzu n'ibitambara vyo mu mutwe vy'amabara yijimye vyambarwa n'abagore benshi b'Abanyasomalia.

Aisha Ikow yambitswe urugori rwa Miss Somalia, yari yambaye ikanzu ndende ikwega hasi y'ibara risa n'inzahabu, yatahukanye agashimwe k'amahera $1,000 (ÂŁ770).

Abagore babiri bariko baraba mu mpapuro

Ahavuye isanamu, SHUKRI MOHAMED ABDI

Insiguro y'isanamu, Hani Abdi Gas (iburyo) yatinyutse kunegurwa mu gutanguza ihiganwa mu 2021

Ni umunyeshuri wo muri kaminuza, akaba umuhinga mu gusiga abagore bashaka kwishariza mu maso, aserukira kandi Leta yo mu bumanuko bushira uburengero. Abashitse mu gice ca nyuma c'ihiganwa bari abaserukiye uturere mu bijanye n'ubwiza twa Jubaland mu bumanuko na Galmudug yo muri Somalia yo hagati.

Ikow yavuze ati: “Nzobifata nk'akaryo ko kurwanya gushingira abana b'abakobwa bataragera mu bigero, no gushigikira indero y'abakobwa.

Iri higanwa rirahimbaza akaranga ka Somalia n'ubwiza no guha kazoza keza abagore.”

umugwi w'abantu 6 batoranijwe kugirango batange amanota, harimwo abagore 5 n'umugabo umwe vyarabagoye guhitamwo uwatsinze.

Abagize uwo mugwi barimwo umugore yashinze ihiganwa, Gas, yaserukiye ubushikiranganji bw'urwaruka na Miss Somalia 2022. Mu guha amanota abitabiriye ihiganwa bafatira ku bwiza bwo ku mubiri, ukuntu biyerekana bariko baratambuka, uko bari bambaye n'ingene bavuga imbere y'abantu.

Hariho n'ababatora ku rubuga ngurukanabumenyi rwari rwugururiwe bose.

Gutora vyarihwa idorare rimwe, amahera yavuyemwo yari ayo gushigikira ihiganwa i Mogadishu n'ingendo zo mu mahanga zo kwitabira amahiganwa yo ku rwego rwa Afirika - Miss Africa -, n'ayo ku rwego rw'isi - Miss World na Miss Universe -.

Abatunganije ibirori bariko barakeza uwatsinze

Ahavuye isanamu, SHUKRI MOHAMED ABDI

Insiguro y'isanamu, Abaritegura bizera ko ihiganwa rishobora guteza imbere akaranga ka Somalia no guha icizere abagore.

Ibibera mw'ijoro ry'ihiganwa ry'ubwiza mw'ihoteli nziza riri ku mweya biratandukanye cane n'ubuzima bw'abantu benshi bo muri Somalia, cane cane abagore.

Amamiriyoni 4 y'Abanyasomalia, n'ukuvuga hafi y'ica kane c'Abanyasomalia bose, baba mu yindi mihingo y'igihugu inyuma yo kwirukanwa mu mihana yabo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya ko hagati y'ibice 70% na 80% y'abo bataye izabo ari abagore.

Mu 2024, haregeranijwe amakuru kugira ngo Somalia ishirwe ku rutonde rw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu bijanye n'iterambere rya muntu, ubwa mbere mu myaka 30 iheze. Somalia ikaba yaje mu kibanza ca nyuma.

Somalia iza ubwa kane uvuye inyuma ku rutonde rwa ONU mu busumbasumbane bw'ibitsina. Imirwi y'abatanga imfashanyo ivuga ko ibice 52% vy'abagore mu gihugu bakorewe amabi afatiye ku gitsina. Hafi ibice 98% baragenyerewe ibice vy'igitsina.

Mu mico yabo, iyo umugabo afashe ku nguvu umugore, igihano "ciwe" cari ico uko aca arongora umugore yasambanije ku nguvu. Inyifato ku bijanye no gufatwa ku nguvu n'ayandi mabi akorerwa abagore ntivyigeze bihinduka mu myaka iheze.

Mu 2013, umugore umwe i Mogadishu yaraciriwe umunyororo w'umwaka umwe inyuma yo kuvuga ko yafashwe ku nguvu n'abajejwe umutekano.

Muri Republika yigenga ya Somaliland, abakuru b'idini barakuyeho itegeko ryo mu 2018 rihana ivyaha bishingiye ku gitsina inyuma y'iminsi mike riteweko igikumu. Itegeko rishasha ryashinzwe ntirikingira abagore bagiye kwubaka bataragera mu bigero, kurongorwa ku nguvu, gufatwa ku nguvu n'ayandi mabi ashingiye ku gitsina.

Ariko kubona ihiganwa rya Miss Somalia ribera i Mogadishu, ku kirometero kimwe uvuye ahabereye igitero c'ubwiyahuzi, vyerekana ko igihugu kiriko kirahinduka mu bijanye n'inyifato no mu mutekano.

Ihiganwa ry'ubwiza cari ikintu kitaca mu bwonko bw'umuntu mu myaka iheze, na cane cane igihe al-Shabab yafata umurwa mukuru.

Isinzi ry'abantu bari kw'ihoteli Elite batashe mu gaturuturu. Ntibumvise urwamo rw'igitero cabereye hafi y'aho kubera rwarengewe n'imipfunda y'ibahari Indiano yisesa ku mweya.

Kiin Hassan Fakat ni umumenyeshamakuru kuri Bilan Media, ikinyamakuru gikoramwo abagore gusa muri Somalia.

Mary Harper yanditse ibitabo bibiri kuri Somalia, harimwo 'Everything You Have Told Me Is True, a look at life under al-Shabab'.