Somalia ivuga ko amasezerano ya Ethiopia ari agasomborotso

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia Hamza Abdi Bare

Ahavuye isanamu, Somalia Government

Insiguro y'isanamu, N'ubwo yiyamirije ayo masezerano, umushikiranganji wa mbere wa Somalia Hamza Abdi Bare yasavye abanyagihugu kuguma batekanye

Somalia yavuze ko amasezerano igihugu ca Ethiopia kitagira umuhora kw'ibahari cagiranye na Repuburika ya Somaliland yiyahe ubwigenge kugira ishike kw'ibahari ari igikorwa ''c'agasomborotso''.

Somaliland yiyonkoye kuri Somalia haraheze imyaka 30, ariko ntiyemewe mu makungu.

Yavuze ko Ethiopia yemeye kwemera ubwigenge bwayo muri kazoza ariko nayo ikemerera igisirikare cayo gushika kw'ibahari.

Ethiopia ntiremeza ico gice c'ayo masezerano yo ku wa mbere ateye impari.

Ahubwo , ibiro vy'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed vyavuze ko vyashize umukono ku kizwi nk'amasezerano yo kwumvikana (memorandum of understanding) ''yo kuronka umuhora kw'ibahari no kugwiza amayira yo gushika ku bivuko vyo ku mabahari''.

Abiy Ahmed imbere y'aho yari yavuze ko kuronka umuhora ushika kw'ibahari ari ikibazo ''c'ugupfa n'ugukira'' ku gihugu ciwe.

Umujenama wiwe mu bibazo vy'umutekano, Redwan Hussein, nawe yavuze kuri X (yahoze ari Twitter) ko uwo mwumvikano ushobora gufasha Ethiopia kuronka ''ikibanza co gukota c'ikambi ya gisirikare'' ku kiyaga, ariko nta bindi vyinshi yasobanuye.

Amasezerano yo kwumvikana afatwa nk'uko ari itangazo ry'icifuzo kandi ashobora gushikana ku masezerano yemewe n'amategeko.

Ku mpande zompi bavuga ko ari intambwe ikomeye mu migenderanire.

Somalia, ariko, yo yavyakiranye uburakari kuko ifata ko Somaliland ari igice cayo.

Yavuze ko iciye ihamagaza uuwuyiserukira muri Ethiopia.

Umukuru wa Somaliland Muse Bihi Abdi n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed mu birori vyo gushira umukono ku masezerano y’umwumvikano , arekurira Ethiopia gukoresha ikuvuko ca Somaliland , I Addis Ababa, 01 Nzero, 2024

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed (i bubamfu) yashize umukono ku masezerano y'umwumvikano na perezida wa Somaliland Muse Bihi Abdi i Addis Ababa
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Reta yavuze ko ayo masezerano ari ''ubusa'' kandi ko ari uguhonyanga ubutavogerwa bwayo.

Mw'itangazo yavuze ko ifata ico gikorwa nk'agasomborotso kandi ... ari intambanyi ku mubano mwiza, amahoro n'amaragamo y'akarere gasanzwe gahanzwe n'ibibazo vyinshi''.

Umushikiraganji wa mbere wa Somalia Hamza Abdi Bare yasavye abanyagihugu kuguma batekanye.

''Nashaka kubahumuriza ko dushimitse cane ku kugwanira igihugu cacu. Igice c'igihugu cacu, amazi yacu n'ikirere cacu ntibishobora kuvogerwa kandi nzobigwanira mu buryo bw'amategeko bwose bushoboka,'' niko yavuze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru categuwe igihutihuti.

Somalia yavuze kandi ko yifuza ko ONU n'ishirahamwe rya Afrika yokwiga ico kibazo.

Ido n'ido ry'ibiri muri ayo masezeranyo yateweko umukono na'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy n'umukuru wa Somaliland Muse Bihi Abdi ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa, ntibiramenyekana.

Abdi yavuze ko harinwo agace kavuga ko Ethiopia hazogera igihe muri kazoza ikemera Somaliland nk'igihugu cikukiye.

Itangazo ry'ubushikiranganji bwa Somaliland bujejwe imigenderanire ryavuze ko ''uwo mwumvikano w'imbonekarimwe uha inzira yo gushika kw'ibahari ingabo zo mu mazi za Ethiopia, ugasubirizwa mu nkoko no kwemera Repuburika ya Somaliland. Ivyo bikaba ari intambwe ikomeye mu migenderanire ku gihugu cacu''.

Ryasubiyemwo amajambo y'umukuru wa Somaliland avuga ko kwemera ico gihugu bizokabwa ''gushika kw'ibihari ku gace kangana n'ibirometero 20 ku ngabo zo mu mazi za Ethiopia, kazokotwa ku kiringo c'imyaka 50''.

Map