Somalia: Al-Shabab yafashe kajugujugu ya ONU n’abari muri yo

Ahavuye isanamu, AFP
Umuhari w’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam al-Shabab wafashe kajugujugu y’ishiramahwe ONU, hamwe n’abari bayirimwo bababa umunani, ingenzi n’abadereva, nk’uko amasoko y’aho vyabereye yabibwiye BBC.
Iyi kajugujugu yaguye mu karere kari mu minwe y’uno muhari hagati muri Somalia.
Ubutumwa bw’ishirahamwe ONU muri Somalia (Unsom) bwemeje ko hari "indege yagize ibibazo" bukavuga ko yari indege ya ONU yari yunguruje abagiye kuvurwa.
Ubu butumwa ntibuvugamwo al-Shabab, ariko buvuga ko "hari utwigoro tubandanya".
Urwandiko rwa ONU kuri ibi vyabaye rwabonywe n’itororokanirizo ry’amakuru AFP ruvuga ko iyi kajugujugu yagize ingorane yaguye ku birometero hafi 70 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Dhusamareb kandi ko ata mukozi wa ONU yari muri yo. Abari muri yo bari abandi bantu bari bafitaniye amasezerano na ONU, nk’uko uru rwandiko rubivuga.
Amamuko y’aba bantu bari muri iyi ndege ntiyerekanywe, eka mbere n’igitigiri cabo. Bivugwa ko umwe mu ngenzi yari ayirimwo yishwe abandi babiri barashobora guhunga.
Al-Shabab iragenzura uturere tutari duto two mu bumanuko no hagati muri Somalia.
Uno muhari ufitaniye ubucuti na al-Qaeda kandi umaze imyaka yababa 20 urwanya reta y’iki gihugu.
Umushikiranganji w’umutekano w’iyi ntara ya Galmudug Mohamed Abdi Adan yabwiye BBC ko koko iyi kajugujugu yafashwe.
Abanyamahanga batari bake hamwe n’abenegihugu babiri ni bo bari muri ino kajugujugu, nk’uko intwazangabo yo mu gisirikare ca Somalia Majoro Hassan Ali yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Asubwirwamwo avuga ati: "Yarimwo kandi n’ibikoresho vy’ubuvuzi kandi yari izwi ko yari itwaye abasirikare bakomeretse bo mu ntara ya Galgudud”.
Igihe yagwa, iyi kajugujugu yatera ija mu gisagara ca Wisil hafi y’urwasiro mu rugamba rw’ingabo za reta rwo kurwanya al-Shabab.
Ishami rya ONU rijejwe imfungurwa PAM/WFP ryacishije ubutumwa ku mbuga hwaniro ejo ku wa gatatu mw’ijoro rivuga ko iyi ndege itari iya “PAM canke iy’abakozi ba ONU bajejwe ubutabazi, kandi nta mukozi wa PAM yari muri yo”.
PAM yongerako ko mu kwinengesera, ingendo z’indege muri ako karere zabaye zirahagaritswe.
Kuva mu mezi aheze, reta ya Somalia yarongereje akariro mu rugamba rwayo rwo gutuza uno muhari ufitaniye ubucuti na al-Qaeda.










