US: Ca gipurizo c’Ubushinwa nta makuru cegeranije, niko Pentagon ivuga

Ahavuye isanamu, Igisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi
- Umwanditsi, Chloe Kim
- Igikorwa, BBC News
Ibiro vy’ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe kwivuna abansi, Pentagon, bivuga ko ca gipurizo c’Ubushinwa caca hejuru y’ubutaka bwayo kivuye muri Alaska kigashika ku mweha wo mu Buseruko mu kwa kabiri ata nkuru n’imwe cashoye kwabura.
Amerika "yarafashe ingingo zo kunyegeza” ibintu vyose igisata kijejwe igendereza ciketse ko ico gipurizo ca maneko cari kwabura, nk’uko abategetsi babivuze nijoro ku wa kane.
Ibisigarira vy’ico gipurizo vyegeranijwe kimaze kuraswa biriko birihwezwa n’ibigo vya Amerika bijejwe igendereza.
Ivyo bipurizo vyarateje icuka kibi hagati ya Amerika n’Ubushinwa.
Umuvugizi wa Pentagon Jenerali de Brigade Pat Ryder yavuze ejo ku wa kane ko Amerika yari “izi ko [iki gipurizo] cari gifise ubushobozi bwo gusuma urusaku”.
Ariko "umwihwezo wacu ubu utwereka ko ata makuru cashoboye kuronka mu gihe caca hejuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika”.
Avuga ko inguvu Amerika yakoresheje mu kuzibira “zafashije” mu gutuma iki gipurizo kinanirwa no kuronka amakuru akomeye.
Jenerali Ryder ntiyemeje inkuru y’ikinyamakuru Wall Street Journal ivuga ko ibikoresho vyahinguriwe muri Amerika biri mu bigize ico gipurizo, ariko akavuga ko muri kahise indege z’Ubushinwa zitagira abaredera (drones) zakoresheje ibikoresho vya Amerika.
Ico gipurizo camaze indwi yose mu kwa kabiri kizunguruka hejuru ya Amerika na Canada imbere y’uko kiraswa n’indege y’intambara hanze y’umweha w’ibahari Atlantique, kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Joe Biden.
Ibikoresho vyo gufata amajwi n’amasanamu vy’ico gipurizo cari kizwi ko ari ic’Ubushinwa vyahavuye mu nyuma bitorwa mw’ibahari.
Hari amakenga ko Pékin/Beijing yariko ikoresha ico gipurizo mu kwegeranya amakuru mu gihe caca hejuru y’ibigo vya gisirikare vya Amerika.
Abategetsi b’Ubushinwa bavuga ko cari igipurizo ca gisivire cihweza ikirere, Amerika ikaba yararengeje urugero mu kukirasa.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika Antony Blinken yaciye ahagarika urugendo rwiwe yari afise i Pékin kubera ikibazo c’iki gipurizo. Urwo rugendo rwaciye rwunguruzwa ruba ruba mu ntango za kuno kwezi.










