Uburusiya butegura ‘kunaniza’ Ukraine bukoresheje ibitero vya drone - Zelensky

Na Matt Murphy

BBC News

Umukuru w’igihugu ca Ukraine avuga ko Uburusiya butegura isekeza rirerire ry’ibitero vya za ndege zitagira abadereva (drone) mu ntumbero yo guca intege abanya Ukraine.

Volodymyr Zelensky avuga ko yaronse amakuru y’igendereza avuga ko Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya) izokora ibitero vya ya madrone yahinguwe na Irani, Shahed.

Avuze ibi inyuma y’aho Ukraine ikoreye igitero ivuga ko cahitanye amajana y’abasirikare b’Uburusiya mu ntara ya Donbas.

Mu bintu bisazwe biba gace cane vyo kwemera ko bwatakaje ku rugamba, Uburusiya buvuga ko ico gitero cahitanye ingabo zabwo 63.

Mw’ijambo ryiwe asanzwe ashikiriza buri joro, Zelensky yaraye avuze ko Uburusiya butegura “kunaniza” Ukraine bukoresheje ibitero vy’amadrone.

Ati: "Dutegerezwa gukora uko dushoboye – kandi tuzokora ibishoboka vyose hano – kugira ngo tuburizemwo iyi ntego y’iterabwoba nk’ahandi hose.

“Ubu ni igihe c’uko buri muntu wese afise uruhara rwo gukingira ikirere amera magabo cane”.

Ibitero vy’amadrone y’Uburusiya bisa n’uko vyiyongereye muri ino misi, aho Moscou yateye ibisagara n’ibigo vy’umuyagankuba mu gihugu cose muri ano majoro atatu aheze.

Zelensky avuga ko igisata kijejwe gukingira ikirere kimaze gukorora amadrone 80 yahinguwe na Irani muri ino misi ya mbere y’umwaka wa 2023.

Uburusiya buratera ibibanza ntanganguvu vya Ukraine kuva mu mezi atari make, aho busambura ibigo vy’umuyagankuba bugata amamiriyoni y’abanyagihugu mu kizime muri kino gihe c’ubukonje budasanzwe.

Mu yandi makuru, Ukraine yemeza ko yakoze igitero mu ntara ya Donetsk yigaruriwe, aho mu ntango yatangaje ko cahitanye ingabo 400 z’Uburusiya.

Abategetsi b’Uburusiya barahakana iki gitigiri, bakavuga ko ingabo 63 zonyene ari zo zahapfiriye. Aya makuru avugwa na buri ruhande ntarashobora guhinyuzwa, na rirya bitemewe gushika mu kibanza vyabereyemwo.

Iki gitero ca Ukraine cakozwe ku musi w’umwaka mushasha cagemye inzu yo mu gisagara ca Makiivka, ahari hakambitse ingabo z’Uburusiya.

Ni ibintu bidahuse biraba aho Moscou yemeza ko hari ivyo yatakarije ku rugamba.

Ariko cari igitero cahitanye abatari bake, nk’uko bivugwa n’umwanditsi mukuru wa BBC ku Burusiya Steve Rosenberg, ku buryo kunuma atari yo nyishu.

Nico gitigiri kinini cemewe na Moscou mu gitero kimwe rudende kuva intambara itanguye, haraciye amezi cumi.

Mw’itangazo ryasohowe ejo ku wa mbere, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko ibisasu vya roketi bitandatu ari vyo vyarashwe hakoreshejwe inkoho zitera amaroketi za Amerika zo mu bwoko bwa Himars bigema inyubakwa yarimwo ingabo z’Uburusiya. Bibiri muri ibi bisasu vyarasambuwe, nk’uko iri tangazo ribivuga.

Igor Girkin, umunyamakuru yegamiye uruhande rw’Uburusiya, mu ntango yavuze ko abaharurwa mu majana bapfuye abandi barakomereka, n’aho igiharuro nyezina kitamenyekanye kubera hari benshi bari babuzwe irengero.

Iyo nyubakwa yoyo “yarasambuwe hafi yose”, nk’uko abivuga.

Yongerako ko abishwe ari cane cane ba barikiri baherutse kwinjizwa mu gisirikare. Avuga kandi ko ibirwanisho vyari bibitswe muri iyo nzu yarimwo abasirikare, ivyatumye hononekara vyinshi.

Yanditse uri Telegram ati: "Ibikoresho vya gisirikare hafi vyose vyarasambuwe, bikaba vyari hampande y’iyo nyubakwa bitanayoberanijwe na gato”.

Girkin ni umwanditsi wa gisirikare ku mbuga ngurukanabumenyi azwi cane yayoboye abashaka kwiyonkora bashigikiwe n’Uburusiya igihe bigarurira uturere tutari duto tw’ubuseruko bwa Ukraine mu 2014. Aherutse kwagirwa n’icaha c’ubwicanyi kubera uruhara yagize mw’iraswa ry’indege MH17.

N’aho yigenza bunyamaswa, yama anegura uburongozi bw’igisirikare c’Uburusiya n’uburyo bakora intambara.

Abashingamateka b’Uburusiya batari bake nabo nyene baranegura intwazangabo z’igisirikare kuri iki gitero, bakavuga ko bategerezwa kubazwa igituma barundanije hamwe ingabo muri ino nyubakwa idakingiwe kandi yari mu maso y’amaroketi ya Ukraine, ari naho n’ibirwanisho bishobora kuba vyari bibitswe.

Sergei Mironov yahoze arongoye inama nkenguzamateka y’Uburusiya avuga ko yaba igendereza, yaba igisata kijejwe gukingira ikirere, nta ruhande na rumwe rwavyifahemwo neza.

Itangazo ry’igisirikare ca Ukraine mu ntango ryavuze ko 300 bandi bakomeretse hampande y’abo 400 bavugwa ko bishwe. Igisirikare ca Ukraine, hafi imisi yose, cama kivuga ko cishe ingabo ziharurwa muri mirongo, rimwe na rimwe mu majana, mu bitero vyaco.

Itangazo ryagiye gusohorwa mu nyuma n’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine rivuga ko “imirwi igera kw’icumi y’ibikoresho vya gisirikare yasambuwe iyindi ikononekara” muri ivyo bitero, kandi ko “abahapfiriye mu bigaruriye ubutaka bariko baramenyekana

Ukraine ntiremeza nimba ivyo bitero vyakozwe na misire za Himars, ibi bikaba biri mu mayeri yayo yo kudatanga amakuru arambuye ku bitero vyayo.