Kenya: 15 bapfuye mw’isanganya ry’imodoka zibiri zunguruza abantu zagonganye

Muri iri sanganya ryatewe n'imodoka zibiri zinguruza abantu zagonganye, abantu 15 nibo bapfiriyeho

Ahavuye isanamu, National Police Service-Kenya

Insiguro y'isanamu, Muri iri sanganya ryatewe n'imodoka zibiri zinguruza abantu zagonganye, abantu 15 nibo bapfiriyeho

Isanganya ry’imodoka zibiri zagonganye muri Kenya ryihaye inkumbi aho abantu 15 bahasize ubuzima abandi batari bake barakomereka mu bucagucagu bwo kuri uno wa kabiri.

Nk’uko igipolisi kibitangaza, iri sanganya ryabereye ahazwi nka Twin Bridge kw’ibarabara rya Nakuru-Eldoret mu burengero bwa Kenya.

Kivuga ko iri sanganya ryabaye igihe bisi (bus) izwi nka Classic Kings ya Congo hamwe na hiace, izwi nka matatu muri Kenya, North Ways, zagongana isaha umunani n’iminota 45 z’ijoro (2:45am).

Igipolisi kivuga ko iri sanganya ryatewe n’uko imwe muri izi modoka yashaka kurengana iyindi.

“Abantu 15 bapfiriye aho nyene, abakomeretse nabo bakaba baciye banyarukanwa mu bitaro vy’akarere ka Molo”, niko itangazo ry’ibiro bikuru vy’igipolisi rivuga.

Igipolisi gitera akamo abagendesha ivyuma vy’umuriro kwitonda kugira birinde amasanganya nk’aya.

Bimwe mu binyamakuru vy’aho muri Kenya bivuga ko ako karere ka Twin Bridge gakunze kuberamwo amasanganya nk’aya.

Imodoka ya Classic Kings ikora ingendo hagati y'imijyi ya Nairobi, Kampala, Butembo, Goma n'ahandi.

Mu gihe amasanganya nk’aya yarwiriye cane mu misi ya nyuma y’umwaka uheze mu gihe c’imisi mikuru, ibiharuro vyerekana ko buri mwaka abantu 3.500 bahitanwa n’amasanganya y’imodoka muri ico gihugu.

Isanganya

Ahavuye isanamu, National Police Service-Kenya

Isanganya

Ahavuye isanamu, National Police Service-Kenya