Kuki Joseph Kabila yahoze atwara Congo be n'umugambwe wiwe batitavye amatora?

Josep Kabila

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Joseph Kabila Kabange yavuye ku butegetsi mu 2019 inyuma y'imyaka 18 atwara igihugu

Ntiyitavye amatora n'ubwo afise ikibanza gikomeye ku rubuga rwa poritike muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo.

Kuva avuye ku butegetsi mu kwezi kwa mbere mu 2019, Joseph Kabila yibera mw'iraro ryiwe rya Kingakati riri ku birometero 50 mu buseruko bw'umurwa mukuru Kinshasa canke mu rindi riri i Kashamata i Lubumbashi, mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu.

Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu kuva yigiwe kure ubuzima bwa poritike aho avavanuriye n'uwamusubiriye, Felix Tshisekedi mu mpera za 2020, yaciye yibera mu gacerere.

Kuja ahabona mu bantu benshi abikora gake, no kugira ico avuze biragenzurwa cane nk'uko vyari bisanzwe bimeze mu myaka 18 yamaze ku butegetsi.

Ni umukenyuro w'agacerere utera amakenga bamwe bamwe muri iki gihe c'amatora abantu bibaza kazoza k'umugambwe wiwe wa poritike, Parti du Peuple pour la Reconstruction et la Démocratie (PPRD).

Uretse na PPRD, Joseph Kabila afise n'urunani rw'imigambwe imushigikiye ruzwi nka FCC, Front Commun pour le Congo. Iyo yose ntiyitavye amatora.

Joseph Kabila

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Joseph Kabila yasavye abanywanyi bakomeye mu mugambwe wiwe no mu runani FCC kutitaba amatora mu gihe umugwi uyajejwe utabanje gusubirwamwo (ifoto yo mu 2018 ari mw'iraro ryiwe i Kinshasa)

''Ikinamico y'amatora'' - FCC

Urwo runani ariko rwasohoye itangazo runegura amatora yo kuri uyu wa 20 Kigarama (12). Ruvuga ko amakenga rwashikirije imbere y'igihe hagishingwa umugwi ujejwe amatora ariko ''akirengangizwa n'ubutegetsi n'ababushigikiye ubu noneho yabaye ukuri'' kuko ''amatora yarenze kuba ikinamico'' ryo guhezagira ''ibizova mu matora vyamaze gutegurwa mu buryo butera iceyi igihugu''.

Hasigaye iminsi mike ngo amatora abe, BBC yaravuganye na Ferdinand Kambere, umwe mu begereye Joseph Kabila akaba n'icegera c'umumanyamabanga nshingwabikorwa w'umugambwe PPRD wa Joseph Kabila.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yavuze ko batashimye kuja mu matora kuko ibintu vyapfuye kare hakigenwa umugwi ujejwe amatora. Kambere avuga ko umukuru w'igihugu Felix Tshisekedi yarenze ku ngingo nyinshi z'ibwirizwa shingiro mu gushiraho uwo mugwi.

Ati: ''Twaratangaye igihe hagenwa abagize CENI ...itegeko ryarahonyanzwe ... kuko rivuga ko abaja muri CENI bagenwa n'imigambwe ya poritike hanyuma amazina akarungikwa mu nama nshingamateka hakaba umugwi uyiga hanyuma inama ikayemeza''.

''Itegeko ryararenzwe, kuva aho... ivyakurikiye ntivyari bikituraba''.

Muri iryo tangazo, urunani FCC ruhamagarira abanywanyi baryo ''kwitegurira kwitaba ivyo bazosabwa gukora mu guhaguruka kugira hagarukanwe intwaro yisunga ibwirizwa shingiro ryahonyanzwe hanyuma ubutegetsi busubizwe abanyagihugu''.

Ivya mbere mu vyavuye mu matora yo ku wa gatatu umugwi uyajejwe uvuga ko bishobora gutangura gutangazwa kuri uyu wa gatanu.

Ariko gushika ku wa kane mw'ijoro hari aho amatora yari akiriko araba ku munsi ugira kabiri. Ku munsi wari uyagenewe habaye ingorane nyinshi na cane z'ibikoresho n'ubuhinga, mbere hamwe hamwe ntiyashobora kuba.

Urunani rw'amashirahamwe akurikirana amatora, SYMOCEL (Synergie des Missions d'Observation électorale), rugereranya ko ibibanza vy'itora 55% vyuguruye bicerewe hagati y'isaha imwe n'amasaha 11 , navyo 12% ntivyuguruye.

PPRD hasigaye iki?

Ferdinand Kambere yemeza ko umugambwe ukora mu gihugu cose n'aho ata matora wagiyemwo. Avuga ko inzego zawo zose zikora kandi ko no mu ntara z'umutekano muke nka ''Kivu ya Ruguru na Ituri, amabendera ya PPRD aboneka''.

''Umugambwe uhagaze neza ... hariho ibikorwa ku rwego rw'igihugu, rw'intara no kumanuka.''