Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Darya Dugina: Ukraine niyo yishe umukobwa w’uwucuditse na Putin, niko Russia ivuga
Uburusiya bwagirije inzego zidasanzwe za Ukraine kwica umukobwa w’umwe mu bacuditse cane na Vladimir Putin.
Umunyamakuru Darya Dugina w’imyaka 29, yapfuye ku wa gatandatu igihe imodoka yari atwaye yaturikira hafi y’umurwa mukuru Mosco.
Se wiwe, Alexander Dugin, umuntu w’ivyiyumviro bikaze mu gushira igihugu imbere (ultra-nationaliste) azwi kuba acuditse cane na prezida w’Uburusiya, ashobora kuba ari we yari agambiriwe.
Urwego rw’Uburusiya rujejwe umutekano (FSB) ubu ruvuga ko rwahejeje gutohoza rugasanga Ukraine ifise uruhara rutaziguye muri urwo rupfu.
Abategetsi ba Ukraine bari basanzwe bamaze guhakana ko ata ruhara bagize muri iryo turika.
Ariko mu rwandiko rwashizwe ahabona n’ibinyamakuru vyo mu Burusiya, FSB irabeshuza ivuga ko inzego zidasanzwe za Ukraine zatumye ico gikorwa umuntu yashitse mu Burusiya mu kwezi kw’indwi hagati, ari kumwe n’umwana wiwe w’umukobwa w’umuhererezi.
Ivuga ko uwo mugore yafashe inzu mu nyubakwa imwe ma madame Dugina kugira agendereze ibijanye n’ubuzima bwiwe. Urwo rwego rujejwe umutekano ruvuga ko abo bakekwa bakoresha imodoka ya Mini Cooper yari ifise imparati zitatu zidasa.
Uwo akekwa yaciye ahungira muri Estonia iryo turika rihejeje kuba, nk’uko FSB ivuga.
Madame Dugina na se bari mu giteramo hafi ya Moscou ku wa gatandatu ku mugoroba aho se, asanzwe ari umuhinga mu bumenyi bwo kwiyumvira (philosophe), yariko aratanga icigwa. Bivugwa ko ubwa mbere bari bateguye kugenda bajanye mu modoka imwe, ariko barabihindura ku munota wa nyuma.
Abatohoza bavuze ko hari igiturika cari cashizwe munsi ya Toyota Land Cruiser Madame Dugina yari gutwara, ari co cayiturikije ikaka umuriro ukica uwo mukobwa.
Video yashizwe ku mbuga hwaniro yerekanye se wiwe yashegeshwe ariko araraba ingene inzego z’ubutabazi bwihuta zariko zirafasha mu kuzimyya iyo modoka.
Madame Dugina yari mu bashigikiye cane igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.
Yari yashizwe mu bihano n’Ubwongereza mu kwezi kw’indwi nk’"uwuterera cane kandi kenshi mu makuru yo kuyovya ku kibazo ca Ukraine”.
Se wiwe, Alexander, azwi kandi nk’’ubwonko bwa Putin” no kuba yaravugiye ku mugaragaro ko aterekwa Uburaya, ivyatumye amenyekana cane i Moscou- n’ubwo ata kibanza kizwi afise muri poritike.
Mu 2014 yabwiye BBC ko intambara na UKraine idashobora kureka kuba, kandi kuva kera yasaba ko Crimea yigarurirwa, ivyahavuye biba muri uwo mwaka nyene.