Ibisigarira vy'indege ya Malaysia MH370 muri Mozambique

Ahavuye isanamu, Blaine Alan Gibson
Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu mu gihugu ca Malaysia yavuze ko bishoboa ko ibisigarira vyatowe mu gihugu ca Mozamique vya Boeng 777 bisa n’ivya ya ndege ya Malaysia MH370 babura irengero.
Australia ivuga ko ako karere ari muri tumwe imikuba isunikiramwo ibisigarira biba biri mw’ibahari.
Ibaba rifise uburebure bw’imetero imwe baritoye mu musenyi mu mpera z’indwi iheze.

Ahavuye isanamu, Reuters
Indege yo mu bwoko bwa MH370 yaburiwe irengero mu kwezi kwa gatatu 2014 igihe yariko irava I Kuala Lumpur yerekeza Neijing, itwaye abantu 239.
Australia yararondeye mw’ibahari hose ariko gushika ubu yaba iyo ndege canke abari bayirimwo, ntawuramenya irengero yabo.






