Burundi: Inteko za UA ziriyamirijwe

Inama nkuru ijejwe umutekano mu Burundi, iriyamiriza icipfuzo ca UA co kurungika inteko mu Burundi, ikavuga ko abajejwe umutekano bakora akazi kabo neza, mbere ari na ba bitumwako mu makungu.
Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji w' umutekano ari nawe yasomye iryo tangazo, yavuze ko izo nteko zidakenewe kuko inzego zijejwe umutekano zishoboye guhagararira amahoro n' umutekano w' abanyagihugu.
Ako kanama karatangazwa n'ingene UA isaba Uburundi kurungika inteko zija kugarukana amahoro muri Sudani y’epfo, mu gihe iriko yafashe ingingo yo kurungika izindi nteko mu Burundi.

Inama nkuru y'umutekano iriyamiriza uruhara rw''igihugu c' u Rwanda mu gushigikira no gufasha abashaka gutembagaza ubutegetsi .
Impunzi z' abarundi nyinshi ngo zifuza gutaha ariko ntizoroherezwe n’abajejwe ayo makambi.
Ako kanama gasaba reta y'uburundi gukorana na HCR n'ibihugu vyakiriye izo mpunzi gutorera inyishu ico kibazo.
Reta y'uburundi isabwa kubandanya ibiganiro bihuza abarundi bose, haba abari mu gihugu no hanze.

Ahavuye isanamu, Burundi Police
Basavye ko inzego z'umutekano kubandanya kurondera ku nguvu ibirwansiho biri mu banyagihugu.
Ibihugu navyo bihaye indaro abategura ubwicanyi , babisavye kubafata kugira bashikirizwe ubutungane.

Ahavuye isanamu, Reuters
Imidurumbanyo yaturutse ku kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu imaze guhitana abantu barenga 400, abandi barenga 200, 000 barata baromoka.
Abantu batandatu ni bo bamaze gufatirwa ibihano n’amakungu bagirizwa kugira uruhara muri iyo mishamirano.










