EAC yetumye Museveni guhuza Abarundi

Inama yaheruka Dar es Salam yari yasavye ibiganiro

Ahavuye isanamu,

Insiguro y'isanamu, Inama yaheruka Dar es Salam yari yasavye ibiganiro

Iyo nama y'uno munsi yitabiriwe n'abakuru b'ibihugu babiri gusa, Perezida Jakaya Kikwete na perezida Yoweri Museveni.

Abandi bategetsi bitumye ababaserukira.

Mu ngingo bashitseko zigera ku munani harimwo ko perezida Museveni yoba umuhuza mu kibazo c'Uburundi hagati ya reta n'abatavuga rumwe nayo batifuza ko perezida Nkurunziza yongera kwitoza.

Harimwo kandi gusaba ko amatora y'umukuru w'igihugu yigizwayo indwi zibiri agashirwa kuwa 30 z'ukwezi kw'indwi, mu ntumbero yo guha umwanya perezida Museveni wo guhuza impande zitumvikana.

Ikindi bifuza n'uko leta y'Uburundi yokubahiriza amasezerano ya Arusha, ikiyemeza kudahindura ibwirizwa nshingiro.

Icemezo ca Perezida Petero Nkurunziza co guharanira kuyobora u Burundi ku ncuro ya gatatu cateje imyiyerekano irimwo akaguma

Perezida Nkurunziza ubwiwe ntiyibariye iyo nama yabereye i Dare s salaam.

Umusirikare mukuru yagize uruhara mu gikorwa ca burijwemwo co guhirika ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu, yavuze ko abamurwanya bazokomeza kurwana kugeza akuwe ku butegetsi.

General Leonard Ngendakumana yavuze ko abashatse guhirika ubutegetsi bari inyuma y'imyiyerekano mu Burundi.