Abiyahuzi bateye igipolisi muri Chad

Ahavuye isanamu, Reuters
Ababibonye bavuga ko abateze ivyo bisasu bari ku ma pikipiki biturikirije rimwe.
Abantu barenga 100 bakomeretse.
Umwe muri bo yiturikireirje iruhande y'ikigo gikuru ca polisi, uwundi iruhande y'ishure ry'igipolisi.
Haciye harungikwa ibitigiri vyinshi vy'abajejwe umutekano.
Ingabo za Chad zagize uruhara rukomeye mu gufasha Nigeria kurwanya Boko Haram.
Mu muji wa N'djamena niho hariko hategurirwa kuja icicaro gikuru c'inteko z'akarere.






