Umupolisi muri Kenya aregwa gutunga ihembe rya rhinoceros

Ahavuye isanamu, Reuters
Umupolisi mu gihugu ca Kenya yagirijwe gutunga ihembe rya rhinoceros mu buryo budakurikije amategeko.
Yafashwe mu ntango za kuno kwezi nyuma yo kugerageza kugurisha iryo hembe ku bajejwe gukingira ibikoko muri Kenya, bari bigize abashaka kugura iryo hembe.
Bivugwa ko uwo mupolisi yashatse kurasa abo bakoze igihe bagerageza kumufata.
Iryo hembe rifise agaciro k'amadolari ibihumbi mirongo ine.
Ifu basya muri iryo hembe irakundwa cane muri Aziya, aho vyibazwa ko itanga inguvu zo kurangura imibonano mpuzagitsina, hamwe no kuvura indwara zimwe zimwe.






