Nyina wa Michael Jackson yatsinzwe urubanza

Katherine Jackson, yashaka ko ikigo AEG kimushumbusha amahera arenga umuriyaridi n'igice kubera urupfu rw'umuhungi wiwe

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Katherine Jackson, yashaka ko ikigo AEG kimushumbusha amahera arenga umuriyaridi n'igice kubera urupfu rw'umuhungi wiwe

Nyina wa Michael Jackson yatsinzwe urubanza rwungurujwe yaregamwo ikigo gitunganya ibiteramo vy'umuziki, kuba carishe umuhungu wiwe.

Katherine Jackson yitwariye ikigo AEG Live avuga ko cafashe ibintu minenerwe mu guha akazi umuganga yahamwe n'icaha co guha umuhungu wiwe umuti w'ikirenga, ukamuhitana.

Ariko sentare yunguruza imanza ya California yavuze ko umuganga Conrad Murray, yavura Michael Jackson nk'umuganga yigenga.

Umuganga Murray yamamwe n'icaha co kwica atabifitiye umugambi.

Umupfasoni Jackson yari yavuze ko AEG igomba kumushumbusha amahera angana umuriyaridi umwe n'imiriyoni amajana atandatu z'amadolari.