Iyindi mpanuka y'ubwato muri Kongo

Ubwato nk'ubu bukunze kugira impanuka mu nzuzi zo muri Kongo

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Ubwato nk'ubu bukunze kugira impanuka mu nzuzi zo muri Kongo

Amakuru ava mu buraruko bushira ubuseruko bwa republika iharanira demokrasi ya Kongo avuga ko ubwato bwagize isanganya buhitana abashika 30.

Abajejwe intwaro bavuga ko abantu bashika ijana barokotse, ubwo bwato bukaba bwari bwuzuye ibidandazwa n'abantu.

Ivy'iyi mpanuka yabaye ku wa mbere ku birometero nka mirongo itatu werekeza mu muji wa Kisangani, niho bikimenyekana.

Vyatumye haba imyiyerekano y'urwaruka rwatwawe n'ishavu mu muji wa Isangi aho ubwo bwato bwari bwerekeje.

Bivugwa ko inyubako nyinshi za leta zaturiwe.