Inkuba yahitanye abantu 18 muri Uganda

Ahavuye isanamu, BBC World Service
Abana 18 barimwo abakobwa 15 n'abahungu batatu nibo batwawe n'inkuba yadutse k'ishure ritoyi ryo mu karere ka Kryandongo, riri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kampala.
Abandi barenga 10 barakomeretse , abo bakaba bakurikiye abandi bagera kuri 10 bari bahitanywe n'inkuba nyene mu ndwi iheze, mu mice itandukanye ya Uganda
Muri Uganda muri ino minsi hamaze igihe harwa imvura idasanzwe.






