Umunya-Uganda w'umu-gay abaza ati ''Tuzoja he'' mu gihe ubwihisho babamwo bugeramiwe

Man with a hood on looking out of a window
Insiguro y'isanamu, Se wa Ali yamubwiye ko adashaka gusubira kumukubita ijisho kuva aho inyifato yiwe ku migenderanire mpuzabitsina imenyekaniye ku mugaragaro
    • Umwanditsi, Patience Atuhaire
    • Igikorwa, BBC News, Kampala

Inama nshingamateka ya Uganda ku ndwi iheze yemeje itegeko riri mu ya mbere akaze cane kw'isi arwanya imigenderanire mpuzabitsina y'abafise igitsina kimwe, itegeko ryiyamirijwe cane. Hamwe ryoterwako igikumu n'umukuru w'igihugu, uwo ari we wese amenyekanye nk'umu-LGBT ashobora guhanishwa umunyororo w'imyaka cumi.

Rigeramiye kandi ahantu hake aba-LGBT bahora baja kurondera ubuhungiro iyo birukanywe iwabo. BBC yashoboye gushika muri bimwe muri ivyo bibanza vyo mu kinyegero ivugana na bamwe mu bahaba ku buzima bwabo n'ubwoba bafise.

Short presentational grey line

Ali yari yaranyegeje inyifato yiwe ku bijkanye n'imigenderanire mpuzabitsina ariko yagiye kugaragara afashwe igihe igiporisi ca Uganda catera umukwabu ku kirabo cinyegeje c'aba-gay ku murwa mukuru, Kampala, mu 2019.

"Data yaciye avuga ati: 'Sinshaka gusubira kugukubita ijisho. Nturi umwana wanje. Sinshobora kugira umwana nka we,' bivugwa na Ali, izina ryiwe rikaba ryahinduwe kugira umwidondoro wiwe ntumenyekane.

N'aho vyumvikana ko ari mu bihe bitoroshe, uwo musore, ari hagati na hagati mu myaka ya 20, avuga umutima uri mu nda.

''Yaguma andondera ngo ankubite ariko mama akambwira ngo ninyegeze. Sinari mfise iyo nja, ariko narabona ko ntegerezwa kuva muhira."

Inkuru yiwe yo gukumirwa, gutotezwa n'ubwoba itanga ishusho y'ubuzima bw'aba LGBT muri Uganda.

Imigenderanire mpuzabitsina hagati y'abafise bimwe isanzwe ibujijwe n'amategeko muri ico gihugu, ariko iryo tegeko rishasha ryo riza ari ruhasha gusumba.

Iryo, rikirindiriye igikumu c'umukuru w'igihugu imbere y'uko ritangura gukurikizwa, ritanga igihano co guhera mu munyororo ku muntu wese amenyekanye nk'umu-gay, n'igihano co gupfa ku gushurashuza umwana bikozwe n'aba-gay. Gusambanya ku nguvu umwana afise munsi y'imyaka 14, canke mu gihe uwubikoze afise umugera wa SIDA, bisanzwe bihanishwa igihano co gupfa, ariko gishirwa mu ngiro gake cane.

Rishobora kandi gutuma hugarwa amazu aho abantu bagiye kurondera aho bahungira, kuko rifata ko ari icaha umuntu wese apangisha ahantu ''ku ntumbero y'ibikorwa vyo gushishikariza imibonano mpuzabitsina y'abafise ibitsina bimwe''. Ivyo bibanza bishobora gufatwa kandi nk'ivyo gukoreramwo ubumaraya.

Ugandan MP John Musira dressed in an anti-gay gown gesturing as he leaves the chambers during the debate of the Anti-Homosexuality bill

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushingamateka w'umunya-Uganda John Musira yari yambaye impuzu yanditseko ivyivugo vyo kurwanya aba-gay mu gihe co kwiga itegeko mu nama nshingamateka

Inyuma yo guhunga imuhira iwabo haraheze imyaka ine, Ali yamenye ko hari ikibanza aho yashobora kuba mu mutekano kandi akaharonka ivyo kurya hakanafasha mu kuronderera ubuzi aba-gay batagira aho baba.

Uwo yahoze ari umukozi wo mu nzu y'uburiro yari ahamaze amezi ane gusa igihe ingingo za guma-mu-rugo za coronavirus zatangura.

''Mu 2020, aho hantu hatewe umukwabu n'igiporisi. Badutondetse hanze abanyagihugu barahamagarwa ngo baze kuturaba, badutwenge kandi badutere ivyatsi. Abantu baratuvuma,'' nk'uko Ali yabwiye BBC.

We n'abandi barenga 20 barafashwe, baragirizwa ivyaha muri sentare vyo kurenga ku mategeko ajanye n'ikiza ku bijanye n'ugukorana muri benshi, hanyuma barapfungwa.

''Igihe twashika mw'ibohero, bamwe mu bari bapfunzwe baja bamaze kumenya inkuru zacu, bari bamaze gusoma ibitwerekeye mu binyamakuru. Vyabaye ngombwa ko duhakana ko turi aba-gay kugira ntihagire ico tuba,'' nk'uko abisigura.

Ariko aravuga biraboneka ko yahungabanijwe n'igihe yamaze apfunzwe.

''Umwe mu bacungera abanyororo yari yabonye ibiri muri dosiye yacu aca abwira abandi banyororo ngo badukubite. Na wenyene yaragiyemwo. Bamwe mu bagenzi banje baraturiwe mu bice vy'irondoka hakoreshwa amakara. Twarakubiswe nk'ikiringo c'amasaha atatu, hakoreshejwe intsinga n'imbaho z'ibiti,'' nk'uko avuga, yerekana inkovu ku maboko yiwe.

Umuvugizi w'urwego rw'amabohero muri Uganda arahakana ko abo bantu bakubaguwe igihe bari mw'ibohero. ''Igihe bari yo, ntibari bazwi nk'aba-gay. Nta n'umwe yabahohoteye, kandi nkurikije ibivugwa n'uwari ajejwe iryo bohero, nta bimenyetso vy'uko baborejwe igufa [bari bafise]. Bagumye mw'ibohero gushika barekuwe vy'imfatakibanza,'' nk'uko yabwiye BBC.

Reta mu nyuma yahavuye isokora ivyaha yari yagirije uwo mugwi, hanyuma barekurwa haheze iminsi 50. Ali n'ubundi yaciye yimukira mu kindi kibanza co mu kinyegero.

Bene ivyo bibanza bishika 20 mu gihugu cose ca Uganda, bikora ku rugero rutandukanye rw'ibanga.

Umuhuzabikorwa mu kigo gikurikirana ibibanza biha indaro inkehwa muri Uganda (Uganda Minority Shelters Consortium), John Grace, avuga ko ''buri igihe ku bisanzwe tuba dufise abantu 10 gushika kuri 15 mu ndaro''.

Benshi mu ba-LGBT ngaho niho bumva ko bafise umutekano. Ariko na ho nyene, ingeramizi ntizigera ziba kure.

Clothes on the floor of a bedroom
Insiguro y'isanamu, Ababa muri iyo ndaro biteguriye kwimuka kuko nyeneho yababwiye kuhava

Ali avuga ingene umunsi umwe yetewe ku mugoroba wo mu kwezi kwa 11 mu mwaka uheze.

''Umugwi w'abahungu bakiri bato batanguye kunkurikira bavugira hejuru. 'Mwebwe aba-gay, tugiye kubica.' Sinishuye nguma ngenda. Umwe yaciye ankubita mu mutwe anturutse inyuma.

''Maze gutora ubwenge, nasanze ndi mu bitaro mfise ibipfupfuri mu maso hose n'uruguma runini ku nkomokomo.''

Najanywe aho bahawe indaro, avuga ko ari ho iwabo kuva muri iyi myaka itatu iheze, duciye mu tubarabara tw'ikinywabi tuja muri karitiye iri mu buraruko bwa Kampala. Abahaba bariyubara kuvuga aho hatumbereye.

Uretse igikoni cuzuye ivyombo, ahandi hose mu nzu, harimwo na garaje, hose hahinduwe aho kuryama. Mu cahora ari ikibanza co kwicaramwo [salon], ababa muri iyo nzu baryama canke bakicara mu ruvange rw'ama matera, ibisaswa, inzitiramibu hamwe n'udusakoshi turimwo ibintu vyabo duteretse irya n'ino hasi.

The back of a man's head
Insiguro y'isanamu, Umutekano wa Tim urageramiwe kuva itegeko rishasha ryizwe

Kuba mu kimeze nk'akajagari biterwa n'uko bishoboka ko iyo nteguro igwanya aba-LGBT iba itegeko.

''Kuva integuro yemejwe, nyene inzu yaciye adusaba kwimuka. Uwujejwe iyo ndaro yaciye atubwira kwama twiteguye mu gihe yoronka iyindi nzu,'' nk'uko Ali abwira BBC, ahagaze hagati y'ibipande vy'igitanda kigerekeranywa gatatu.

Ariko kazoza ntigasa neza.

John Grace avuga ati: '' Mu gihe ababa muri iyi ndaro bokwirukanwa na nyene inzu, nta hantu nyaho dufise [ho kuja].''

Uretse ivyo na kazoza k'ishirahamwe karageramiwe.

''Hamwe iryo tegekop ryoterwako umukono n'umukuru w'igihugu, dushobora gukukirikiranwa n'amategeko, tugatotezwa, tugakumirwa kubera dutanga inzu yo guha indaro inkehwa zishingiye ku nyifato ny'imigenderanire mpuzabitsina kandi natwe tugashirwa muri uwo mugwi nyene'' nk'uko John abandanya avuga.

Mu bandi baba muri iyo ndaro harimwo Tim - si ryo zina ryiwe ry'ukuri - abavyeyi biwe bahagaritse kumurihira amashure ya kamimuza kuva amenyekanye. Se wiwe, umupasitori, yaciye amuheba burundu.

Tim aravuga ivyamubabaje kurusha ibindi.

''Narakoze ubumaraya, nsambana n'abagabo batandukanye kugira ndonke ico ndya. Hari amajoro numva ko niteye isoni ubwanje nyene. Naca nja mu bwogero nkikunyura agashika nka 10.

''Nta kazoza nabona mfise - Nari natakaje umuryango wanje, amashure, ntabona iyo ndiko ndaja.''

Tim yarahohotewe kuri internet ku munsi itegeko rishasha ryigwa mu nama nshingamateka.

''Abantu barandungikira ubutumwa, bavuga ngo : 'raba ibigiye kubashikira?'''

Tim yabwiye BBC yihebuye ati: '' Bamwe muri twebwe bari batanguye gutora mitende mu magara yabo yo mu mutwe. None ubu mfise ubwooba ko aha hantu hashobora gufatwa ko ari inzu y'ubumaraya. Numva twari dufise igikomere gitanguye gukira none ubu casubiye kwasama.

''Sinibaza ko hari agateka tuzosubira kuronka kubera urwanko baturunzeko.''

Uganda iri mu bihugu 32 vyo muri Afrika bifise amategeko ahana imibonano mpuzabitsina yo mu mwumvikano hagati y'abantu bakuze b'igitsina kimwe.

Iryo tegeko ryariyamirijwe n'amakungu, Amerika ikaba yavuze ko ishobora gufatira ibihano Uganda, ishirahamnwe rya Buraya na ryo rivuga ko riteye kubiri n'igihano co gupfa uko bigenda kwose.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira mu gihugu no mu makungu na yo yararyiyamirije.

Abajijwe uko azobigenza hamnwe iyo ndaro itoronka ikindi kibanza co kwimukiramwo, Ali aca yifata mu mutwe.

''Ikiza mu mutwe conyene n'ukwibaza nti: 'Nzoja he?''

''Bose bavuga ngo ntituri abantu basanzwe, ko tutari ibiremwa-bantu. Ariko ni uko meze. Nariyumviriye gusubira iwacu, ariko data ntazokwigera anyemerera gusubira guhonyoza ikirenge mu nzu yiwe,'' nk'uko avuga.

Kugira yifate, Ali ashingira ku kwemera kwiwe kwa ki-Islam.

''Ndazi ko Imana ari yo yandemye kandi irazi igituma ndi gay. Rero mbandanya gusenga. N'ubu [mu gihe c'amafungo ya Ramadan] ndapfunze,'' nku'uko avuga.