Charles agiye kuba Umwami bwoko ki?

Charles

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Na Sean Coughlan
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bwami
1px transparent line

Charles, umuntu wa mbere amaze igihe kirekire ari samuragwa muri kahise k'Ubwongereza, ubu ni umwami. Imyaka 70 amaze yiga nka samuragwa, yamutumye aba umwami wa mbere yimitswe yiteguye kandi akaba ari we mwami wa mbere yimitswe afise imyaka myinshi.

Uyu mwami w'imyaka 73 yamanye na nyina wiwe mu kiringo cose yari amaze ari ku ngoma, abategetsi b'isi baza bakagenda, harimwo abashikiranganji ba mbere b'Ubwongereza 15 hamwe n'apaperezida 14 ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Inyuma y'ingoma y'akaroruhore, rurangiranwa, ya Elizabeth II, dushobora kuba twiteze umwami w'ubwoko ki? Ni gute kandi umuganwa azwi ko atarya umunwa ku bibazo bimubakiye azomenyera kuvuga ataho yegamiye nk'Umwami?

Nk'umwami, Charles ntazoba agifise igitabo c'inzira canke uruhusha rwo kugendesha imodoka vyiwe bwite - canke ngo ashikirize ku mugaragaro ivyiyumviro vyiwe bikomeye. Kuba umwami birasumba umuntu ku giti ciwe.

Ni amabanga atandukanye, intwaro zitandukanye, nk'uko umuhinga mu bijanye n'amategeko ajanye n'ibwirizwashingiro akaba umwigisha wa kaminuza Vernon Bogdanor abisigura.

Prof Bogdanor ati: "Azwi kuva kera cane ko ingendo yiwe itegerezwa guhinduka. Abanyagihugu ntibakeneye umwami aza kwiyamamaza".

Umwami Charles arazi neza ko ari ngombwa kwinengesera. Mu kiganiro na BBC mu 2018, yavuze ati: "Si ndi ikijuju. Ndazi ko kuba umwami ari igikorwa gitandukanye. Kwibaza ko nzokora nk'uko nkora ni uguhuba cane".

Igihugu Umwami Charles agiye kurongora kiratandukanye cane n'ico nyina wiwe yarazwe, mbere Prof Bogdanor abona ko umwami mushasha azoyobora Ubwongereza burangwamwo imico n'imigenzo bitandukanye, abanyagihugu bari mu madini atandukanye.

Amubonamwo nk'umuntu azogerageza kuba umuhuza, azokora uko ashoboye kwose kugira ngo yiyegereze inkehwa hamwe na ba ntahonikora.

1px transparent line
Ari kw'ikinga kumwe n'abari mw'ishirahamwe ryiwe British Asian Trust mu kwa gatandatu 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ari kw'ikinga kumwe n'abari mw'ishirahamwe ryiwe British Asian Trust mu kwa gatandatu 2021
1px transparent line

Prof Bogdanor amubonamwo kandi nk'uwuzoshigikira abanyamyuga, umuziki n'imicokama - abe cane nka Shakespeare ha kwishinga gusiganwa ku mafarasi.

Ariko Sir Lloyd Dorfman yakoranye n'umwami Charles mu kiringo c'imyaka itari mike mw'ishirahamwe ryiwe Prince's Trust, ntabona ko azohava yirengangiza ibibazo nkoramutima nk'ivyerekeye ihindagurika ry'ikirere n'uburimyi bukingira isi (Agriculture biologique/Organic farming).

Sir Lloyd ati: "Abifisemwo ubumenyi bwinshi, kandi abikora neza cane. Biragoye kwiyumvira ko yoca abiheba ubwo nyene ku musi azoba abaye Umwami".

Havugwa vyinshi ku bijanye n'uko Umwami yoba yipfuza ingoma ya cami "iciriritse". Ibi bisa n'uko yokwitaho kugira ab'ingoma y'ibwami bake bazezwa amabanga, aho Charles na Camilla, umuganwa William na Catherine ari bo boba inkingi.

Umusiguzi ku vyerekeye amakuru y'i bwami, Victoria Murphy, avuga ko n'aho bimeze uko, ubutumwa nyamukuru buzoba gukomeza amahoro n'ituze.

Ati: "Ntimwitege ubudasa bunini kandi buteye ubwoba. Azokwinengesera cane".

Umwanditsi Robert Hardman na we ati: "Twamye twiyumvira ko Umwamikazi ari umuntu azokwama ari mu bintu biraba ubuzima bw'igihugu vyose, ariko uretse we, uyu mwami yamye aseruka gusumba umuntu uwo ari we wese mu buzima bw'igihugu, gusumba umunyaporitike uwo ari we wese".

1px transparent line
Umuryango "uciriritse" w'ibwami bari kw'ibaraza ku kirimba ca Buckingham, mu kwa gatandatu 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuryango "uciriritse" w'ibwami bari kw'ibaraza ku kirimba ca Buckingham, mu kwa gatandatu 2022
1px transparent line

Umwanditsi akaba n'umuhinga mu vya kahise, Sir Anthony Seldon abona ko Umwami Charles aterwa intege n'uko yabonetse ko afise ukuri ku bibazo nyamukuru, nk'igihe agabisha ku bijanye n'ihindagurika ry'ikirere.

Nk'akarorero, mw'ikoraniro ry'i Glasgow ryari ryarekeye ibidukikije mu 2021, Charles yarashimagijwe cane n'abategetsi bakomeye nka Perezida Joe Biden wa Amerika aho, nk'uko bivugwa na Hardman, yavuze ko igihagararo afise kw'isi kizomufasha cane nk'Umwami.

Ati: "Ntivyari inkuru gusa. Aba bategetsi babiri baricaranye ahantu, hanyuma biden avuga ati: 'Watumye ibi vyose biba',".

Ariko ni igiki witeze kubona muri uno mwami mushasha ?

Abamuzi bavuga ko muri we afise agasoni, kandi avuga make. "Umutima wumva" ni kimwe c'ukungene bamudondora.

1px transparent line
Isanamu yafashwe igihe uyu muganwa ahimbaza isabukuru y'imyaka 18 y'amavuko

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Isanamu yafashwe igihe uyu muganwa ahimbaza isabukuru y'imyaka 18 y'amavuko
1px transparent line

Hariho ikimenyetso nk'umuhungu yahoze yidoga ko bamutyekeza kandi bamukumira kw'ishure. Igihe kimwe yanditse ikete rija muhira ari kw'ishure avuga ingene atuntuzwa mu buraro bw'ishire, avuga ati: "Bama bantera ikandambiri ijoro ryose canke bakankubita n'imisego canke bakanterera hanze, bakankubita cane uko bashoboye kwose".

Umugore wiwe Camilla, amuvuga nk'umuntu "atihangana. Ashaka ko ibintu vyose birara bikozwe. Uko niko akora ibintu".

Mu kiganiro yagiranye n'imboneshakure kw'isabukuru igira 70 ya Charles, yavuze ko hejuru y'ubwitonzi abantu bamubonamwo, arimwo akantu ko gukina.

Camilla ati: "Bamubona nk'umuntu atafyinata, kandi nivyo. Ariko nagomba kwereka abantu ikintu c'ukwiyorosha kiri muri we. Arashira amavi hasi agakina n'abana, akabasomera udukuru wa Harry Potter mbere akaganira nabo".

1px transparent line
Charles ateruye umwuzukuru wiwe Umuganwa Louis, mw'isabukuru rya Platine/Platinum mu kwa gatandatu 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Charles ateruye umwuzukuru wiwe Umuganwa Louis, mw'isabukuru rya Platine/Platinum mu kwa gatandatu 2022
Charles na Camilla batwenga mw'ikoraniro Braemar Highland Gathering ku wa 03 z'ukwa cenda 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Charles na Camilla batwenga mw'ikoraniro Braemar Highland Gathering ku wa 03 z'ukwa cenda 2022
1px transparent line

Charles arisanzura kandi akiyorosha iyo ari mu bantu, akiyegereza abantu mu kubatera udukuru dutwenza. Kumbure ibi bizohinduka nk'umwami, ariko igihe yri umuganwa wa Wales, yaritwaye nk'umugenzi wa bose, nka sekuru, kandi ataco yisigarije.

Nk'umugabo ari mu myaka ya 70, nta kintu na kimwe cerekana ko Umwami azohava ahinduka.

Chris Pope yakoranye na Charles ku kigo Prince's Teaching Institute, asigura uyu mwami mushasha nk'umuntu yama afise akazi kenshi, afise umwete kandi akora cane.

Pope ati: "Ni umuntu yitaho cane kazoza keza k'abari imbere. Ibi uzobibonera mu bikorwa vyinshi akora".

Mu bikorwa vy'ubugiraneza nk'umuganwa harimwo gukingira iragi no kubungabunga ubuhinga kama - ariko kandi agahimiriza impinduka n'iterambere".

Pope ati: "Yama afise umwitwarariko ko akaranga katotakara, ariko ibi ntibisigura ko avuga ko dukwiye gusubira ku vya kera".

Inyifato y'uyu Mwami mushasha isa n'iyishaka gufatira ibi vyose hamwe , ikintu gishobora kuboneka nko kutagira aho ahagaze, gushaka ihinduka mu gihe ashaka kubungabunga akaranga.

1px transparent line
Charles ariko ashikiriza ijambo mw'ikoraniro COP26 kw'ihindagurika ry'ikirere ryabereye i Glasgow mu kwa cumi na rimwe 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Charles ariko ashikiriza ijambo mw'ikoraniro COP26 kw'ihindagurika ry'ikirere ryabereye i Glasgow mu kwa cumi na rimwe 2021
1px transparent line

Rimwe na rimwe, asa n'umuntu yahoze ari umurimyi wo mu kinjana ca 18. Ikindi gihe, akumvikana nk'umuntu ashavuriye ihinduka, ababajwe n'ukungene abantu bamwe bamwe batitaweho kandi bibagiwe.

Hari vyinshi azokora yarazwe na nyina wiwe mu gukunda ibikorwa, ariko kandi Umwami Charles yaratoranye ukwemera n'uburwaneza vya nyina wiwe.

Hitan Mehta yarakoranye nawe kuva igihe amufasha gushinga ishirahamwe British Asian Trust mu 2007.

Mehta avuga ati: "Umutima wiwe wuzuye ubugiraneza. Nibaza ko abantu batazi urugero rw'ukungene yitaho abantu. Igihe cose yama ariko aravuga ku vyerekeye isi ashaka gusigira abuzukuru biwe. Ni ikibazo kimuhagaritse umutima".

Ibi bishobora kubonekera ku kungene ahamagarira abantu kugira ico bakoze. Mehta ati: "Hategerezwa kuba hari nk'isaha zitatu umusi umwe, hari ku wa gatanu mw'ijoro, aho naza numva terefone yiwe akambwira ati: 'Mpejeje kwumva imyuzurira yateye muri Pakistan. None turiko dukora iki'? Ibi ntibisigura ko ata kintu yari afise akora. Ariko yumvise ikibazo kandi ariko aragikorerako. Ni ukuri ni umuntu yitaho abandi".

Avuga kuri se wiwe, umuganwa Harry avuga ati: "Uyu ni umugabo ashobora gufungura ijoro ryitereye, yaheza agaca asubira ku meza kwandika, akavamwo asinzirira kw'ikaye".

1px transparent line
Charles yavukiye ku kirimba ca Buckingham mu 1948

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Charles yavukiye ku kirimba ca Buckingham mu 1948
1px transparent line

Charles Philip Arthur George yavukiye ku kirimba ca Buckingham ku wa 14 z'ukwa 11 mu 1948. Igihe BBC imenyesha ivuka ryiwe, inkuru ntiyari iy'uko Umwamikazi yavyaye umwana w'umuhungu, ahubwo yari iy'uko nyina wiwe "yibarutse umuganwa". Haciye imyaka ine, yaciye aba samuragwa.

Mu kiganiro co mu 2005, Charles yavuze ati: "Nisanze navutse mfise iki kibanza. Rero ni ngombwa ko ndagikamisha. Kandi ngakora ico nshoboye cose kugira mfashe".

Arongoye amashirahamwe arenga 400, hanyuma mu 1976 yatanguje ishirahamwe ryiwe bwite, Prince's Trust, akoresheje amafaranga yatekerewe avuye mu gisirikare kirwanira mu mazi (Royal Navy).

Rimaze gufasha ba ntahonikora bakiri bato bababa 900.000 bava mu bice bimwe bimwe bikenye cane mu gihugu, rikaba kandi ryamutumye ashobora kubona ingorane zitari nke zijanye n'imibereho y'abantu.

Imigambi yari afitiye ishirahamwe Prince's Trust kugira rishobore gushikira ico yise "abagoye gushikirwa" ntiyaguye neza abategetsi.

Mu 2018, yabwiye BBC ati: "Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati ntibwabona ko ari iciyumviro ciza. Vyaragoranye gutangura".

Igikorwa ciwe catumye yagirizwa gutoba no kwivanga muri poritike, ibi birego bikaba vyari bishingiye cane cane ku ciswe "black spider memos" (twogereranya mu kirundi nka Inzandiko zirabura z'igitangurirwa ). Iri zina barifatiye ku nyadiko ya Charles y'igitangurigwa, aya akaba yari amakete Charles yandikira abashikiranganji bari muri reta kuva mu 2004 no kubandanya.

Aya makete yinuba inzira reta yakoresha mu guhangana n'ibibazo nk'uburimi, gutunganya ibisagara, inyubako, indero n'ibindi.

1px transparent line
Charles, known for his public views on architecture, at his Poundbury village development in Dorset in 1999

Ahavuye isanamu, Getty Images

1px transparent line

Uwahoze ari umushikiranganji yarungikiwe aya makete ya Charles avuga ko atumva ko atewe igitsure cinshi, ariko abona ko umwami mushasha ari umuntu afise ivyiyumviro ntabanduka. Abona ko aje afise ivyiyumviro vyiwe ashaka kubandanya, aho kwemera kwakira ivyiyumviro bidasa n'ivyiwe.

Ati: "Si numva ko mbangamiwe. Yarashikiriza ivyiyumviro vyiwe hanyuma ukaronka amakete. Si wa muntu yategeka canke yakara, ni umuntu yubaha".

Ku vyo yagirizwa ko yariko aratoba, mu kiganiro yatanze mu 2006, Charles yavuze ati: "Nimba uko ari ko kwivanga mu bintu, aho rero ndavyishimiye". Ariko aremeza ko yari mu bintu atabona "amaherezo yavyo".

Ati: "Iyo ata kintu na kimwe ukoze, ata kintu na kimwe, bazokwidogera. Uhagurutse ukagerageza kugira ico ukoze kugira ngo ufashe, naho nyene barakwidogera".

Mu kiganiro cakurikiye, yavuze ko yagerageje kwirinda imigambwe, ariko ko hageze aho bimubera ngombwa ko aterera ijwi hejuru ku vyerekeye "ingene abantu bari babayeho".

1px transparent line
Charles yifotoje n'uumryango mu guhimbaza isabukuru y'imyaka 70 yari amaze avutse kuri Clarence House

Ahavuye isanamu, Chris Jackson / Clarence House

Insiguro y'isanamu, Charles yifotoje n'uumryango mu guhimbaza isabukuru y'imyaka 70 yari amaze avutse kuri Clarence House
1px transparent line

None abanyagihugu bazoshigikira umwami Charles ku rugero rungana gute?

Charles avuga ati: "Ikintu nk'ingoma ya cami ntigishobora kumara kabiri mu gihe utokwishimikiza ivyiyumviro vy'abanyagihugu. Erega abanyagihugu batagishatse, ntaco bazobona".

Nk'uko ubushakashatsi bwakozwe n'ikigo YouGov muri Kigarama (12) 2021 kivyerekana, abantu baramukunze cane, aho hafi bibiri vya bitagu vy'abanyagihugu bamubonamwo umuco mwiza.

Ariko amatora ngereranyo abandanya amwerekana ko adakunzwe nk'uko nyina wiwe, Umwamikazi Elizabeth II, canke umuhungu wiwe umuganwa William, bakunzwe, rero haracari benshi ategerezwa kwiyegereza. Cane cane, abakiri bato ntibamwiyumvamwo cane.

Victoria Murphy avuga ko ibi bishobora kuba vyerekana ingaruka y'amashusho mabi ya Charles mu mareresi no mu biganiro vy'imboneshakure ku vyerekeye umubano wiwe n'umugore wiwe wa mbere , Diana, Umuganwakazi wa Wales, yapfiriye mw'isanganya ry'imodoka mu kwa munani 1997.

Aya mashusho afise kuba ari uruvangatirane rw'ay'ukuri hamwe n'amakorano, ariko afise ingaruka zikomeye.

Umupfasoni Murphy ati: "Ikintu gitangaje kuva mu myaka mike iheze ni ukungene Diana abandanya agaruka mu biyago vyerekeye umuryango w'i bwami".

Mu gihe Charles yariko atera yegereza ingoma, habaye ukugerageza guhindura ivyiyumviro biri mu mitwe y'abantu, nk'uko umwigisha wa kaminuza, Pauline Maclaran, abivuga.

Kuva batanguye kumucisha mu dukino dutandukanye nk'akitwa Spitting Image, bukebuke yagiye yerekanwa nk'umunyacubahiro, "umushingantahe" afise ibintu ngirakamaro avuga ku vyerekeye ibidukikije, nk'uko Prof Maclaran abivuga.

Kumbure ivyo abanyagihugu bipfuza na vyo nyene si ukuvuga ko vyera.

Hanyuma we nk'umukuru w'umuryango w'i bwami, azotegerezwa guhangana n'ikibazo giteye inambu isi ku bivugwa ku Muganwa Harry, na Meghan, umgore wiwe, hamwe n'iimgenderanire yabo n'umuryango w'i bwami.

1px transparent line
Umuganwa Charles yaboneka ko yari ababaye umusi se wiwe, Umuganwa Philip, ahambwa, hari mu 2021

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Umuganwa Charles yaboneka ko yari ababaye umusi se wiwe, Umuganwa Philip, ahambwa, hari mu 2021
1px transparent line

Umwami Charles azohangana n'ibindi bibazo vyo mu muryango, nk'ivyerekeye ikibazo c'uko Umuganwa Andrew ashobora guhabwa amabanga canke ntayahabwe, ni inyuma y'umwumvikano wabaye inyuma y'ibirego vyo gufata ku nguvu vyatanzwe na Virginia Giuffre.

Hanze y'Ubwongereza, ikibazo nyamukuru kizoba ugutunganya gushasha imigenderanire igezweho n'ishirahamwe Commonwealth. Nk'umukuru mushasha waryo, ni gute mu ngendo ziwe mu bihugu vya Commonwealth azoshobora guhangana n'ibibazo vy'umurage ugoye w'ubukoloni canke ibibazo nk'ubucakara?

Umwami Charles abaye umukuru w'ibihugu 14 hamwe kandi n'Ubwongereza. Bimwe muri ibi bifise kurondera ubwigenge ariko biri muri Commonwealth, mbere umwami Charles aramaze gusigura neza ko yiteguriye ibiganiro nk'abantu bakuze ku bijanye n'ivyohinduka.

Hari ingingo zimaze gufatwa zoroheje inzira y'ingoma yiwe nshasha. Ivyo ari vyo vyose, yaranezerewe cane igihe nyina wiwe yafata ijambo akavuga ko Camilla akwiye kwitwa Umutambukanyi w'umwami, hakwitwa umuganwakazi.

Camilla azoba kirumara cane mu gihe Charles atanguye amwe mu mabanga akomeye cane kw'isi, ku myaka y'aho hafi abantu bose baba bakukurutse.

Iki ni igihe camye kimurindiriye ubuzima bwiwe bwose.

Ku Mwami Charles, ik ini igihe ciwe.