Inkoho zishobora kugendanwa: Canada ishaka guhagarika burundu kuzitunga

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Leo Sands
- Igikorwa, BBC News
Kugura no gutunga inkoho zose umuntu ashobora kugendana bishobora gucibwa burundu muri Canada, nk'uko vyavuzwe n'umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu Justin Trudeau.
Reta yiwe yashikirije integuro y'itegeko rishasha ryohagarika gutunga ku giti cawe inkoho zose ntonto.
Iryo tegeko ntiryoca rivanaho gutunga inkoho buno nyene - ariko rvyotuma kuzigura bitemerwa n'amategeko.
Integuro ya Tudeau ije mu gihe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bahana urubibe umuntu afise inkoho aherutse kwiha inkumbi mw'ishure ry'intango ryo muri Texas aho yishe abantu 21.
Iyo nteguro yashikirijwe inama nshingamateka ya Canada ku wa mbere, ituma bidashoka kugura, kugurisha, kurungika canke kwinjiza inkoho ahariho hose mu gihugu.
"Uretse ugukoresha inkoho mu nkino no guhiga, nta yindi mpamvu n'imwe ihari y'uko umuntu muri Canada akenera inkoho mu buzima bwa minsi yose," nk'uko Trudeau yabwiye abamenyeshamakuru.
"Mu gihe tubona ubukozi bw'ikibi buguma bwiyongera, n'inshingano zacu ko tubandanya kugira ico dukoze".
Nirwo rugero rwa mbere rukomeye kurusha izindi reta yiwe igerageje mu nzira yo kubuza gutunga inkoho.
Iyo nteguro yosaba kandi ko agasaho k'amasasu kagabanywa ubunini kugira ntikazorenze amasasu atanu icarimwe.
Kandi abantu bose bazwi mu ntureka zo mu ngo canke mu vyaha vyo kuburagiza abandi bakoresheje inkoho, boca bakwa impusha zo kuzitunga.
Bitandukanye no muri reta Zunze Ubumwe za Amerika, gutunga inkoho muri Canada ntivyanditswe mw'ibwirizwa nshingiro , ariko ibigwanisho bicira umuriro biragwiriye, na cane cane mu bice vyo hagati mu gihugu.
Canada isanganywe amategeko akaze ku bijanye no gutunga inkoho gusumba umubanyi wayo wo mu bumanuko kandi ku mwaka hashika amasanganya make kurusha aturutse kuri ivyo bigwanisho.
Nk'akarorero, inkoho zose zitegerezwa kuba zugaranywe kandi zitarimwo amasasu kandi uwushaka kugura inkoho kahise kiwe gategerezwa gusuzumwa neza.
Ariko ubu bwa vuba hari abagiye baratera akamo ko amategeko yo gutunga inkoho yokomezwa gusumba , na cane cane inyuma y'iraswa ryahitanye abantu.
Mu kwezi kwa kane mu 2020, umugabo afise inkoho yigize umuporisi yarishe abantu 22 muri Nova Scotia -kikaba arico gitigiri ca mbere kinini c'abantu bapfuye muri ubwo buryo muri kahise ka Canada.
Muri iyo minsi , Trudeau yaciye afata ingingo buno nyene yo kubuza gutunga ubwoko butandukanye bw'ibigwanisho bushika 1.500.
Iryo tegeko ryoca rigumiza ku rugero rw'ubu igitigiri c'ibigwanisho bitunzwe mu buryo bwemewe n'amategeko.










