DRC Vs Rwanda: 'Dushaka abasirikare bacu' - RDF

Igisirikare c'Urwanda (RDF) gisaba igisirikare ca Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo (FARDC) kurekura abasirikare baco baherutse gufatwa mpiri, nk'uko biri mw'itangazo rigufi ryaraye risohowe na RDF.

Ni nyuma y'aho abakoresha imbuga hwaniro bahanahaniye amasanamu y'abasirikare babiri b'Urwanda bavugwa ko bafatiwe muri Congo bariko barwana ku ruhande rw'umuhari w'inyeshamba M23 uhanganye n'igisirikare ca DR Congo.

Reta y'Urwanda yoyo ivuga ko aba basirikare banyurujwe "inyuma y'agasomborotso" k'igisirikare ca Congo ku wa mbere w'iyi ndwi, aho "vya muzinga bitari bike vyatewe ku butaka bw'u Rwanda".

Mw'iri tangazo, RDF ivuga ko aba basirikare bayo bafashwe bari mu bikorwa vyo gucungera umutekano inyuma ya vya muzinga vyarashwe ku butaka bw'u Rwanda ku wa 23 Rusama (5).

Rivuga riti: "FARDC hamwe na FDLR bakoze igitero kuri RDF ku mupaka wacu, kandi abasirikare babiri b'ingabo z'u Rwanda baranyurujwe igihe bari mu bikorwa vyo gucungera umutekano".

Aba basirikare bazwi ku mazina ya Cpl Nkundabagenzi Elysee and Pte Ntwari Gad.

Rirangiza rivuga riti: "Turasavye abategetsi ba Repubulika y'intwaro Rusangi ya Congo bakorana cane n'imirwi y'inyeshamba yakoze jenoside gukora kugira ngo abasirikare ba RDF barekurwe".

Reta ya Congo iherutse kwagiriza Urwanda ko rufasha umuhari M23 watangajwe ko ari uw'iterabwoba, ivyo Urwanda Ruhakana, ahubwo, nk'uko vyasubiriye kugaragarira muri uru rwandiko, rukagiriza Congo ko ikorana n'umuhari FDLR wagirizwa ko wakoze ihonyabwoko ryo mu Rwanda mu 1994.

Reta ya congo yoyo ivuga ko ibi yagirizwa n'Urwanda ari ivyitwazo kugira ngo ishigikire M23.

Ntaco igisirikare ca Congo kiratangaza ku bisabwa n'igisirikare c'Urwanda kuri aba basirikare babiri bafashwe bakaba bari mu minwe ya FARDC.