Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Salvador Ramos: Umusore aherutse gutera ishure ry'intango akica abana 19 n'abigisha babiri muri US
Abana 19 n'abigisha babiri barapfuye ku wa kabiri w'iyi ndwi kw'ishure ry'intango riri mu gisagara ca Uvalde mu ntara ya Texas, inyuma y'aho umusore w'imyaka 18 yinjiye afise inkoho agatangura kubarasa.
Uyu musore yamenyekanye kw'izina rya Salvador Ramos, ni umunyamerika yaba muri ico gisagara kibamwo abantu 15.000 kiri ku birometero 135 uvuye mu gisagara ca San Antonio.
Buramatari wa Texas Greg Abbott avuga ko uyu musore yapfuye inyuma yo kurasana n'abapolisi kuri iryo shure. Abapolisi babiri barakomeretse ariko Abbott avuga ko batababaye cane.
Abarashwe ni abanyeshure biga mu wa 2, 3 na 4 bari hagati y'imyaka 7 na 10. Abigisha babiri kandi barishwe barashwe n'uyu musore kuri iryo shure ry'abana bashika 500, hafi bose bakaba bafise amamuko muri Amerika y'Epfo.
Icateye ubu bukozi bw'ikibi ntikiramenyekana, ariko igipolisi kivuga ko ibimenyetso vyose vyerekana ko Ramos yabikoze wenyene.
Uyu musore yariko anyonga imodoka itwara imizigo yatembagariye mu mufurege ku metero nkeya uvuye kw'ishure ry'intango rya Robb, ari ho yaca yinjira agatangura kurasa.
Umukozi wo mu gisata kijejwe gucungera imbibe yari hafi igihe ivyo vyaba yaciye yinjira muri iryo shure aca aramurasa aramwica, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.
Inkoho zibiri ku musi w'isabukuru y'imyaka 18 y'amavuka yiwe
Nyene gukora aka kabi, yambaye umwambaro umukingira amasasu igihe yakora iki gitero, yavuye muri iyo modoka yari yatembagariye mu mufurege afise inkoho hanyuma aca atangura kurasa muri iyo nyubakwa, nk'uko Sereja (sergeant) Erick Estrada wo mu gisata kijejwe umutekano muri Texas yabibwiye CNN.
Abajejwe amatohoza bavuga ko nyene gukora ibi yari afise inkoho izwi nka AR-15, irekura amasasu menshi kandi ifise igikono (magazine) kijamwo amasasu menshi.
Yari aherutse kwuzuza imyaka 18 y'amavuka ariko ntiyari azwi mu bukozi bw'ikibi, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Ramos yari yaguze inkoho zibiri zo mu bwoko bwa AR n'amasasu 375 imisi mike imbere yo gushikana imyaka 18, nk'uko biri mu cegeranyo igipolisi c'akarere carungikiye umukenguzamateka Whitmire.
Imwe muri izo nkoho yatowe ahabereye iri bara, n'ibikono indwi vy'amasasu 30 kimwe kimwe, iyindi nayo ikaba yatowe mu modoka yiwe yatembagariye hanze y'iri shure, nk'uko ico cegeranyo kibivuga.
Umusore afise isoni yatotejwe
Ibinyamakuru vya Amerika birasigura ubuzima n'inyifato y'uyu musore yakoze iki gitero, aho bamwe mu runganwe rwiwe bavuga ko yari umusore nyamwigendako yakorewe itotezwa.
Umunyeshure yigeze kuba umugenzi wa Ramos mu mwaka w'umunani yabwiye ikinyamakuru Washington Post ko yari umusore afise isoni yama ariko atazomerwa n'abanyeshure bagenziwe, bimwe mu vyabituma kukaba kwari uko yavuga agigimiza kandi avugira uburevi.
Avuga ko uyu musore yigeze gukinana na we udukino tw'amareresi nka Fortnite na Call of Duty, yahavuye atangura kwerekana impinduka mu mibereho yiwe mbere aca atangura kugira inyifato zidasanzwe nko kw'ikebagura mu maso.
Yemeza kandi ko uyu mugenzi wiwe yaciye atangura kwambara impuzu zibabura tsikiri n'ibirato vya gisirikare, mbere atangura no kuza arasiba mw'ishure igihe kirekire, kandi bigasa n'uko atari kurangiza amashure.
Ku ruhande rwiwe, umubanyi wa Ramos w'imyaka 41 yabwiye CBS, ikinyamakuru co muri Amerika gikorana na BBC, ko Ramos "yari afise ubuzima bugoye", kandi ko nyina wiwe yari yariziziwe n'ibiyayuramutwe kandi ko "atigeze yerekana" ko amwitayeho.
Avuga kandi ko kuva ku myaka 14 canke 15 inyifato yiwe yahindutse, ko bitari vyoroshe kuganira nawe mbere biboneka ko "n'ishure ryamutaye".
Ivyabona bivuga ko uyu musore yavugana ku mbuga hwaniro n'abantu yamenyanye nabo ku mbuga ngurukanabumenyi.
Inakuru wiwe
Imbere yo kuva muhira, uyu musore yabanje kurasa inakuru wiwe mu maso maze ajanwa kwa muganga ameze nabi cane.
Amakuru yerekana ko Ramos yaba aho i Uvalde kandi ko yahoze yiga mw'ishure ryisumbuye ryari hafi y'aho.
Yari afise impapuro ziranga aho inakuru yaba nk'aho na we nyene yaba, nk'uko biri mu nzandiko zahawe ikigo kijejwe kugenzura inzoga, itabi, ibirwanisho bicira umuriro n'ibisasu (Federal Bureau of Alcohol, Tobacco, Firearms and Explosives).
Nk'uko bivugwa na buramatari Abbott, Ramos yanditse ubutumwa butatu ku rubuga rwiwe rwa Facebook imbere y'uko akora iki gitero.
Mu butumwa bwa mbere yanditse hasigaye nk'iminota 30, yanditse ati: "Ngiye kurasa nyokuru".
Mu bwa kabiri, yemeje ko yabikoze.
Mu bwa gatatu, hasigaye nk'iminota 15 imbere y'uko akora iki gitero kw'ishure, yatangaje ko yari agiye kurasa kw'ishure ry'intango.
Nyina wiwe
'Ntiyari umuntu w'amahane'
Nyina w'uyu musore yagize ico avuga ku mwana wiwe yagandaguye abantu 21.
Adriana Reyes yabwiye ikinyamakuru Daily Mail ati: "Umwana wanje ntiyari umuntu w'induru. Ndatangajwe n'ibi bintu yakoze".
Reyes arahakana amakuru avuga ko yari afitaniye imigenderanire mibi n'umwana wiwe.
Yabwiye iki kinyamakuru ati: "Nari mfitaniye imigenderanire myiza nawe. Yarikumiriye, nta bagenzi benshi yari afise".
Reyes w'imyaka 39 yabwiye kandi ikinyamakuru NBC News ati: "Numva ibintu vyose bimbabaje. Ni ibintu vyinshi vyabaye, ariko ubu numva ntameze neza".
Juan Alvarez, umugenzi wa Reyes, yabwiye NBC ko uyu musore yakoze iri bara yari "umuntu atangaje".
Ati: "Sinari bwigere numvikana nawe. Sinari bwigere nifatanya nawe. Nta muntu n'umwe bavugana".
"Utanguye kuvugana nawe, wicara gusa ukavamwo ukagenda".