Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria: Abantu ba nyuma b'imyotso mu maso
Imyotso yarigeze kuba iharawe cane hirya no hino muri Nigeria.
Imyotso minini, yakunda gushirwa ku matama yose canke ku ruhanga, yarashirwa ku bana n'abavyeyi babo hamwe n'imiryango, cane cane mu kwerekana akaranga kabo.
Ivyo bimenyetso kandi bifise kahise gafatiye ku bubabare, kuvuka bushasha hamwe n'ubwiza.
Iyo mico ariko iriko irahebwa kuva aho itegeko ry'igihugu ryo mu 2003 riburije gukomeretsa uko ari ko kose umwana.
Ariko abagifise ivyo bimenyetso vy'imyotso ni bo bantu ba nyuma - ibimenyetso vy'imyotso yabo bigenda bitandukanye uko ubwoko bwinshi bwo muri Nigeria bugenda butandukana.
Imiravyo 15 iri kw'isura ya Inaolaji Akeem (aho hejuru) yerekana nk'umuntu ava mu bwami bwa Owu muri reta ya Ogun, mu bumanuko bushira uburengero bwa Nigeria.
Akeem avuka mu nda y'ingoma, ari na co gituma afise imyotso myinshi mu maso.
Atebura yagize ati: "N'inkimpuzu ziranga umugwi w'umupira w'amaguru." Aca yongerako ko vyatumye amenyekana cane kw'isoko ryo mu karere.
Mu nyandiko ikomeye, Akeem avuga ko afata imyotso ko ari ikintu cubashwe cane, kandi ko atemera ko abantu boza barishirako imyotso kubera gusa ugushaza.
Uko gushaka kwerekana akaranga biciye ku myotso, birakomeye kandi cane mu buraruko bwa Nigeria, na cane cane mu bantu bo mu bwoko bw'aba Gobir bo mu ntara ya Sokoto.
Abasokuruza ba Ibrahim Makkuwana, aborozi b'i Gubur ubu hitwa Sokoto, bobo nta myotso bari bafise. Ariko avuga ko, uko bagenda barimuka barondera ubwatsi, "bagwanye intambara nyinshi bigarurira ibibanza vyinshi".
Makkuwana avuga ati: "Baciye bafata ingingo yo kwishirako ikimenyetso kigaragara ku matama, "gisa n'ico ibikoko vyari bifise, vyashobora kubafasha kumenyana hagati yabo mu gihe c'intambara."
Yabwiye BBC ati: "Aho ni ho havuye ico kimenyetso cacu."
Ariko rero hari n'ubudasa hagati y'aba Gobirawas.
Abafise imyotso itandatu kw'itama rimwe, n'indwi ku rindi, baba bafise abavyeyi babo bose bamuka mu nda y'ingoma. Abafise ibimenyetso bitandatu ku matama yose, baba bafise banyina babo bamuka mu muryango w'abami.
Hanyuma hari abana b'ababaji, bafise imyotso icenda ku ruhande rumwe na 11 ku rundi ruhande, mu gihe abafise itanu n'itandatu ku rundi ruhande yerekana ko bamuka ku bahigi.
Ku barovyi, bafise imyotso igaragara iri ku matwi yabo.
Hagati aho, mu bwoko bw'aba Yorubas n'aba Igbos bo mu bumanuko bwa Nigeria, ibimenyetso bafise bifitaniye isano n'ubuzima n'urupfu.
Hari imyemerere bafise iwabo ko bamwe mu bana bapfa bakiri ingimbi (puberty).
Abana bazwi ku mazina ya Abiku na Ogbanje muri ayo moko abiri, aba bana bafatwa n'aba Yoruba ko baba arabo mu mashetani yaba mu biti vya Iroko na Baobab.
Vyari bimenyerewe cane ko abagore babura abana benshi cane bakiri bato kandi bikurikiranya, bigaca vyibazwa ko ari uwo mwana aguma agaruka yisubiriza gutera ingorane nyina wabo.
Abana nk'abo baca bashirwako ikimenyetso kugira imizimu yabo ntishobore kubamenya kugira bashobore kubaho.
Abana benshi muri abo bapfuye ubu birazwi ko bazize ingwara y'ikama ry'amaraso, ingwara ihanahanwa mu muryango.
Yakub Lawal wo mu ntara ya Oyo mu bumanuko bushira uburengero, yiswe Abiku.
Agira ati: "Ubu si ubwa mbere mbaye kw'isi, nari narahigeze imbere."
Yongerako: "Napfuye gatatu, ku ncuro ya kane ngarutse naciye nshirwako iki kimenyetso kimbuza gusubira mu mizimu."
Kubera bijanye na kahise kajanye n'Abiku na Ogbanje, iyo myotso n'iyo kwibuka umuntu wo mu muryango yapfuye canke 'yavutse bushasha'.
Imyotso ine ikitse n'itatu ishinze ya Olawale Fatunbi yayishizweko na nakuru wiwe, avuga ko yari icibutso c'umugabo wiwe yapfuye, yari afise izo nkovu mu maso.
Ariko Fatumbi ntiyakira neza kuba ariko izo nkovu.
Avuga ati: "Sindabikunda namba kuko mbona ari nko guhohotera abana ariko n'imico yacu."
N'imyotso yiwe 16 mu maso, biragoye kutabona Khafiat Adeleke. Ikindi udashobora guca iruhande, n'icapa kinini kiri kw'iduka yiwe i Ibadan, aho yaherewe izina ry'iritazirano rya Mejo (umunani - umunani) - bisigura iyo myotso yiwe ku matama.
"Kuva ngaha gushika i Lagos, abantu banyita Mejo Mejo.
"Nyokuru yanshizeko iyo myotso kubera nari umwana umwe gusa."
Imwe mu myotso n'iyo ubwiza.
Foluke Akinyemi yayishizweko akiri umwana, umwotso umwumwe kuri buri tama ahagarikiwe na se wiwe mu maboko y'uwukora ako kazi.
Agira ati: "Dawe yafashe ingingo yo kunshirako iharama kubera gusa yabona ko ari vyiza.
"Ivyo vyatumye ntandukana n'abandi kandi ndashimira abavyeyi banje kuba barabinkoreye."
Inkuru ya Akinyemi isa n'iya Ramatu Ishyaku w'i Bauchi, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, afise ibintu bimeze nk'inkovu z'ahahora ubwanwa ku mpande zose z'umunwa.
Avuga ti: "N'ivy'ubwiza." Yongerako ko ico gihe nyene bamushizeko ibicapo mu maso.
Avuga ko, nk'umukobwa, ivyo bamushizeko vyari bikunzwe cane mu kigwati babamwo, kandi ko we na bagenzi we bagiye kuvyishirishako kwa kimyozi yakorera aho iwabo.
Imyotso iri mu maso ya Taiwo, yemeye gutanga izina rimwe gusa, ubu iriko irazimangana ariko icatumye bayimushirako ntaracibagira.
Igihe ihasa ryiwe ryashoma (ryapfa), inyuma y'imisi mike bavutse, Taiwo yaciye agwara hanyuma umuvuzi w'imiti y'ikirundi ategeka ko bamushirako imyotso mu kwanka ko ahava akurikira ihasa ryiwe.
Yaciye yoroherwa mu misi mikeya bamaze kumuca indasago, ariko ivyo ntivyatumye akunda izo nkovu ziri mw'isura yiwe.
Avuga ati: "Bituma udasa n'abandi bantu - vyari kunezera kutagira inkovu n'imwe mu maso hanje."
Hari kandi n'abandi nka Murtala Mohammed w'i Abuja, atazi na kimwe kuvyerekeye inkovu afise.
Avuga ati: "Nk'abantu bose bo mu kigwati cacu mu ntara ya Niger barazifise, ni co gituma ntigeze ndabitako umwanya ndavyibaza."
Iyo myotso yo mu maso yashirwako n'abajejwe gusiramura/gukeba n'abamwa imishatsi nka Umar Wanzam bakoresheje ibintu bikarishe.
Avuga ko ari ibintu bibabaza batanagutimbishije.
Benshi muri bo nka Akeem, babigiriwe bakiri abana, baremeza ko bikwiye guhagarara.
Iyo migirwa ntiyigeze ayikora ku bana biwe n'imbere y'uko vyihanizwa.
Avuga ati: "Ndakunda izi nkovu, ariko n'ivyo mu kindi gihe atari iki."
Amasanamu yose akenye uruhusha mu gukoreshwa