Ukraine: Umusirikare w'Uburusiya yaciriwe uwo guherayo ku caha co mu ntambara

Vadim Shishimarin muri sentare i Kyiv ku wa 23/05/2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Vadim Shishimarin muri sentare i Kyiv
    • Umwanditsi, Na Patrick Jackson
    • Igikorwa, BBC News

Sentare muri Ukraine yaciriye urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwose umusirikare w'Uburusiya yategeka ikiduga c'intambara kubera kwica umunyagihugu asanzwe mu rubanza rwa mbere rw'ivyaha vyo mu ntambara kuva igitero gitangura.

Uwo musirikare yafatiwe ku rugamba Sgt Vadim Shishimarin yagiriwe n'icaha ko kwica Oleksandr Shelipov, w'imyaka 62, mu kigwati Chupakhivka co mu buraruko bushira ubuseruko ku wa 28 ukwezi kwa Ruhuhuma(2).

Yemeye ko yarashe Shelipov ariko avuga ko yagendera ku mategeko hanyuma asaba imbabazi umupfakazi w'uwo yishe.

Ibindi vyaha vyinshi vyo mu ntambara biriko birakorwako amatohoza muri Ukraine.

Uburusiya burahakana kuba abasirikare babwo baratose abanyagihugu basanzwe muri ico gitero, n'ubwo hari ivyemezo vyinshi vyerekana igihushane c'ivyo, mu gihe Ukraine ivuga ko ivyaha birenga 11.000 bishobora kuba bimaze gukorwa.

Ubutegetsi bw'Uburusiya bwavuze ku wa mbere ko butewe impungene n'ivyerekeye umusirikare wabwo kandi ko bugiye kuraba ingene bwomuburanira.

Umuvugizi wa Kremlin, Dmitry Peskov yavuze ko yamara, Uburusiya ''budafise ubushobozi bwo guhagararira inyungu ziwe amaso mu yandi''. Ubuserukizi bw'Uburusiya i Kyiv ubu burugaye.

Amuha igihano co gupfungwa ubuzima bwose, umucamanza Serhiy Agafonov yavuze ko Shishimarin yashize mu ngiro ''itegeko ry'icaha'' ahawe n'uwumukurira.

''Kubera icaha cakozwe ari icaha ku mahoro, umutekano, zina muntu n'amategeko mpuzamakungu ... sentare ntibona ingene yoca igihano co gupfungwa kigufi kurusha ico,'' nk'uko yavuze.

Shishimarin, yari yambaye agapira nk'inkofero k'amabara ry'ubururu n'igipfungu (gris), yakurikiye isomwa ry'urubanza ari mu kumba k'ibiyo muri sentare kandi akaba ata kimenyetso yigeze yerekana ko hari ico bimubwiye.

Umushingwamanza wiwe yavuze ko azokwunguruza.

Urwo rubanza rwabereye ku murwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, rubonwa nk'akaryo kuri Ukraine ko kwerekana ko umusikare w'Uburusiya yishe umunyagihugu asanzwe atitayeho amategeko y'intambara.

Imbere y'uko urwo rubanza rusomwa, umushingwamanza wa Shishimarin -yatanzwe na reta- yabwiye BBC News ko ko ata mutegetsi w'Uburusiya n'umwe yarondeye ko bavugana.

Igihe uwo muntu yaraswa, Shishimarin w'imyaka 21, n'abandi basirikare bariko bagendera mu mudoka bari bafashe urukurikirane barimwo rumaze kuraswa hanyuma bagatandukana n'abandi bari kumwe.

Niho babona Shelipov ariko aravugira kuri terefone, nk'uko Shishimarin yabwiye sentare. Avuga ko yaciye abwirwa kumurasa akoresheje inkoho.

Uwumwunganira mu mategeko yabwiye sentare ku wa gatanu ko Shishimarin yarashe inyuma y'incuro zibiri yanka amategeko yo kurasa kandi ko rumwe gusa mu masasu atatu cane ane arirwo rwagemye uwo yariko ararasa.

Yavuze ko Shishimarin yarashe kubera ubwoba bw'umutekano wiwe akaba yabajije niba uwo yunganira koko yari agambiriye kwica.

Mu gihe kimwe c'urubanza, umupfakazi Kateryna Shelipova yahanganye na Shishimarin.

Aramubaza ati : "Mbwira, ndagusavye. Kubera iki baje (Abarusiya) ngaha? Kudungikira? " aho akaba yasubiyemwo ivyavuzwe na prezida w'Uburusiya Vladimir Putin atanga imvo yo gutera Ukraine.

"Mudukingira nde? Mwankingiye umugabo wanje, uwo mwishe?"

Uwo musirikare nta nyishu yari afise kuri ivyo bibazo. Asaba ikigongwe umupfakazi, yavuze ati: " Ariko ndumva ko udashobora kumbabarira."

Madame Shelipova yabwiye BBC ati: "Arambabaje ariko ku caha nk'ico -sinshobora kumubabarira."

Image shows Kateryna Shelipova at trial

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, 'Umugabo wanje yakugize iki?' umupfakazi Kateryna Shelipova yabajije umusirikare w'umurusiya muri urwo rubanza

Kuva prezida Putin ateye Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2), nibura abanyagihugu basanzwe 3.838 baramaze kwicwa abandi 4.351 barakomereka, ku bwa ONU.

Mu bishwe harimwo benshi bikekwa ko baguye mu vyaha vyo mu ntambara mu bisagara vyifatiwe n'Uburusiya nka Bucha.

Mu minsi iheze y'uku kwezi nyene, BBC yararonse amasanamu ya CCTV y'iyicwa ry'abanyagihugu basanzwe babiri n'abavugwa ko ari abasirikare b'Uburusiya, urwo rupfu ubu rukaba ruriko ruratohozwa n'abashikirizamanza nk'igishobora kuba ari icaha co mu ntambara.