Ukraine: Kyiv irarahira ko itarota ihebera ubutaka Russia kugira habe amahoro

Ahavuye isanamu, Reuters
Reta ya Ukraine ivuga ko itazokwemera amasezerano y'amahoro n'Uburusiya arimwo ivyo kubuhebera ubutaka.
Iyi ngingo isa n'ukwihagararako kwa Ukraine ije inyuma y'umusi umwe Perezida Volodymyr Zelensky avuze ko inzira yonyene yo guhagarika iyi ntambara ari ibiganiro.
Umuhanuzi w'umukuru w'iki gihugu Mykhaylo Podolyak avuga ko mu gihe Ukraine yogira ivyo iheba vyotuma Uburusiya bukora igitero gikomeye kandi cosesa amaraso menshi.
Avuze aya majambo mu gihe Uburusiya bubandanya bugerageza kugota ingabo za Ukraine ziriko zirarwanira Severodonetsk mu buseruko.
Mu yandi makuru, umukuru w'igihugu ca Pologne Andrzej Duda yabaye umutegetsi wa mbere mvamakungu ashikirije ijambo inama nshingamateka ya Ukraine amaso mu yandi.
Yakomewe amashi menshi igihe yavuga ko abanya Ukraine bonyene ari bo bazokwihitiramwo kazoza kabo.
Yongerako y'uko Pologne izokora ivyo ishoboye vyose mu gufasha Ukraine kwinjira mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya.
Hagati aho, umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe ibibazo vya Bulaya, Clément Beaune, yavuze ko bishobora gufata nk'imyaka "15 cane 20" kugira ngo Ukraine yemererwe nk'umunywanyi w'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gihe intambara zibandanya, ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukraine bivuga ko ingabo z'Uburusiya ziriko ziragerageza kumera uruhome rw'ingabo za Ukraine kugira ngo zishike ku mbibe z'intara ya Luhansk mu buseruko.
Buramatari wa Luhansk, Serhiy Haidai, avuga ko Uburusiya bwagerageje kumenera muri Severodonetsk buciye mu mpande zine zitandukanye.
Mu butumwa yacishije kuri Telegram, yavuze ko ingabo z'Uburusiya zagerageje bikazita ku w'amazi, ariko ko zibandanya zicucagira ibibombe mu turere turimwo imihana y'abantu.
Yongerako y'uko ikiraro gifatanya iki gisagara n'ikindi cegeranye naco ca Lysychansk cabomowe.
BBC ntiyashoboye guhinyuza ivyo avuga.
Hari ibihugu bimwe bimwe vyo mu Burengero bisaba ko hoba amasezerano yo guhagarika intambara yotuma ingabo z'Uburusiya ziguma mu turere tumwe tumwe zimaze kwigarurira mu bumanuko no mu buseruko bwa Ukraine kuva Moscou iteye iki gihugu ku wa 24 Ruhuhuma (2).
Ku wa kane w'indwi iheze, umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano, Mario Draghi yabwiye inama nkenguzamateka y'igihugu ko "hategerezwa kuba amasezerano yo guhagarika intambara vuba bishoboka".
Ariko wa muvugizi wa Perezida Zelensky, Mykhaylo Podolyak, avuga ko iyo ngendo yogira ingaruka mbi.
Ati: "Intambara ntizohagarara. Kazoba agahengwe k'umwanya muto. Bazoca batanguza ikindi gitero, mbere kizosesa amaraso menshi kandi gikomeye".
Umunyamakuru wa BBC i Kyiv Joe Inwood avuga ko muri kino gihe Uburusiya na Ukraine bitarahuriza hagati ku vyo kimwe kimwe cose gishobora kwemera.
Avuga ko mu gihe buri ruhande rukibona ko rugifise amahirwe yo kubandanya intambara, ibiganiro bisa n'ibidashoboka.











