Ukraine - Russia: N'umwiheburo, umuvyeyi yanditse ibimuranga ku mugongo w'umwana wiwe

Ahavuye isanamu, Sasha Makoviy
Umuvyeyi yanditse ibimuranga ku mugongo w'umwana wiwe w'umukobwa afise imyaka ibiri igihe yariko arahunga yabwiye BBC ingene yari yihebuye ico gihe.
Sasha Makoviy avuga ko yanditse izina ry'umwana wiwe Vira, imyaka n'amanomero ya terefone ku mugongo wiwe, mu gihe umuryango wotatana canke ukicwa mu gihe bariko bahunga bava muri Kyiv.
Makoviy ati: "Mu gihe twari kuramuka dupfuye, kumbure bari kumutora hanyuma bakamenya uwo ari we".
Uyu muryango ubu uri mu Bufaransa aho bumva ko bari mu minwe ibakunda kandi ibitayeho.
Amaze gushika, uyu mupfasoni Makoviy yaciye ashira isanamu y'ivyo yari yanditse ku mugongo wa Vira kuri Instagram, isanamu yakwiragiye hose.
Makoviy yabwiye ikiganiro The World Tonight ca BBC Radio 4 ati: "Wari umusi wa mbere w'intambara, twariko turategura ibishoboka vyose kugira duhunge tuva muri Kyiv ariko si nari nzi ko inzira ari nziza".
Mu gihe yariko aratekera ivyo atwara amabombe ariko arasirana kandi atazi n'ingene ibintu bimeze, avuga ko atari azi ko bashobora kuva mu nzu ubwo nyene bagaterwa ibisasu vya muzinga.
Makoviy ati: "Nico kintu nyamukuru natinya, ko Vira yari gushobora gutakara canke tukicwa ugasanga ntiyigeze yimenya canke amenya umuryango yamukamwo".

Ahavuye isanamu, Sasha Makoviy

Afise ubwoba ko umukobwa wiwe yari kurokoka ariko agasanga ata n'umwe wo mu muryango akiriho, umupfasoni Makoviy avuga ko nibura Vira umusi uri izina yogiye ku mbuga hwaniro za nyina, agapfuma amenya ingene yasa.
Ati: "Nibaza ko yoshoboye kuronka amakuru makeya ku mbuga ngurukanabumenyi, kumbure agatora konte yanje kuri Instagram - canke agashobora kubona abavyeyi biwe".
Amaze gushika mw'ituze mu Bufaransa, inyuma y'igihe kirekire ariko arahunga aciye muri Moldavie, Roumanie no mu Bubirigi, umupfasoni Makoviy avuga ko yumva umutwe "wajanjaguritse".
Avuga ko intambara yari iteye ubwoba bwinshi ku buryo gusohoka hanze gusa biteye ubwoba, kubera yitiranya amabuye n'amamine.
"Vira ameze neza. Aracari muto cane ku buryo adashobora kumenya ibiriko biraba. Arashobora kwumva ikintu muri jewe, ariko aracari muto ku buryo yotahura. Ndahimbawe ku myaka yiwe. Ni ukuri ndahimbawe".











