Umukorerabushake wa Nigeria ati: 'Kurwana muri Ukraine vyopfuma gusumba kuba ngaha'

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Soraya Ali
- Igikorwa, BBC News
Igihe Uburusiya butangura igitero cabwo kuri Ukraine mu kwezi guheze, umunya-Nigeria Ottah Abraham w'imyaka 27 yaratewe n'uburakari.
Yafashe terefone yiwe yandika kuri Twitter ati: "Ndashaka kwifatanya n'abandi".
Yari ku birometero hafi 8.700 kuva ku rubuga rw'intambara gushika aho yaba mu nyubakwa ntoya yo mu gisagara gikuru ca Nigeria, Lagos.
Uyu mugabo afise indangabumenyi ya philosophie ni umwe mu banyafrika amajana n'amajana, bo mu bihugu nka Nigeria, Kenya, Senegal, Afrika y'Epfo na Algeria, bavuga ko bipfuza gufata inkoho mu rugamba rwo kurwanya Uburusiya, kimwe mu bituma kikaba ari kurondera guhunga ubuzima bubi urwaruka rutari ruke rufise mu bihugu vyabo.
Yabwiye BBC ati: "Turazi ko ari intambara, si umukino w'abana. Ariko kuba umusirikare muri Ukraine vyopfuma gusumba kuba ngaha.
"Kumbure barashobora kunyemerera kuguma muri ico gihugu intambara iheze, uretse ico, nzoba intwari kandi ngwanye umwansi rutura".
Abakorerabushake bababa 20.000 bava mu mpande zitandukanye z'isi bavugwa ko biyandikishije inyuma y'akamo katewe na Perezida Volodmyr Zelensky wa Ukraine ko gusaba abarwanyi mvamahanga ko bogenda bakifatanya n'abanya Ukraine.
Reta yarahagaritse vy'agateganyo ibisabwa mu gusaba ama viza, ica yemerera umushahara n'ivya nkenerwa kuri abo bose bafise igitabo c'inzira kitarata igihe kandi bafise n'inyigisho za gisirikare, n'ubwo ata cemezo kirashirwa ahabona cemerera abanyamahanga kuzobandanya baba mu gihugu inyuma y'intambara.
Kereti Usoroh, umunya-Nigera aba ku mugwa mukuru, Abuja, avuga ko atarondera inyungu z'amafaranga canke ubwenegihugu bwa Ukraine mu kwiyemeza kuja kurwana.
Uyu munyamategeko w'imyaka 29 avuga ati: "Nsanzwe nifitiye ubuzima bwiza. Iyo mba narashatse kuja i Bulaya, nari guca mu vyo kwiga, sinari kubicisha mu ntambara".
"Ni ukurwanya umuntu atoteza abandi - akarenganyo kuri umwe ni akarenganyo kuri bose".
Inyuma y'ibi vyiyumviro binezereza imitima y'abakora mu buserukizi bwa Ukraine, inyuma kandi y'imisi Perezida Zelensky ateye aka kamo, abakorerabushake batari bake baragiye ku biro vy'ubuserukizi bwa Ukraine i Abuja, mu ntumbero yo kurondera kwiyandikisha.
Abacangero nta kibanza bafise
Ariko ubuserukizi bwa Ukraine muri Nigeria - co kimwe n'ahandi muri Afrika - vyabaye ngombwa ko busubiza ibirenge inyuma kuko vyinshi mu bihugu vy'uyu mugabane bidashaka ko abanyagihugu bavyo bisuka muri iyi ntambara ya Ukraine.
Mw'itangazo yasohoye, umushikiranganji w'imigenderanire wa Nigeria yanditse ati: "Nigeria ntiyemera ikoreshwa ry'abacangero aho ari ho hose kw'isi kandi ntizokwigera yihanganira irondera ryabo".
Bohdan Soltys, umwe mu bakora mu buserukizi bwa Ukraine muri Nigeria, avuga ko batariko baraha amafaranga abanyafrika ngo baje kurwana - kandi ko abantu bategerezwa kwirihira itike y'indege mu gushika i Bulaya.
Yabwiye BBC ati: "Hariho itandukaniro rinini hagati y'abakorerabushake mvamahanga n'abacangero".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu nyuma yavuze ko yahawe itegeko ryo gusubiza inyuma abakorerabushake abo ari bo bose bazoba baje ku biro vy'ubuserukizi.
Senegal nayo nyene yarabujije abanyagihugu bayo kwivanga muri iyo ntambara, inategeka uwuserukira Ukraine muri ico gihugu gufuta ubutumwa bwo kuri Facebook bwahamagara abakorerabushake ba Senegal, ikavuga ko ibi bikorwa vyo kurondera abarwanyi "bitemewe kandi ko bihanwa n'amategeko".
Ubushikiranganji bwa Algeria bujejwe imigenderanire na bwo nyene bwatanze itegeko nk'iri ku buserukizi bwa Ukraine.
Umunya-Algeria Belhadj Hani Amir w'imyaka 28 yabwiye BBC ati: "Igihugu canje kivuga ko ntemerewe kugenda. Naragerageje kwandikira ubushikiranganji bw'imigenderanire. Ntibanyishuye, ariko nzosubira ngerageze".
"Ndipfuza kuja muri Ukraine, ariko kandi ndizeye ko iyi ntambara igiye guhera vuba bwango".
Uwuserukira Ukraine muri Afrika y'Epfo, Mozambique na Botswana Liubov Abravitova yabwiye BBC ko amajana n'amajana y'abanyagihugu bava mu bihugu vya Afrika y'ubumanuko basavye kuja kurwana ku gushaka kwabo canke gukora mu bikorwa vy'ubutabazi - ariko ko ata ngingo yashoboye gufata kuko yari arindiriye amategeko ahabwa n'abategetsi b'ibihugu vyabo. Afrika y'Epfo ifise itegeko ruhasha rirwanya abacangero.
Mu bisanzwe, urubuga ngurukanabumenyi rwa Ukraine rujejwe ivyo kurondera abakorerabushake "mvamahanga", rukaba rutanga amakuru arambuye ku buserukizi bwayo kw'isi yose, ntirugishiramwo ubuserukizi bwayo mu bihugu vya Afrika.
Umwe mu bakora kuri uru rubuga aremeza ko bimwe mu bihugu vya Afrika vyakuwe ku rutonde kubera "amategeko atavyemera".
'Abavukanyi b'Abarusiya'
Algeria, Senegal na Afrika y'Epfo biri mu bihugu 17 muri 54 bigize Afrika ataho vyahagaze mu matora aheruka muri ONU yo kwiyamiriza igitero kuri Ukraine, kuko bitashatse kwiteranya n'Uburusiya.

Ahavuye isanamu, AFP
Kandi Uburusiya si ukuvuga ko budafise ababushigikiye muri Afrika. Buragira uruhara mu bibera kuri uyu mugabane - cane cane mu vya gisirikare, mu gufahsa ibihugu nka Centrafrique, Libya, Mali na Sudan mu kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.
Ireresi isa n'iyerekana abasirikare ca Centrafrique biyemeza guhamvya "benewabo b'Abarusiya" yarazungurutse ku mbuga hwaniro, n'aho BBC ubwayo itashoboye guhinyuza amamuko yayo, mu gihe n'umutegetsi wo muri reta atarishura ubutumwa bumusaba kugira ico ayivuzeko.
Ku wa gatantu uheze, umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Uburusiya Sergei Shoigu yavuze ko "abarwanyi barenga 16.000" bava mu karere k'uburasirazuba bwo hagati biyandikishije kuja gufahsa igisirikare c'Uburusiya - ntibiratomoka neza nimba muri aba harimwo aho muri Afrika y'Uburaruko.
Ariko mu gihe ibihugu vya Afrika birwanya ibikorwa vyo kurondera abarwanyi mu banyagihugu bavyo, ntawuzi nimba hari abantu abo ari bo bose bazoshobora gushika ku rugamba - ni mu gihe n'umutegetsi wa Ukraine ajejwe kwandika abakorerabushake mvamahanga yabwiye BBC ko ata munya-Arika arigera ashikayo.
Ibintu bibabaje
Kuri bamwe, nka David Osagie Adeleke wo mu ntara ya Oyo mu bumanuko bwa Nigera, ibi vyabaye ibintu bibabaje.

Ahavuye isanamu, Prince Nkem Nduche
Uyu musore w'imyaka 21 akora mu gisata c'ubutabazi mw'ishirahamwe Croix Rouge yari amaze igihe yitegura kwinjira nk'umurwanyi, akaba yari yararondeye impapuro zose zikenewe, harimwo n'ikete rimurekura.
Avuga ati: "Naragiye gusaba impapuro zanje", agasigura ko rumwe mu zisabwa ari ukuba utigeze wagirizwa ubukozi bw'ikibi kugira wiyandikishe.
"Ndababaye kwumva ko ubuserukizi buvuga ko butazotwakira twebwe abanya-Afrika".
Abonye ko amakete-muravyo (emails) yandikiye ubuserukizi bwa Ukraine ataco ashitseko, ubu ariko ararondera izindi nzira kugira ashike ku rubibe.
Ati: "Ubuserukizi bwa Pologne muri Nigeria bwarangirishije ikiganiro [interview]".
Umuganwa Nkem Nduche, umwe mu bari ku biro vy'ubuserukizi bwa Ukraine i Abuja, niwe azi vyinshi gusumba abandi bari aho, kandi afise ivyizigiro.
Akiri muto yarabaye igihe kanaka mu Burusiya, akaba afise ubwenegihugu bubiri mbere akaba yaranize mu kigo ca gisirikare c'Uburusiya - ariko akaba yarapfunzwe igihe gito, yagirijwe ko yari maneko inyuma yo kuboneka ari ku buserukizi bwa Amerika.
Avuga ko haciye imyaka indwi ahunze ava muri ico gihugu aciye muri Ukraine - kandi ko yipfuza kurwanya Uburusiya, ariko akaba yemera ko ibi bitariko birakunda.
Yabwiye BBC ati: "Narashatse kujayo ku giti canje ariko kubera reta ya Nigeria yavuze ko tudashobora kujayo...nzotegerezwa kugamburuka".










