Zelensky abwira ingabo za Russia ati: ‘Vyobabera vyiza kurokoka muri muri Russia hako muza kugwa iwacu’

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko Uburusiya buriko bugerageza gusatira ingabo za Ukraine nu ntara ya Donbas iri mu buseruko.

Mw'ijambo yashikirije nijoro ku wa gatandatu mw'ijoro, yavuze ko bariko "begeranya izindi ngabo mu ntumbero yo gukora ibitero bishasha muri ako karere" ariko akaba yatanze ubutumwa bw'agasuzuguro ku ngabo z'Uburusiya.

Ati: "Vyobabera vyiza murondeye kubandanya mubaho mu Burusiya gusumba gutikirira ku butaka bwacu".

Ati: "Turazi ko intwazangabo z'Uburusiya ziriko zitegura abandi benshi bashasha baza guhona. Muri aba bantu, bamwe muri bo bacitse intege mu kwa gatatu n'ukwa kane, hari benshi bariko barinjizwa ariko batavyishimiye cane, mbere batamenyereye n'intambara".

"Buri Murusiya arashobora kurokora ubuzima bwiwe".

Zelensky avuga ko Ukraine iriko irakora "ibishoboka vyose" kugira ngo habe igikorwa co guhungisha abasirikare n'abasivire amajana n'amajana bagotewe mu gisagara ca Mariupol.

Avuga ko Ukraine iriko irakorana n'incuti zayo mu gufatira Moscou ibindi bihano kandi ko yizeye y'uko ingingo yo gufatira ibindi bihano ku gitoro igihe gusohoka "vuba cane".

Avuga ko ibarabara ry'ikibuga c'indege ca Odesa ryabomowe rigiye gusanurwa, yongera yemerera igihugu ko ibisagara vyigaruriwe n'ingabo z'Uburusiya, harimwo Kherson, Melitopol na Berdyansk bigiye kubohorwa.

Ni mu gihe ariko Uburusiya bubandanya bushinga imizi mu gisagara ca Kherson, nk'uko umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Ubwongereza abivuga, aho amenyesha ko Uburusiya bugomba gutsimbara mu nzira ya poritike n'ubutunzi muri ako karere.

Iki gisagara co mu bumanuko bwa Ukraine cigaruriwe n'ingabo z'Uburusiya mu ntango z'ukwa gatatu, kikazofasha Uburusiya gukomeza ubutegetsi bwabwo muri Crimée/Crimea, bwongere bworoherwe mu bitero amaja mu buraruko no mu burengero, nk'uko ubutumwa bw'ubushikiranganji bwacishijwe ku rubuga rwa Twitter bubivuga.

Kuva uno musi, mu ntumbero yo gutsimbataza ubutegetsi bwabwo muri ako karere, Uburusiya bwatanze ikiringo c'amezi ane kugira ngo ifaranga ryabwo, rouble, rizobe ryasubiriye irya Ukraine, hryvnia.

Ni mu gihe bivugwa ko Ingabo za Ukraine zasubije inyuma iz'Uburusiya mu micungararo ya Kharkiv.

Igisirikare ca Ukraine gitangaza ko ejo ku wa gatandatu cigaruriye uturere tune turi mu buraruko no mu buseruko bw'igisagara ca Kharkiv, ari two agace ka Roganka, Ruska Lozova, Slobidske na Prelesne.

Ikigo Institute for War Studies, gikora ubushakashatsi ku bijanye n'ivyo kwivuna abansi hamwe n'imigenderanire, kivuga ko ibi biri mu rukurikirane rw'ibitero vyo kwivuna ingabo za Ukraine zagize hanze y'ico gisagara.

Ingabo za Ukraine "zarigaruriye uduce tutari duke mu buraruko no mu buseruko mu micungararo y'igisagara", kikavuga ko ibi bizotuma uturere dutuwemwo n'abanyagihugu tumaze igihe duterwa ama bombe turonka akoyoko.

Ibi bivugwa mu gihe Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya butangaza ko ingabo zabwo zirwanira mu kirere zakoroye indege z'intambara zibiriza Ukraine Su-24m mu kirere ca Kharkiv mw'ijoro ryakeye, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Ubu bushikiranganji buvuga kandi ko bwakoze igitero ku birwanisho Amerika n'ibihugu vya Bulaya vyari bihaye Ukraine, kandi ko bwasambuye ibarabara ry'ikibuga c'indege ca gisirikare hafi y'igisagara ca Odesa.

Ubu bushikiranganji buvuga ko bwakoresheje misire zidahusha, zizwi nka Onyx, mu gutera ico kibuga c'indege, inyuma y'aho Ukraine ikaba yaciye yagiriza ko yateye ibarabara rishasha ku kibuga c'indege ca Odesa.

Nancy Pelosi yabonanye na Perezida Zelensky i Kyiv

Umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika Nancy Pelosi yagize urugendo giturumbuka i Kyiv aho yabonanye na Perezida Zelensky ejo k uwa gatandatu.

Mw'ireresi yacishijwe ku rubuga rwa Twitter yerekana Pelosi mu mabarabara y'umugwa mukuru wa Ukraine, Perezida Zelensky avuga ko "Amerika ari yo ifata iya mbere mu gushigikira Ukraine mu ntambaraya yayo yo kurwanya igitero c'Uurusiya".

"Turabashimiye cane ku kungene mufahsa mu gukingira ubwigenge n'ubusugire bw'igihugu cacu".

Uyu mukuru w'Inama nshingamateka ya Amerika avuga ko we n'intumwa yari arongoye batewe "iteka rinini ryo kubonana n'umukuru w'igihugu wa Ukraine ejo".

Avuga ko ibiganiro vyabo vyibanze ahanini "ku mfashanyo mu vyo umutekano, ubutabazi n'ubutunzi, ariko kandi no gusanura igihugu mu gihe intambara izoba irangiye".