Ukraine: Zelensky yongeye gusaba kugeza ijambo ku nama ya AU

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Bwana Zelensky amaze igihe asaba ubufasha bw'amahanga mu ntambara igihugu cye cyashojweho n'Uburusiya
Igihe co gusoma: iminota 1

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yongeye gusaba kugeza ijambo ku bakuru b'ibihugu bo mu muryango w'Ubumwe bw'Afurika (AU/UA), nkuko bivugwa n'umukuru w'akanama ka AU Moussa Faki.

Mu butumwa bwo kuri Twitter, Bwana Faki yanditse ko yakiriye ubwo busabe mu kiganiro kuri telefone na Minisitiri w'ububanyi n'amahanga wa Ukraine.

Yavuze ko bombi banaganiriye ku cyifuzo cya Perezida Zelensky cyo "kugirana umubano wa hafi cyane na AU".

Bwana Faki ntiyahishuye niba ubwo busabe buzemerwa, ariko yanditse kuri Twitter ko "nashimangiye ko hacyenewe umuti unyuze mu mahoro" ku ntambara n'Uburusiya.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.

Muri uku kwezi kwa kane, Perezida Zelensky yagiranye ikiganiro kuri telefone na Perezida wa Sénégal Macky Sall, ukuriye AU muri iki gihe, asaba kugeza ijambo ku bategetsi bo muri Afurika.

Ibihugu byo muri Afurika ni byo byiganje ku rutonde rw'ibyifashe mu matora ku mwanzuro w'umuryango w'abibumbye (ONU/UN) wo guhagarika Uburusiya mu kanama kawo k'uburenganzira bwa muntu.