Mozambique: Uganda irashobora kurungikayo abasirikare kurwanya intagondwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, yavuze yuko Uganda ishobora kurungika abasirikare benshi muri Mozambique gufasha kurwanya abarwanyi biyitirira Islam mu ntara ya Cabo Delgado.
Prezida Museveni ivyo yabitangaje aho yavugana n'abamenyeshamakuru ku kirimba ciwe i Entebbe ari kumwe na Prezida wa Mozambique, Filipe Nyusi, asanzwe ari mu rugendo rw'akazi rw'iminsi itatu rugamije gukomeza umubano hagati y'ibihugu vyombi.
Ariko Uganda isanzwe ifise inteko z'abasirikare muri Somalia no muri Republika ya Demokrasi ya Kongo, aho igisirikare cayo, UPDF, kirwanya umugwi Allied Democratic Forces, umugwi w'abarwanyi b'abanye-Uganda ufise icicaro mu buseruko bwa Kongo, ukagirana imigenderanire n'umugwi Islamic State.
Museveni yavuze yuko mu igihe ibikorwa vy'abo barwanyi bitohagarikwa, kurungika abasirikare benshi vyogira ico bishitseko.
Uganda ariko isanzwe ifasha abasirikare ba Mozambique mu kubaronsa ibikoresho vya gisirikare.
Umukuru w'igihugu ca Mozambique, Filipe Nyusi, yavuze yuko Uganda ifasha cane igihugu ciwe kandi yuko hari ibindi vyinshi biri munzira.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abasirikare b'u Rwanda hamwe n'abo mw'ishirahamwe ry'akarera ka Afrika y'ubumanuko, SADC, basanzwe bariko barafasha igisirikare ca Mozambique kurwanya intagondwa.
Icigwa c'ikigo gifise icicaro i Geneve, Global Initiative Against Transnational Crime, ariko coco mu kwezi kwa kabiri uno mwaka caragabishije ko abarwanyi biyitirira Islam baguye ibikorwa vyabo imbere no hanze ha Mozambique naho inteko mpuzamakungu zaje gufasha.










