Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuntu agira kabiri vyemejwe ko yahitanywe na Ebola muri DRC
Umurwayi agira kabiri yahitanywe na Ebola muri Republika ya Demokrasi ya Kongo nyuma yaho ikiza gishasha cadukiye mu muji wa Mbandaka, mu ntara ya Equateur.
Ishami rya ONU rijejwe amagara kw'isi, OMS, ryavuze yuko uwo muntu wa kabiri ari umugore wo mu muryango w'uwapfuye ubwa mbere.
Mu kiganiro kuri telefone, Dr Gervais Folefack yabwiye BBC ko "vyari bigoye kugira umugwi w'abajejwe kurwanya ico kiza ushobore kumenya iyo yagiye kuko yawutorotse akaja mu masengesho".
Yongeyeko ati "igihe uwo mugwi washikira uwo mugore, amazi yari yamaze kurenga inkombe. Yacikanye atararonswa ubuvuzi na bumwe. Abo bose uko ari babiri bapfubwe hisunzwe amategeko yo kwirinda".
Kuwa mbere abajejwe ivy'amagara bavuze yuko abantu barenga 100 bamaze kumenyekana ko bashobora kuba barahuye n'abo bahitanywe na Ebola, hakaba hitezwe ko urucanco rutangwa muri ino ndwi.
Kongo iramaze kubonekamwo ibiza vya Ebola 13, harimwo kimwe caheze mu myaka ibiri iheruka, kikaba carahitanye abantu barenga 2000.
Ibipimo vyasuzumwe mu kigo gikuri gipima indwara i Kinshasa vyerekana yuko iki kiza gishasha ataho gihuriye n'ivyakibanjirije.
Amatohoza arabandanya yo kumenya aho iki kiza coba carazananye.
Inkingo 1.300 zirategekanywa kurungikwa i Mbandaka zivuye i Goma mu buseruko bw'igihugu, gukingira bice bitangura kuwa gatatu.