Erik ten Hag: Manchester United yagenye uwahora amenyereza Ajax nk'umumenyereza mushasha

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United yagenye uwahora amenyereza Ajax, Erik Ten Hag nk'umumenyereza mushasha.
Uwo muholande w'imyaka 52, agiye gusubirira umumenyereza mfatakibanza Ralf Rangnick mu mpera ry'iri higanwa, mu kiringo c'imyaka itatu, ashobora kwongerwako uwundi mwaka.
Rangnick, yari yasubiriye Ole Gunnar Solskjaer yirukanywe mu kwezi kwa cumi na rimwe, bitegekanijwe ko aja mu kibanza c'umujenama.
Ten Hag azoba abaye umumenyereza wa Man Utd agira gatanu inyuma y'aho Sir Alex Ferguson afatiye akaruhuko k'iza bukuru mu 2013.
Ten Hag yagize ati: "Ni iteka rikomeye kuri jewe kugenwa kuba umumenyereza wa Manchester United kandi nkaba niteguriye n'ibikorwa biri imbere bindindiriye.
"Ndazi kahise k'uyu mugwi w'igihangange n'inyota y'abafana, nkaba rero niteguriye cane guteza imbere uyu mugwi kugira ushike ku ntambwe ukwiriye."
Umugwi wa United uri mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa rya 'Premier League' mu gihe hasigaye inkino zitanu muri uyu mwaka, amanota atatu inyuma ya Tottenham, uri mu kibanza ca kane.
Ajax iri mu kibanza ca mbere mw'ihiganwa ryo muri Hollande - ikaba irusha amanota ane PSV Eindhoven - ikaba inasigaje gukina inkino zitanu, n'aho batsinzwe n'abakeba babo mu rukino rw'igikombe c'ico gihugu.
Ten Hag, yamenyereje Ajax kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri 2017, yarabashikanye mu nkino z'igikombe c'ibihugu vya Buraya, atwara n'ibikombe bibiri mu 2018-19 hamwe na 2020-21.
Bashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'igikombe ca Buraya mu 2018-19, habura gato ngo baje mu nkino za nyuma, bivuye kuri Tottenham yaciye igombora.
Itorwa rya Ten Hag ryahora rinuganugwa co kimwe n'umumenyereza wa Paris St-Germain Mauricio Pochettino, inyuma y'ayo n'uwa Seville Julen Lopetegui ashiriwe mu majwi.
Vyitezwe ko Ten Hag azana uwahoze ari umumenyereza canke umukinyi wa United kumufasha, na cane cane ko uwari asigaye afitaniye isano na Solskjaer, Mike Phelan, ashobora kutaguma muri uwo mugwi.
Solskjaer yirukanywe bivuye ku rukino Manchester United yatsinzwemwo na Watford 4-1 rwatumye uwo mugwi umanuka mu kibanza c'indwi.
Kuva Rangnick ashikiriye uwo mugwi itariki 3 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, United yari imaze gutsinda incuro icenda, inganya incuro zitandatu, itsindwa incuro 19.










