Ukraine: Inkuru y'umugeni yahungiye muri India avuye Kyiv atwaye imashini yo guteka ikawa

Ahavuye isanamu, Anubhav Bhasin
- Umwanditsi, Na Geeta Pandey
- Igikorwa, BBC News, Delhi
Mu kwezi guheze, igihe ibibombe vyariko bigwa nk'imvuga ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, Anna Horodetska yugaye inzu yiwe afata akayira ahungira mu Buhindi, afise udupira duke n'imashini yo guteka ikawa - agashimwe yahawe na inakuru mu kumwifuriza ubugeni bwiza.
Igihe uyu mugeni w'imyaka 30 yari asanzwe akorera ikompanyi y'inyabwonko (IT) ashika ku kibuga c'indege c' i Delhi mu Buhindi, yakiriwe na Anubhav Bhasin, umunyamategeko w'imyaka 33 bari bamaze umwaka urenga bareshanya.
Igihe ingoma zasamirana bigina, Anubhav yakubise igipfukamiro hasi mu kumusaba ko bubakana, maze aca amwambika urupeta ku rutoke, hanyuma nawe ati ego.
Ku wa Mungu, niho bubaka urwabo mu birobi vyitabiriwe n'abakunzi bake ku mugwa mukuru w'Ubuhindi. Mu mpera z'uku kwezi niho bazoja kwandikisha ubugeni bwabo muri sentare kugira ngo babane biciye mu mategeko. Kuri visa y'umwaka umwe ya Anna, handitseko y'uko intumbero y'urugendo rwiwe mu Buhindi ari "ukurongorwa na Anubhav Bhasin".
Bamenyanye mu kwa munani 2019 ku gihamana, bahuriye mu kabare igihe Anna yari ku rugendo ari umwe atera aja mu Buhindi. Bahanye inomero, baca babandanya bavugana kuri Instagram, ibindi navyo, nk'uko babivuga, ni ivya kabise.
Urukundo rw'aba bantu bava ku migabane itandukanye rwagiye ruhura n'inzitizi kubera ikiza ca covid, amabwirizwa yo kwikumira n'amategeko y'ingendo z'indege atari yoroshe, hanyuma impera ya vyose ikaba ari igitero c'Uburusiya kuri Ukraine, igihugu ca Anna.
Anubhav ati: "Gushika mu mpera za 2019, twarayaga cane".
Mu kwa gatatu 2020, Anna yarasubiye aragenda mu Buhindi ari kumwe n'uwundi mukobwa mugenziwe, ari ho Anubhav yaciye abatwara ahitwa Agra - kugira ngo abereke icitwa Taj Mahal, icibutso c'urukundo- hamwe n'ubugaragwa bwo muri reta ya Rajasthan.


Ahavuye isanamu, Anubhav Bhasin

Igihe Ubuhindi buja muri ya mategeko ya guma mu rugo, Anubhav yaciye abasaba ko boguma muhira iwabo i Delhi.
Ati: "Ni muri ico gihe rero ibintu vyaciye bikomera cane, bica biboneka ko twari koko dukudanye. Niho twaciye tubona ko atavyo gufyinana vyarimwo. Amaze gusubira i Kyiv, twabandanije tuvugana dukoresheje ubuhinga bwa videwo".
Igihe basubira kubonana bahuriye i Dubai mu kwa kabiri 2021, avuga ati "cari igihe kidasanzwe mu rukundo rwacu kuko twaciye tubona ko ari ngombwa kodutera iyindi ntambwe".
Inyuma y'aho, ibintu vyaranyarutse - mu kwa munani akaba yaramugendeye i Kyiv hanyuma mu kwa cumi na kabiri Anna nawe asubira mu Buhindi.
Anna ati: "Ku musi wa nyuma w'urugendo rwanje, nyina wa Anubhav yadusavye ko tworongorana mu kwa gatatu. Twaravugana ivyo kurongorana ariko mu mwanya umwe vyari bitangaje kubona binyarutse. Ariko naguma niyumvira nti 'kubera iki tutobirangiza?' ".
Anubhav ni uwo mw'idini ry'aba Hindu Anna nawe akaba umukristu, vyumvikana rero ko ubugeni bwabo bwategerezwa kuja muri sentare bakubakana hakurikijwe amategeko adasanzwe, ibintu bikaba vyashobora gufata ukwezi kwose, nk'uko Anubhav abivuga.
Rero baciye bafata ingingo ko Anna asubira mu Buhindi mu mpera z'ukwa gatatu kugira ngo batangure imyiteguro nawe akimukira burundu mu Buhindi.

Ahavuye isanamu, Anubhav Bhasin

Ariko rero ng'iyo intambara iradutse.
Anna ati: "Twari tuzi ko ibiganiro vyanse ariko tukagumana icizere ko intambara ishobora kuzibirwa. Abenshi twibaza ko yari kubera ku mupaka kandi ko Kyiv ataco yari kuba.
"Ariko ku wa 24 ruhuhuma (2), navyukiye mu rwamo rw'amabombe, ico niyumviriye ubwa mbere cari 'ndiko ndarota?' Niho rero mu nyuma nabona ubutumwa buvuye kwa Anubhav no ku bandi bwemeza ko koko twari twatewe".
Abenshi mu bantu yari azi baciye batangura gutekera utwabo ngo bahunge hanyuma abagenzi biwe bamuhanura ko nawe nyene yokora nkabo.
Igihe ibibombe vyagenda vyiyongera, umusi ukurikira yaciye yimukira mu nzu yo mu kuzimu ari kumwe na nyina wiwe n'imbwa yiwe.
Ati: "abantu bari buzuye. Hari amategeko yo kudasohoka kandi ntitwari twemerewe kuva mu nzu yo mu kuzimu, ariko vyaba ngombwa ko nsohoka nkaza gufata akayaga no gutembereza iyi mbwa. Igisagara cari cuzuye umunuko w'imyotsi, ikirere naco catukurije".
Mu misi mike imbere y'uko Uburusiya butangura gucucagira amabombe Ukraine, Anubhav yaguma amusaba ko yova mu gihugu kuko yabona ko intambara yagomba yaduke, ariko Anna yagumye yijijanya imitima akumva ko atogenda asiga imbwa yiwe.
Ariko mu gatondo ko ku wa 26 ruhuhuma, igihe afata ingingo yo kuva mu gihugu, Anubhav yaragerageje kubimukuramwo.
Ati: "Gushika ico gihe, ibintu vyari vyamaze kuba nabi. Amabombe yabandanya yisuka mbere n'igituro ca gari ya moshi cari kure, mu gihe ata n'ama taxi yari ahari ngo abunguruze. Naguma mfise ubwoba ko yashobora gusohoka ibintu bikagenda nabi. Rero namubwiye ko vyiza ari uko yoguma muri iyo nzu yo mu kuzmu".
Ariko mu gitondo c'umusi wakurikiye, yaciye aronka taxi maze ashobora kugera ku gituro ca gari ya moshi. Amaze gushikana nyina wiwe n'imbwa yiwe mw'igari ya moshi kugira ibatware iyo inakuru avuka, wewe yaciye yurira gari ya moshi imushikana i Lyiv ku rubibie rwo mu burengero.
Mu rugendo rwo kuva muri Ukraine, yabanje kuja muri Slovakia, hanyuma muri Pologne - ariho yarindiriye indwi zibiri mu gihe Anubhav nawe yariko akorana n'ibiro vy'ubuserukizi bw'Ubuhidi amuronderera visa - hanyuma ahava aja i Helsinki muri Finland, ari naho yategerezwa kwuririra indege.
"Si nigeze nsinzira na gatoya ndi mu ndege. Naguma mfise ubwoba. N'aho tutariko duca mu karere k'intambara, naguma mfise ubwoba ko indege yari gushobora guterwa na misire igaca ikoroka".

Ahavuye isanamu, Anna Horodetska
Mu gatondo ko ku wa 17 ntwaranhte (3) igihe ashika ku kibuga c'indege, hari ubutumwa bwa Anubhav bumurindirye - bwavuga ko yariko aracererwa gato.
Ati: "Nari mbabaye cane. Nari ndushe. Numva nshaka gutaha nkaryama. Ariko nsohotse, niho yari ari, umuziki ari wose n'ibisharizo".
Mu gihe incuti za Anubhav zariko zerekana umunezero, abari aho nabo baciye bifatanya nabo bakoma amashi bafata amashusho y'ivyariko biraba, wamengo ni ireresi y'urukundo ya Hollywood.
Anna ati: "Ntavyo nari niteze kuko muri rusangi Anubhavni umuntu adatwarwa n'ibishobisho, ariko vyabaye ibintu bitangaje rwose".
Mu gihe bamaze kwubaka urwabo bakaba batanguye ubuzima bushasha, Anna avuga ko intambara irangiye azosubira i Kyiv "kwegeranya utwanje ntore n'imbwa yanje".
Mu nkuru yabo y'urukundo iryoheye umutima, bavuga ko "intwari nyayo" ari iyi mashini yo guteka ikawa.
Anna ati: "Mu mezi make aheze, nabwiye nyokuru ko ndi mu kuja kwubaka, aca ampa amahera makeya kugira ngo ngure agashimwe. Kubera nzi ko Anubhav akunda ikawa, naciye mfata ingingo yo kugura imashini yo guteka ikawa. Hanyuma igihe mva i Kyiv, vyabaye ngombwa ko ngenda ndayitwaye. Anubhav yaguma ambwira ati ntiwigore, tuzorondera iyindi hano, ariko mu mutwe jewe naguma mvuga nti ni vyanka ko nsubira muhira vuba, bizoca bigenda gute?"
Anubhav nawe yongerako ati: "Anna ni umuntu yize ivyo gusiga abikora [maquilleuse/make-up] ariko yahevye ibintu vyiwe vyose bizimvye yakoresha kugira ngo azane iyi mashini yo guteka ikawa. Nibaza ko iyi mashine ari yo ntwari nyayo mu nkuru y'urukundo rwacu".











