Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia: Reta ivuga ko izofatira ingingo abaturiye umugabo abona
Reta ya Ethiopia imenyesha ko itegerezwa gufatira ingingo abantu babonetse mw'ireresi yazungurutse cane iberekana bariko baraturira umugabo abona.
Iyi reresi yerekana abagabo bambaye impuzu za gisirikare batuka uyu mugabo mu nyuma bakamuturira abona, yarazungurutse cane ku mbuga hwaniro.
Abategetsi bavuga ko aka kabi kabereye mu ntara ya Benishangul-Gumuz iri mu buraruko bw'igihugu, ahakunze kubera indyane z'amoko.
Intara ya Benishangul-Gumuz ni yo yubatsemwo rwa rugomero rw'umuyagankuba runini ku ruzi rwa Nil y'Ubururu (Nil Bleu) rwatanguye gutanga umuyagankuba mu kwezi guheze.
Mw'itangazo ryasohowe na reta kuri uyu wa Mungu, umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu uvuga ko ibi vyabaye inyuma y'umutego watezwe n'abantu bitwaje ibirwanisho ugahitana abasivire batatu bariko baja kuri urwo rugomero hamwe n'abajejwe umutekano bababa 20 bari babaherekeje.
Hari bamwe muri abo bitwaje inkoho bapfuye um kurasana kwakurikiye, nk'uko uyu murwi ubivuga.
Uyu murwi uvuga ko abajejwe umutekano baciye bafata abasivire bo mu bwoko bw'aba Tigray baba muri ako karere babagiriza ko bakingiye ikibaba abateze uwo mutego, baca barabica, babicana n'abandi basivire babiri bashatse kubabuza.
Uvuga ko ibiziga vy'aba bantu bishwe vyaciye bijanwa mw'ishamba ryari ng'aho hafi, babiturirana n'uwundi munya Tigray yafashwe yinyegeje, ari na we yaciye aturirwa abona.
Ingabo za reta, abarwanyi bo mu ntara ya Amhara hamwe n'abo mu ntara izwi nka SNNP (Southern Ethiopian Nations, Nationalities and Peoples) basanzwe bakorera muri ako karere, nk'uko iri tangazo ribivuga.
Abatari bake bafise amakenga ko ata kizokorwa ku bagirizwa aka kabi, na rirya mu myaka mikeya iheze hari hari abafatanywe itonga bariko bakora ubwicanyi ndengerabutungane ariko kakaba akamizwe n'ingoma.
Ntibizwi neza nimba ubu bwicanyi bufitaniye isano n'intambara yo mu buraruko bwa Ethiopia, haraciye amezi 16 itanguye.