Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingwano ya Ukraine: Roman Abramovich yafatiwe ibihano n'Ubwongereza
Nyene umurwi wa Chelsea Roman Abramovich yafatiwe ibihano na reta y'Ubwongereza (UK) mu murongo w'ingingo zifatwa kubera igitero Uburusiya bwagize muri Ukraine.
Ari mu batunzi ruhebwa indwi bakozweko n'ibihano vya vuba, harimwo gufatira amatungo yabo no kubima impampuro zo kwinjira muri ico gihugu.
Urwo rutonde ruriko kandi abafise amafaranga aharurwa muri za miriyaridi z'ama dorari Igor Sechin na Oleg Deripaska, bose babonwa nk'abakorana na prezida Vladmir Putin.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yavuze ko "hadashobora kuba aho kwibera ata nkomanzi" kuri abo bashigikiye igitero.
Johnson yavuze ati: "Ibihano vy'uno munsi n'intambwe ya vuba yerekana ukudahesha kw'Ubwongereza mu gushigikira abanya-Ukraine. Nta mpuhwe tuzogira mu gukurikirana abafasha iyicwa ry'abanyagihugu basanzwe, ugusambura ibitaro n'ukwigarurira mu buryo bunyuranye n'amategeko ibihugu ducuditse vyigenga."
Reta yari imaze iminsi yotswa igitutu kugira ifatire ibihano Abramovich, yavuze ko yafashe "ingingo itoroshe" yo kugurisha Chelsea FC mu ntango z'uku kwezi.
Chelsea yatswe Abramovich mu gufatira amatungo yiwe, kugirisha uwo murwi rero bikaba bibaye birahagarara.
Reta ivuga ko uwo murwi uzohabwa uruhusha rudasanzwe rwo kubandanya inkino zitegekanijwe, abakozi bahembwe hanyuma abari bamaze kugura ama tike nabo bashobore kuraba inkino.
Abasanzwe bafise ama tike y'ikiringo c'inkino barashobora kubandanya kuraba izo bafitiye ama tike ariko ubu uwo murwi nta tike n'imwe wemerewe gusubira kugurisha. Inzu yo kugurishirizamwo ibicuruzwa na Chelsea nayo igiye kwugarwa.
Abramovich, w'imyaka 55, bivugwa ko afitaniye imigenderanire ikomeye na prezida w'Uburusiya Vladimir Putin, ariko ivyo arabihakana.
Reta ivuga ko Abramovich, aharurwako itunga ribona rya miliardi zirenga 12 mu ma dorari, ari umwe mu batunzi ruhebwa bake bo kuva mu myaka ya 90 bagihagaze neza ku ntwaro ya Putin".
Abramovich afise imitahe mu ruganda rukomeye Evraz ruhingura acier (ivyuma) no muri Norilsk Nickel akaba yagurishije imitahe yari afise muri kompanyi yo mu Burusiya y'ibitoro Sibneft kuri kompanyi ya reta ya gaz Gazprom kuri miriyaridi zirenga 13 z'ama dorari mu 2005.
Mu gihe gufatirwa ibihano bituma kazoza ka Chelsea kaja mu mayira abiri, abashikiranganganji bagerageje kwzeza uwo murwi ko "utazogirwako ingaruka mu bidakenewe".
Muri tweet, umushikiranganji ajejwe umuco Nadine Dorries yavuze ko igishirwa imbere ari uko abafashije intwaro ya Putin" babibazwa.
Yanditse ati: "Ndazi ko ivyo bizana kuja mu madidane, ariko reta izokorana n'ishirahamswe ry'umupira w'amaguru n'imigwi kugira umupira ugume ukinwa ariko kandi ibihano navyo bikore kuri abo vyerekeye".