Intambara muri Ukraine: Abanye-Nigeria riraniga kubera gufatwa nabi kw'abanyeshure ku rubibe rwa Pologne

    • Umwanditsi, Inkuru ya Stephanie Hegarty
    • Igikorwa, BBC World Service

Leta ya Nigeria yiyamirije amakuru avuga yuko abenegihugu bayo, hamwe n'abo mu bindi bihugu vyo muri Afrika, babujijwe kuva muri Ukraine igeramiwe n'intambara.

Isaac, umugabo w'umunye-Nigeria ariko aragerageza kuja muri Pologne, yavuze yuko abakozi bo ku rubibe "batariko barafasha abanye-Afrika".

Yabariye BBC ati "bariko baratwirukana badusubiza inyuma, abapolisi bitwaje inkoni bakadukubita."

Clayson Monyela, mukozi wo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Afrika y'epfo, yavuze ko abanyeshure "bafashwe nabi cane" ku rubibe.

Haranavuzwe kandi amakuru menshi yuko abajejwe umutekano ba Ukraine babujije abanye-Afrika kwurira amabisi na za gari ya moshi bibajana ku rubibe.

Osemen, umunye-Nigeria, yabariye BBC ko yagerageje kwurira gari ya moshi ari i Lviv kugira imujane ku rubibe rwa Pologne ariko abwirwa yuko abanye-Ukraine bonyine ari bo bemerewe kwurira.

Umukuru w'igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari, yavuze yuko muri Ukraine hari abanye-Nigeria bashika ku 4.000 bagizwe ahanini n'abanyeshure.

Yavuze yuko umugwi umwe wabujijwe inshuro nyinshi kwinjira muri Pologne uca ubwirizwa gusubira muri Ukraine, uca werekeza ahubwo muri Hungariya.

Mu butumwa bwa tweet, Bwana Buhari yagize ati "abahunga intambara bose bafise uburenganzira bumwe bwo kuronswa inzira ibajana ahatekanye nk'uko amasezerano ya ONU abivuga, kandi ibara rya passport canke urukoba rwabo ntivyari bikwiye kwitabwaho."

Abanye Ukraine barenga 350.000 ni bo gushika ubu baramaza kuhunga ibitero vy'Uburusiya.

'Amahoteli y'abanye-Ukrane gusa'

Ruqqaya, umunyeshure wa Kaminuza ava muri Nigeria, yariko arigira ubuganga i Kharkiv mu buseruko bwa Ukraine igihe uwo muji waterwa.

Yagenze amasaha 11 mw'ijoro imbere y'uko ashika ku rubibe rwa Medyka rujabuka muri Pologne. Yabariye BBC ati "igihe naza ngaha hari abantu b'abirabure baryamye ku mabarabara."

Yavuze ko yabwiwe n'abarinzi bitwaje inkoho ngo arindire kuko hagomba kubanza kwinjira abanye-Ukraine. Yarabonye amabisi yuzuye abantu avuga ko bari Abazungu, yemererwa kurengana urubibe mu gihe abanye-Afrika bake gusa ari bo batoranywa mu mirongo.

Nyuma yo kurindira amasaha menshi, yahavuye yemererwa kujabuka ashika i Warsaw, aho yafatiye indege imutahukana muri Nigeria.

Asya, umunyeshure yigira ubuganga wo muri Somalia yiga i Kyiv, nawe abara inkuru nk'iyo. Ashoboye gushika muri Pologne, avuga ko yabwiye yuko "uburaro bwo mu mahoteli ari ubw'abanye-Ukraine gusa".

Igipolisi gicungera imbibe muri Pologne cabwiye BBC yuko abantu bose bahunga intambara muri Ukraine bariko barakirwa muri Pologne hatarabwe ubwenegihugu bwabo.

BBC yagerageje kuvugana n'abajejwe urubibe muri Ukraine ariko gushika ubu nta nyishu baratanga.

Umushikiranganji wa Nigeria ajejwe imigenderanire, Geoffrey Onyeama yavuze ko yavuganye na mugenzi wiwe wa Ukraine, Dmytro Kuleba kandi ko yamwijeje ko abajejwe gucungera urubibe muri Ukraine bahawe amategeko yo kureka abanyamahanga bahunga Ukraine bakarengana ata nkomanzi.

Ubushikiranganji bwa Nigeria bujejwe imingenderanire ubu bwahanuye abanyagihugu babwo kuva muri Ukraine bakaja muri Hungariya canke Romania, hako bogerageza kwinjira muri Pologne.

Uwuserikiye Nigeria muri Romania yabariye BBC ko gushika ubu abanye-Nigeria hafi 200 - bagizwe ahanini n'abanyeshure - bashitse ku murwa mukuru Bucharest bavuye muri Ukraine. Safiya Nuhu yavuze yuko abandi benshi bakiriko barashika.